IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bahamagariwe kuzokwitaba imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo (...)

Abanyagihugu bahamagariwe kuzokwitaba imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahurikiye mu runani FORSC amenyesha ko yatanguje isekeza "DUHAGARIKE IKIRINGO CA GATATU". Ayo mashirahamwe avuga ko yagerageje guhanura Petero Nkurunziza kugira avavanure n’ikiringo ca gatatu, ariko bikaba biboneka ko yoba ari mu myiteguro y’ukuzosubira kwitoza. Mu runani FORSC bahamagarira abanyagihugu kuzokwitaba imyiyerekano izotangura umunsi azovuga ko azokwitoza mu kiringo ca gatatu.

Mw’ikete amashirahamwe ahurikiye mu runani FORSC yandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuwa 6 Ruhuhuma 2015, bamuhanura ko atokwitoza mu kiringo ca gatatu, ayo mashirahamwe akaba yamwibukije ko mw’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha, bitegekanijwe ko ibiringo vy’uwutwara Uburundi bidashobora kurenga bibiri, mu myaka cumi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaribukijwe kandi ijambo ry’umuvugabutumwa Mylens Munroe yaheruka kugendera Uburundi imbere y’uko yitaba Imana, aho yasiguye agira ati : "Abanyeporitike bakingira ibibanza barimwo, mu gihe indongozi zikingira kazoza k’igihugu n’uruvyaro.
Abanyeporitike batinya amahiganwa, mu gihe indongozi zisangira ubutegetsi. Abanyeporitike bigungirako ikibanza barimwo, mu gihe indongozi zitegura abazozisubirira."

Mu kiganiro mu runani FORSC bahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, berekanye ibimenyetso bigaragaza uburuhe bw’umukuru w’igihugu, bivanye n’imyaka cumi amaze ku butegetsi, ari naco gituma bamusavye kwubahiriza amategeko ntarenze ibiringo bibiri arekuriwe. Muri ivyo bimenyetso, twobabwira nk’ukudashobora guhana ivyaha, ipfungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abamenyeshamakuru, ukuburabuza abaririmvyi batanga ubutumwa babicishije mu ndirimbo zabo, ugutanga ibibanza n’amasoko mu kinyegero, iduzwa ry’ibiciro yaba mu gutumatumanako n’ibindi, hamwe n’ingingo z’umurwi CNTB zishirwa mu ngiro ku nguvu.
Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC amenyesha ko bagerageje kumuha impanuro ariko bikaba biboneka ko yoba yiteguriye gusubira kuzokwitoza, ari naco gituma muri FORSC bahamagarira abanyagihugu kuzokwitaba imyiyerekano yo mu mutekano izotangura umunsi umugambwe CNDD FDD uzomenyesha ko urungitse Petero Nkurunziza kuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko adatahura imigambi Petero Nkurunziza yoba atararangura mu myaka cumi amaze, bikamusaba ko yigumiza ku butegetsi kuko yoba abona mu mugambwe CNDD FDD ata wundi yoyishira mu ngiro atari wenyene, agasaba ibihugu bisanzwe bifasha Uburundi, hamwe n’ishengero Katorika ko botanga ubutumwa butomoye bwerekana aho bahagaze ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Abafashije nabo kugira amasezerano y’i Arusha yumvikanweko, basabwe guhumuriza Petero Nkurunziza, bamwereke ko atakiri umukuru w’igihugu azobandanya kubaho nk’abandi bose bahoze batwara Uburundi, ahabwe uturusho nk’abandi, yongere ashirwe mu nama nkenguzamateka ubuzima bwiwe bose nk’uko bisanzwe bitegekanijwe n’amategeko. Nk’uko Pacifique Nininahazwe yabishikirije muri ico kiganiro, abashingantahe, abarongoye Ekereziya Gatorika n’abandi bose bari bakwiye guhumuriza Petero Nkurunziza, bakamukuramwo ubwoba yoba afise ko atakiri umukuru w’igihugu ashobora guca akurikiranwa mu butungane.

