Accueil > Imibano > Indero > Abanyeshure bo mu ma kaminuza yigenga bahagaritse yegereyegere
Abanyeshure bo mu ma kaminuza yigenga bahagaritse yegereyegere
jeudi 23 Gitugutu 2014
Hari haheze iminsi 20 abanyeshure bo mu mashure ya kaminuza zigenga n’iya Reta bahagaritse ivyigwa basaba kumenyeshwa agaciro k’impamyabushobozi bazoronswa muri vya vyigwa vya BMD. Abo mu ma kaminuza yigenga basubiye ku mashure.
Mu kuja muri yegereyegere, abo banyeshure basaba ko hajaho itegeko ryerekana inganishwa ry’impamyabushobozi ziheza amashure ya kaminuza, ku bize imyaka ine muri za kaminuza, n’imyaka itatu kubariko bariga kaminuza ubu, muri vya vyigwa bita BMD. Abo bose ariko, bakavuga ko badahevye ivyo basaba, n’aho ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza bwemeza ko ibibazo vy’abo banyeshure bizotorerwa umuti mu nama rukokoma y’inyigisho izoba mu kwezi kwa Munyonyo.

Abo banyeshure bo mu ma kaminuza yigenga bavuga ko bahagaritse iyo yegereyegere kuko amakaminuza basanzwe biga ko yemeye ko bagiye gukurikiranira hagufi ibibazo vyabo. Bakaba babasavye guha umwanya ubushikiranganji bubijejwe kugira bushobore gutorera inyishu ibibazo vyabo, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu banyeshure baserukira abandi kuri kaminuza y’umuco.
Abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS na kaminuza y’ Uburundi bo iyo yegereyegere barayibandanya ukuri kwamye. Basigura ko bobo basigaye muri iyo yegereyegere kuko bakeneye amategeko yanditse, atari ivyo umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi yemeye ku munwa gusa. Ari naco gituma bamenyesha ko bagiye kubandanya yegereyegere mpaka ababijejwe berekanye amategeko yanditse.
Tubamenyeshe ko ama kaminuza yahagaritse yegereyegere ari kaminuza y’umuco- Université Lumière-,kaminuza y’ibiyaga binini- Université des Grands lacs- ,kaminuza yitiriwe Martin Luther King na kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika- Universite du lac-.
Messages
17 Ntwarante 2018, 17:56, par Manirakiza Egide
Nagomba Kubaza Imyaka Umunyeshure Amara Ariko Ariga Kaminuza