Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu bari imbere ya RPA bahakuwe n’ibiduga birasa amazi
Abanyagihugu bari imbere ya RPA bahakuwe n’ibiduga birasa amazi
jeudi 19 Ruhuhuma 2015
Bimaze kuvugwa ko Bob RUGURIKA ariko ava mu ntara ya Muramvya aho yari apfungiwe, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baciye basubira kuja kumutegerera imbere y’ahakorera RPA. Ibiduga vy’igiporisi bitera amazi n’irangi, abaporisi bitwaje inkizo n’inkoho bari bacunganye n’abanyagihugu ijisho ku rindi, mu nyuma ibintu birahinduka.
- Bob aramutsa abanyagihugu ashitse muri RPA
Imbere y’ahakorera RPA hari abanyagihugu isinzi bariko baravyinan, bongera batamba nk’uko vyiriwe bimeze ku munsi w’ejo kuwa gatatu. Ariko rero kuri uno munsi abaporisi bahashitse kare, basa n’abambariye urugamba. Abakuru mu giporisi babatondeka ku mirongo itatu imbere y’abanyagihugu, abo nabo bitambira ataco binona. Uko umwanya wahera n’iko ibintu vyahinduka. Bob RUGURIKA amaze kwinjira mu buryo butangaje aho abari biteze ko yinjira mu kigo ca RPA ku mugaragaro bose batangaye bamubonye yamaze gushika hejuru agaca asohora amaboko akabaramutsa. Bamwe bashoboye kwurira ku ruhome rw’inzu RPA ikoreramwo hama Bob arabamutsa.
- Abanyagihugu buriye ku ruhome rwa RPA
Bob amaze kwinjira aho asanzwe akorera, abaporisi n’abanyagihugu vyaciye bigenda gute?
Haciye hasohoka itangazo ry’igiporisi, rivuga ko abanyagihugu bose bari imbere ya RPA no ku mpande zose ziherereye mu burengero bwa RPA bahava maze bagataha. Bamwe bambara inkinzo, abandi bakenyera neza imisipi bafata neza n’inkoho zabo, ibiduga bibiri binini bitera amazi avanze n’irangi ry’ubururu, bose baca batangura gusunikana n’abanyagihugu mu nduru nyishi. Bamwe biruka baja ahitwa "Cercle Hippique" abandi Asiatique, buzura impande zose. Nta munyagihugu n’umwe yakubiswe canke ngo afatwe.
Igiporisi kimaze kuremerwa n’ubwinshi bw’abanyagihugu, cahavuye cikora kuri vya biduga bitera amazi, bongera barasa vya vyuka vyokera "Lacrymogenes’’, abanyagihugu nabo bakora hasi, babatera amabuye. Ariko abo baporisi ntibashoboye kubigiza inyuma kuko hari abantu benshi cane, aho n’igisagara ca Bujumbura cari carengewe. Ivyo biri uko mu gihe vyavugwa ko n’ibarabara riva mu Rumonge ryari ryugawe.
Gushika igihe c’isaha zitandatu, agahengwe n’uruja n’uruza vyari bitanguye kugabanuka mu gisagara ca Bujumbura. Bivugwa ko abo banyagihugu baciye bagenda mu Kamenge ahiciwe ababikira batatu b’Abataliyano, Lucia, Olga na Bernadette.
Amwe mu mafoto
- Aba polisi barikanuye kandi biteguye
- Ikiduga gitera amazi imbere y’abanyagihugu
- Aba polisi biruka kubanyagihugu

- Aba polisi biruka kubanyagihugu
- Abanyagihugu bari muri "Cercle Hippique"
- Aba polisi barikanuye kandi biteguye
- Bahejeje gutera ivyuka vyokera
- Abanyagihugu mw’ikarashishi bigina itsinzi

- Abanyagihugu bari muri "Cercle Hippique"


Cherif Nkeshimana
Messages
19 Ruhuhuma 2015, 14:09, par nkotanyi
ariko nukuri abarundi barantangaje pe!! muzi ukuntu iyi camion ihosha imyigaragambyo ihenda ?? ariko ndumiwe ukuntu Leta y’ uburundi yananiwe kugura za Kizimya moto ikajya kugura iyi camion yo guhosha imyigaragambyo koko?? ndababwiza ukuri iyi camion ishobora kugurwamo kizimya moto ebyiri , kuko iyi iri equipee, ibintu byinshi kurusha kizimya moto!!!!! iyi ishobora kurekura amazi ashyushye cg akonje , ashyushye bashobora kuyashyushya kuri degre bashaka , birababaje cyane , kuba Leta itazi kurebera abaturage icyo bakeneye rwose , Mwisubireho .
19 Ruhuhuma 2015, 16:47, par uiuiu
Nkotanyi ibitakura urabahasi
19 Ruhuhuma 2015, 20:52, par The nationalist
Nkotanyi!! Nako NYEE.... iby’ abarundi nimbonerakure bireb’abarundi
20 Ruhuhuma 2015, 17:22, par Nuwera
@ Nkotanyi, biryabirwanisho mwaguze mubushinwa wibazako bivuyemwo za camion zingahe cannke vyakizimyamwoto bingahe kandi biryamwaguze mushobora guterwa mukarinda mwatsindwa mutarabona kobikenewe gukoreshwa muwundimwanya biryaninkamapendezo gusa.
20 Ruhuhuma 2015, 19:49, par bagona ema
sangwa uti girishije nguvukge iki nyarwanda: iwanyu ugira niho mworohewe! rekasha rekasha! twoho nuko ubona dushobora nukugaragaza akari kumutima! muga mwebwe mutunturira imbere! abaturage ico bakeneye kinini nico co guserura akari kumutima! Iyo nintambwe ntasubirwako tugenderako! kandi tot ou tard bizoja muburyo!