JPEG - 95.4 ko
Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE

Egide Nduwimana

Messages

  • Nahora’numvamuvuga’nonensanzemwese murab’iBururi nim
    utumeko’baso’nabanyoko’nibobobitaba’mwanka’muvyemera’ntagihugu muzosubiragutwara’Pacific’wee’ washesh’amaraso’yabenewanyukuri kaminuza non’ubunaho’ng’ushak’imyiyerekano?turindire’CVR.

  • Pacifique we urateye isoni, jewe sindakuzi naje ntunzi kandi sipfuza no kukumenya kuko wewe ntabwo uri umurundi. Iyo uba uri umurundi ntabwo ubawifuriza ko uburundi bwofatirwa ibihano hamwe n’imfashanyo bwahora buronka. Ivyo wabivuze uri muri suisse muri Novembre 2014, nabibonye kuri Youtube, kuva icogihe naciye mbona ko wewe uri igihemu utari n’umurundi kuko naho hoba hari amakosa ntiwokwifuriza uburundi n’abarundi ko borwa mumanga y’ubukene. Kubijanye n’ikiringo ca gatatu ca Nyenecubahiro umukuru w’igihugu, umugamwe CNDD-FDD umwizeye who are you to say no, remember:AHO ABAGUMYABANGA BASHIZE NTA..............

    Ico no hanura Pacifique na Vital, mwirinde akajagari kuko ubu Uburundi sibwabundi bwakera bwa Ville morte,mukazobigira muzoba mwiyahuye kuko uburundi ntibugisubira inyuma. Remeber! AGAPFUYE KABAZWA IVU!

    FROM:Jean Luc Muheto

  • We Muheto na wewe wundi ngaho, erega nta n’imitima mugira!!!! Abagumyabanga abahe ko Petero bose yabatoteje!!!! Uvuga Bunyoni na Adolphe hamwe n’anadi baharurwa ku ntoke!!!! Mbe ngaho mwifatira mu gahanaga Pacifique n’abo bandi muvuga ivyo mutazi, muca imigani itagira mvura nk’imwe Peter akunda guca, iyumvire kazoza k’igihugu. Irabire, mu mashure, mu butunzi, akazi, amagara y’abantu, etc, rien ne va!!!! None Peter ashaka ikiringo ca gatatu c’iki? Co guhamaba Uburundi n’abarundi!!!! Muce imigani mugomba, mutukane uko mugomba, abarundi twese, abahutu, abatusi, abatwa turahakanye 3ieme mandat ya Peter kandi agahirahira ngo agire y’itoze, ni wa mugani yama aca ngo uwuzotangura intambara izohera iwe iherere iwe. Basha, izohera kwa Peter abe ariho iherera imuhitanye. Impanuro: n’agende bigikunda kandi agende neza. Yumve impanuro za Niyombare, Nimbesha, Ntamwana, Etats Unis, Eglise Catholique n’abandi.

  • Yesu christo atabare abarundi nigihugu cyiburundi umwami nyiringabo ahagenderere nkuko yagendereye abisiraheri uwiteka nyiringabo abakingire igicu nkuko yagikingiye abisiraheri bakurikiwe ningabo zafarawo ababere urumuri nkuko yabereye urumuri abisiraheri abarwanire nkuko yarwaniye abisiraheri bageze iyeriko gutabarwa kuboneke nkuko abruham agiye gutamba isaka igitambo cyabonetse amahoro yayesu abanenamwe mwese mukunda uburundi na barundi

  • Wewe wiyita jean luc, nagira uvuga ko mwarikumwe igihe yanka izo nfashanyo, urabaza abo vyajanye sha, utababajije naho unume kuko ico nyene catumye ashikayo nawe utagiye nico cotuma umukurako induru ku musonera ntavyo woshobora..nawe james ntubeshe ntimwiganyeeeeeeeeeeee!!!!!!!!!!!!

