IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba kaminuza imwe muzari muri yegereyegere basubiriye (...)

Abanyeshure ba kaminuza imwe muzari muri yegereyegere basubiriye kwiga

vendredi 17 Gitugutu 2014

Abanyeshure bo kuri Kaminuza yitiriwe umuco (Université Lumière) basubiriye kwiga inyuma y’indwi zibiri bari bamaze muri yegereyegere bari kumwe n’abandi bo muma kaminuza ya Reta n’ayigenga.

Iyo ngingo y’ugusubira kwiga yafashwe n’abaserukira abanyeshure bo kuri Kaminuza yitiriwe umuco (Université Lumière) inyuma y’amasaha make gusa bapfunditse bari kumwe na bagenzi babo bo mu yandi makaminuza ko batagiye gusubira ku mashure mu gihe ivyo basaba bitaratorerwa umuti. Abo banyeshure babishikirije inyuma y’amasaha make gusa bari bamenyesheje ko batarota bitaba akamo katewe n’abayobozi b’ayo makaminuza ane y’abigenga yari muri yegereyegere ariyo kaminuza y’umuco, iy’ibiyaga binini, kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika hamwe na kaminuza yitiriwe Martin Luther King. Abayobozi b’ayo makaminuza uko ari ane bari bahamagariye abanyeshure gusubira ku mashure kuko ivyo basaba bibiri kuri bitatu vyatorewe inyishu.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uno wa gatatu, abo bayobozi bavuga ko mu gihe abo banyeshure batosubira ku mashure kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17, bizoba bisa naho batakiri abanyeshure babo, babagabisha ko bashobora gufata izindi ngingo harimwo n’ukubafuka kuri izo kaminuza.

Ntiturashobora kuronka abaserukira abanyeshure bo kuri Kaminuza yitiriwe umuco (Université Lumière) kugira basigure icabatumye basiga bagenzi babo mu rugamba bari batanguranye, ariko mu kurindira tubibutse abo banyeshure bo muri kaminuza za Reta n’iz’abigenga bahagaritse ivyigwa kuwa 3 Gitugutu basaba kumenya amategeko agenga impamyabushobozi bazohabwa mu ndinganizo nshasha z’ivyigwa BMD (Baccalauréat - Master - Doctorat) hamwe n’agaciro kayo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.