IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure baserukira abandi muri kaminuza boba bariko baragirwako (...)

Abanyeshure baserukira abandi muri kaminuza boba bariko baragirwako iterabwoba

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Abanyeshure baserukira abandi bamenyesha ko bamaze iminsi bagirwako iterabwoba kuva aho umukuru w’igihugu afatiye ingingo yogusubiramwo zimwe mu ngingo zari zatumye abanyeshure bo mu ma kaminuza batangura yegereyegere.

Nk’uko bivugwa na William Hategekimana ari muri bamwe batanu baserukira abandi, avuga ko n’ubu bagihagaze hahandi nyene, ntibimirije gutonda mu gihe umukuru w’igihugu atofuta irya ngingo ya 24. Basigura ko biyamiriza iyo ngingo kuko yaka uburenganzira abanyeshure baba bayobewe, kudasubira kuronka ako gafashanyo, bakavuga ko baramutse batonze ku mashure, abayobewe rica ritangura kubakorerako. Abo banyeshure basaba ko umukuru w’igihugu yohindura iryo tegeko kuko ricanishamwo abanyeshure.

Abo banyeshure baserukira abandi bavuga kandi ko bamaze iminsi bagirwako iterabwoba rikomeye cane, bagirizwa kuba aribo bari kw’isonga ryo kubuza abandi kwitaba akamo batewe. Umunyeshure William Hategekimana avuga ko hari abantu baje kumurondera muhira, akavuga ko bamwe muri bo batakirara mu mihana iwabo. Abo banyeshure bavuga ko naho vyoshika bakagandagurwa ikibazo ntikizoba gitorewe umuti.

Eka ndetse na Epitas Ndayambaje avuga ko yihenze mu gufata ingingo yoguhamagarira abandi kwitaba akamo, ariko atagiye inama n’abandi akavuga ko yisubiyeko kuko abona ko hari abanyeshure bazoca baheba amashure kuko, batazoba bafise ako gafashanyo. Ikibazo c’abanyeshure rero gisa n’icadindiye kuko ukwezi kurenga ata bikorwa biriko birarangurwa muri ayo ma kaminuza ya reta.


Floxella Karire

Messages

  • ndi pasteur HAVYARIMANA Ladislas nibazako umukuru wigihugu yakoze akigoro kadasanzwe vyoba vyiza basabiyivyo bikurikira mu manama nukuri umukuru wigihugu wobanza ukamwumvira hanyuma ukamwumvisha bukebuke ariko wagamburutse kuko nawenyene numuvyeyndi pasteur HAVYARIMANA Ladislas nibazako umukuru wigihugu yakoze akigoro kadasanzwe vyoba vyiza basabiyivyo bikurikira mu manama nukuri umukuru wigihugu wobanza ukamwumvira hanyuma ukamwumvisha bukebuke ariko wagamburutse kuko nawenyene numuvyeyndi pasteur HAVYARIMANA Ladislas nibazako umukuru wigihugu yakoze akigoro kadasanzwe vyoba vyiza basabiyivyo bikurikira mu manama nukuri umukuru wigihugu wobanza ukamwumvira hanyuma ukamwumvisha bukebuke ariko wagamburutse kuko nawenyene numuvyeyndi pasteur HAVYARIMANA Ladislas nibazako umukuru wigihugu yakoze akigoro kadasanzwe vyoba vyiza basabiyivyo bikurikira mu manama nukuri umukuru wigihugu wobanza ukamwumvira hanyuma ukamwumvisha bukebuke ariko wagamburutse kuko nawenyene numuvyeyi.

  • Mutam ivyuvuga nukuri kimwe wumvise ivyabaserukira banyeshre bavuze biragaragara katakwizera bafitiye leta kandivyobavuga nukuri kuki atorifuta kowumva yumvise akaborogokabo?nizankinamico nyene tumenyereye
    wibuke inamayabaye mukayanza yerekeye ukuntu hobonekamahoro
    abanyamigambwe bagasubizahamwe gushikuyumunsi harikintu kirakorwa?siguhumamaso gusa amakungu?ubutwarabavumbuye igiti ntikigukora mumanso 2 kibakigomba kurimena

  • ndabahaye mwiriwe bisabwe ko abanyeshure bobagirira umutekano muvyigwa vyabo kuk atamutekano uhari ntiwoshobora gukora ikibazo hama ngugitore ati kuki nkubu ivyo bimaze imisi biba vyotuma nuwari gutora ico kibazo atagitora icaka2 ntawoterwa ubwoba hama ngwa subire kumirimo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.