  • jean iyo dutanga comments ntabwo dutukana ahubwo dutanga ibitekerezo byubaka igihugu atari ibyo gusenya(gusambura).hariho ibwirizwa shingiro ,amasezerano ya arusha........itegeko riberaho gukingira abanyagihugu urirenzeho agahanwa..........ntabwo wakwicya umuntu ngo abanyagihugu baragushigikiye kandi warenze kwitegeko kandi nta gihugu gipfakara .......ahari abagabo ntihagwa ibara nabandi bokora byiza kumurushya kuko ntawavukiye gutegeka igihugu nabandi barahari bogitwara......none abashizeho amabwiriza baribeshy??????????????? Nkurunziza ko atayanse mbere hose???????

  • PACIFIC JEWE NIBAZA KO NKURUNZIZA AGUTEYE UBWOBA!!!!!!!!!! WEWE KOWIVUGIRA KO ABAKURI INYUMA ARI URWENDA NURWOBEZA; NTIWOKWITOZA NGOMUZE MUHIGANWE NA NKURUNZIZA; UMWEREKE ICO UMURUSHA NICO WAMARIYE ABANYAGIHUGU???????? NARIRYA UMWITA KO ARI UMWICANYI; UMUSUMA KANDI NGO NTANICO ASHOBOYE ATARI UGUKINA UMUPIRA!!!!!!!! PACIFIC JA KUKIBUGA CA POLITIKE; UMURUSHE AMAJWI WEWE WAZANYE AMAHORO NITERAMBERE MUGIHUGU. UREKE KWIRIRWA URASHINGA IYO MIRWI YABARWANYI M26. JEWE EJO NUMVISE KO IYO UTURUKA NAHONYENE WAMAZE KUWUSHIKANAYO NGO URWANYE SERAPIYO NIVYO????????? JEWE NIBAZAKO UBWO BUTUTSI BWAWE; BUTARUTA EDMONT NDAKAZI NABO BARIKUMWE NA FIRME NABO BARIKUMWE HAHAHAHAHAHAAAAA

  • Hahahahah ivyo urikubivuga kubera ko arubutegetsi bwaba Bahutu igihe abatutsi batwara kwatavyo mwavuga Buyoya agitwara hononekaye ibigana gute kuri Bagaza abahutu bariga amashuri tekerezer mutwagwe mu myiyerekano umugore wawe nabana bawe bajojimbere na bavyeyi bawe ucugenga kumusaga na ngagara namatana muzojimbere mumyiyerekano tuzobone abatutsi benshi kimwe mwogomba mugatekereza tukabana JANA SIO LEO .

  • Nyenicubahiro President Nkurunziza akwiriye kwibutswa ijambo yabwiwe na Musenyeri wa Anglican mu Kigobe 2005 umunsi arahira, bamaze kumusengera. Yamubwiye ati : "NYAKWUBAHWA, TURAGUSABIYE IMIGISHA N’UMUHEZAGIRO. ARIKO NIYO HAGERA KO UKINJURA NTUZE UGORE ABARUNDI NK’UKO BIRI HIRYA NO HINO MURI AFRIKA." Ndacibuka amashi n’agatwengo vyasamiranye mu Kigobe imbere ya 5 Presidents, Abarundi twese tubikwirikiranira kuri TV. Niyibuke iryo jambo, Abarundi turimwibutse, aba journalistes basubire muri archives baryibutse abarundi na H.E Nkuru. Murakoze

  • Ndakeje ik iciyimviro ca Societ Civil 100% reka twikureko CNDD FDD bifata nkabantu umengo bafashe igihugu numuheto kandi aritwebwe abanyagihugu twakibahaye komera batama mwebwe muzopfe kutubwira gusa murabe!!!!!!!!

  • Kiki’twarikwiganagute? NtiwumvakoPacific yariyanyomoye?
    Narindire’CVR.

  • @Pacifique Nininahazwe. J’ai enormement aime ton intervention de ce mercredi sur Kabizi. Je te propose d’organiser rapidement un mini-colloque/atelier sur la Clarte Constitutionnelle quant a l,ineligibilite du President Nkurunziza. Envoie un Appel a Contributions sur le net et on fera le reste, meme virtuellement. Nous devons non seulement mobiliser l’opinion interieure (ce que vous faites brillamment) mais aussi et SURTOUT demontrer aux partenaires, analyses a l,appui, que la question du 3eme mandat est un faux debat. Justification: Avant d,annoncer sa candidature, Nkurunziza cherchera sa pseudo-legalite en demandant a la Cour Constitutionnelle d,interpreter la constitution en sa faveur. Nous devons lui couper l,herbe sous les pieds pour aider son propre camp a le forcer a la sortie.

  • Abeshitwaramaze kumenya imipango yaboyose iyiva ikagera kugerubu baramaze gukoresha iyirengagato icakabiri, tumazekubonarero kobafise imipangomyishi twahisemwo kwitwararika umupango umwegusa arinawo witwa intambara, kuvyokujamwibarabara barajayo ekambere natwe tukahaba akajisho kabakariko karareba ko bobabafise akarwanisho igiherero tuzobonera bagize iyomyigaragamvyo tukaramukatubonyemwo akarwanisho icogihe murazokurikirananeza tuzoca dusidukana niyonka kubafasha imwigaragamvyo.

    Ubuhoho simumirongo icenda nagatatu harivyamoko ugasanga abana abakecuru amagore ekambese nabasore nabagabo bomumokoyose bataribazi iyo ibintu vyazananye bagiriwenabi bazira ivyobatazi iyovyazananye, ubuhoho twizeyeko abazozana ivyintambara bazobabazwi bazoronderwa kunzukunzu ntabwohazoronderwa umuryangowabo.

    PASIFIKE NGWASHAKA AZORUHUKE ABAHUTU BOMUBURUNDI ABATAYE MURUDUBI NGONKUKO ABAHUTU BOMURWANDA BATAWE MURUDUBI!
    NGOKANDI AZOGERAGEZA UKWASHOBOYEKWOSE NGWAKORANE NABAHUTU KUGIRA IVYABWIRA ABANTUBATANDUKANYE KWISIYOSE VYOROHE KUMUTAHURA.
    NGOHAGIZE IKIZOVAMWO NGWABAHUTU BAZOBABARAKORANYE NGOYOZA KUBAKORESHA AMAKOSHABIROROSHE NGOBAGASHIRIRA MUMINYORORO ABANDIBAGIRIWE UBUNTU BAHUNGE.
    KUBERARERO IVYOTWABIMENYE KANDI AKABAWEWE ARIMUBABABAJWE NUKO ATAMUNTU AKIZIRA UBWOKOBWIWE TURAKOMEZA KUMUCUNGISHA IJISHO IGIHEKCIWE NICAGERA MUZOBONA UKUNTU UMURIRO AZOCANA ASHAKA GUTAMURUDUBI ABANDI TUWUMUZIMIRIZAKO.

    KUGERUBU HARIHO IMIGAMBWE IMAZEGUSHIKA ITATU YAHORA IMUBONA NKABANDIBATUTSI BAKORANANEZA NAYANDIMOKO YAMAZE KUMUHINYURA ARINACOGITUMA EJOBUNDI NIMWABONA KUMATORA YUMUKURU WIGIHUGU IYOMIGAMBWE YIHEREYE AMAJWI DD NTIBIZOBATANGAZE!.

    IKINDI KUVAHO PASIFIKE AVUGIYEKO HAKWIYEKUBAHO AMASHIRAHAMWE YABATUTSI AHARANIRA INYUNGUZABO NA RWASA AGATHON MUMISI MUZOBONA IVYOYARIMAZEMWO IMISI ARIKO ARAFATA IYINDINZIRA MBESE BIVURWAKO AGIYEKWIHATIRA GUSUBIRANA NABOBAGORANWE KUGIRA MUMATORA AZOSUBIRANE IKIBAZACIWE CAKABIRI BAMUTESHEJE MUMWAKA WABIBIRI NACUMI (2010)

    AMATWI ANSUMIRA NGOBARASHAKA MURIKAZOZA KO IMIGAMBWE YA DD NA FNL IZOBA YIBIHANGANGE BIMWEBIBONEKA ARINACOGITUMA ABAFRODEBU BESHI NABA CNDD BANYANGOMA BAVUGAKO MUGIHE FNL YOKWIYUNGA NGONIYO MUMATORA BAZOCABAHA AMAJWI.

  • Mbega wewe wita james, ubwo urakomeye neza mu mutwe? Pacifique yishe yashe amaraso y’abewabo kuri kaminuza mu mwaka wa ryari? mwariganye ko mu nyandiko zawe umengo ntiwize! Niba uburundi busabwa gutwagwa nabo intoke zabo zitariko amaraso woca uzana aba DD bica na bakecuru n’abana bagashira indobo z’amazira ntoke ku ngoro zimigambwe yabo badasangiye ivyiyumviro? Mu kwandika kuri uru rubuga uzohore ureka kuzana nyoko na so ngaho.

  • @james, jean luc n’abandi banditse kuri uru rubuga bashigikiye ibihengamye : mbega none izo nduru, ivyo bitutsi, ivyo vy’ugucira imisi Pacific, umushingantahe w’ijunja n’ijambo, w’imvugakuri, mubivana kuki? NTA WUNDI MUNTU YIZE AKWIJE IBISABWA N’AMATEGEKO AHO MURI DD MUFISE??????????? Ivyo navyo vya CVR, iyo ni made by dd, kuko jewe sindayemera : irimwo Korotirida bivugwa ko yivye amatora ya 2010 (d’apres Manasse) ikongera ikabamwo na chadrack niyonkuru, umwe yandika "PLAN JUIN" cari igitabo kirimwo plan yo guhonya Abatutsi muri 1993. N’abandi rero ntarinze kuvuga. Uwo yavuze ko hatwara abahutu, yihenze ahubwo hatwara aba "HUTSI". Abo nabo kuko bataba batomoye, baca bakora ibidatomoye nyene. Hanyuma ivyo vy’ingwano navyo, iryo ni iterabwoba ry’ibikanganyoni, ehe ndabereke : igihe Rwasa arengutswa mu butungane, mwari he? Ko ntabonye uwukomakoma birya "Vyuma vy’indege" vyari bimuherekeje??? Ku ndwi iheze, ko habaye imyiyerekano ku wa gatatu na bukeye ku wa kane, mwari he??? Ingwano izohera muri dd itewe n’aba dd bonyene ubwabo, hanyuma yongere iherere muri bo nyene. IKIBARIGWA NI ICUMVA, NAYO ICEREKWA NI IKIBONA".

  • mbega kwihamabarabara bimaze iki? hubwo nabo ntacobazotumarira raba k.d.f amabobo yariyamata none ububaricuza nabonicokimwe nka peter

  • abarundi murasubiriye mwumva mukumbuye amaraso kweli niryari muzumva ntimubona urupfu ruri kubashusha ariko nirumara kubakuramo abandi benshi murasubira mwitware neza nkuko byari bimaze iminsi ntimwareka izo ndyane mukumvikana amazuru tjr niyo akwega induru

  • ABAVUGA MWEEEESE MUTUKA PACIFIC MVUZE JEAN LUC ,JAMES NA ABANDI BASHIGIKIRA KUTUBAHA AMATEGEKO ..MBAZE MUZOBA MU GIHUGU KITUBAHA AMATEGEKO NGO MURWANIRA ABANYU !!!????MURWANIRE AMATEGEKO AHANDI HO NTA GIHUGU MURIKO MURUBAKA.ABADUHA IMFASHANYO BADUSABA BONNE GOUVERNANCE N IBINDI NONE PACIFIC AVUZE IBIRHO NGO TURABE KO PETER YIHANURA NI BIBI???SHIGIKIRA AMATEGEKO IBINDI NI IBIHERA !!!!!

  • ABAVUGA MWEEEESE MUTUKA PACIFIC MVUZE JEAN LUC ,JAMES NA ABANDI BASHIGIKIRA KUTUBAHA AMATEGEKO ..MBAZE MUZOBA MU GIHUGU KITUBAHA AMATEGEKO NGO MURWANIRA ABANYU !!!????MURWANIRE AMATEGEKO AHANDI HO NTA GIHUGU MURIKO MURUBAKA.ABADUHA IMFASHANYO BADUSABA BONNE GOUVERNANCE N IBINDI NONE PACIFIC AVUZE IBIRHO NGO TURABE KO PETER YIHANURA NI BIBI???SHIGIKIRA AMATEGEKO IBINDI NI IBIHERA !!!!!

  • ARIKO BURYA NININAHAZWZE ARIBAZA YUKO ABANYAGISAGARA TUMAZE KUMUHINYURA KWAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE? EKASHA NI WIREKERE
    MBEYA BABANTU BAGOWE BIRIRWA KUBIRO IWAWE KUGIRA UBAHEMBURE UGAC’UBIRUKANA NIBO UHENDA NGOGAJE MWIBARABARA? MBEYA URIBAGIYE YAMACAKUBIRI YAWE ? HANYUMA NIWA BONA RUKAMVYE UCE WIYURIRIRA INDEGE? AHUBWO TUBWIRE UMUGAMBWE URIMWO HANYUMA TUZE TUGUTORE KUKO BIRAGARAGARA KUKENEYA AKABANZA KO MURI LETA MUMISI IZA KUZA.

  • ABO BOSE BAHENDA ABANYAGIHUGU MUZE MUZANE ABANA N’ABAGORE BANYU MUGE IMBERE, BANYARUCARI NABO BAKURIKIRE.

  • abo bavuga nabi pacific nibihomohomo nka sebuja nkuru niw abibigisha ndabagaye,kandi murindire sikera isaha iregereje tubajinjibure .ayo moko nintara mumaze imisi musuka mubanyagihugu mucishij munzandiko ahanikurubuga ngurukana bumenyi twese turazi ubwenge ntituri babanyagihugu bokugatumba mwirirwa muracamwo ,oooh nabo barabahinyuye ikibagenza ,nuwubatuma.bagabo mu fonda ibinyoma mwagiriza abandi kugira mugarukane amacakubiri ndabarahiye iyo mwijuru yo irazi ukuri kandi irabibona sinkamwe, ntaco mwanze.

  • murarenzwe basha,ubwo nta munzi mufise mu makambi muri congo,tanzaniya no mu Rwanda murumva muta nezerewe, ubu nti mubona ko abagwizatunga ba buraya,abashine nabanyamerika bari bagiye kuza kubatezimbere,none mugiye kubitabagura, ni murebe kure kubwinyungu rusange z’abanyagihugu.

  • Abo bose bagumura ngo tuje mu mabarabara kwiyamiriza nkurunziza abana n’abagore babo bari hanze

  • nukumwiyamiriza nivyo bagomba kwigira utwo inda yigira mwibutura kugihugu cacu.batoke atari uko naho tuzomenya ico tuzokora we....

  • uwotwara wese nivyiza abarundi tukaronka amahoro niyo dukeneye

  • AKARINYUMA KARAHINDA UWUZORAMBA AZOBONA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.