IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi basohowe mu ndaro

Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi basohowe mu ndaro

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 29 ndamukiza,ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,bwarafashe ingingo yo gusohora abanyeshuri baba mu ndaro za kaminuza.Bavuga ko ari ku mvo z’umutekano.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasomwe n’umushikiranganje w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore,ngo iyo ngingo iraba ikigo ca kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga,mu Kamenge,I Kiriri hamwe n’ikigo ca kaminuza kiri I Zege mu ntara ya Gitega.
Yozefu Butore yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kuko hari ivyerekana ko umutekano ushobora guhungabana muri ivyo bigo vya kaminuza,kandi ko hari bamwe mu bari mu myiyerekano bahinyegeza.

Umushikiranganji avuga ko abanyeshuri basabwe gusohora ibiri mu vyumva babamwo kandi bagasiga bavyuguruye.Naho biri ukwo,iryo tangazo rivuga ko abanyeshuri baba hanze y’ibigo vya kaminuza iyo ngingo itabaraba.
Yozefu Butore yavuze ko naho abanyeshuri basohowe mu bigo vya kaminuza,ivyigwa vyo birabandanya,kandi n’agafashanyo(bourse) gahabwa abanyeshuri babifitiye uburenganzira kazobandanya gutangwa.

Ku ruhande rw’abanyeshuri bobo bavuga ko ingingo bayumvise ariko bakamenyesha ko ivyo kubandanya kwiga bidashoboka kuko batabona uko bobaho mu gihe hari abava mu ntara za kure badafise n’imiryango mu gisagara ca Bujumbura.

Messages

  • Bafate Imbunda Batuze Iyo leta yataye Ubundi Mumanga?

  • aaaah kobikomeye nguwanka agakura aniga umutavu barabikoze bizobakurikirine burundi bwejo kopo!mumere magabo bana buburundi

  • ni mutahe ariko mubandanye ibikorwa mwumvishe abavyeyi bacu,bashiki bacu,incuti n’abagenzi ko iyi ntwaro itegerezwa kuvaho vyanke bikunde kukoirangwa n’ubwicanyi,guhonyanga agateka ka zina muntu,ubusuma bw’amatungo ya reta n’akarwi gato,gutunganya nabi ivya politike.noneho akarorero ni mwebwe bene wacu mutashe kandi mwari kuba muri muri amphi.muvyumvishe abavyeyi ntibatore iti reta!!!

  • REKA UBU NYENE DUTEGEREZWA KUGARUKIRA DEMOKARASI.KUK NKURU MBI YAYIKUBISE KUDETA.BArundi rwa ruka haguruka twiyamirize intwaro zagacinyizo zigomba gusubiza inyuma democlasie twaseseye amaraso.

  • Emwe Leta Yi Bujumbura Iratwengeje!Wew Ibone Ibint Birayangaye Mu Bice Vyos Yongereze Abaja Mu Migumuko?Erega Abo Banyeshure Ntahandi Baca Baja Emwe Reka Tubirorere<<ikirush Imbwa Kwota Kirasha>>MANA Tabar Uburundi Nababubamwo Utugwanirire

  • Nibatahe izo mbwebwe na kare bama mu ma grève ku busa,nibaje mu myiyerekano bataha muri cité badataha mu mazu ya reta akanyaro kazoteba gahera,muriko muhamagara mwongera mwitonesha mu bazungu ngo ni 3è mandat ariko twamaze guhinyura ko atariyo,rero nimwiyereke,mbega murabona abaja mw’ibarabara ni za malaya z’abatutsikazi zo ku musaga na kinanira be nabahoze ari aba sans echecs baturubujwe n’amaraso y’abahutu banyoye none bisigaye ari ibinywarumogi ,bitagishobora kuba muri société normale,amaraso y’abahutu ni buhoro gusa muriko murayishura,na bado!!!!

  • nkiyo MBURAKIMAZI yiyise VUGANEZA ufata ugatuka abandi urazi amaraso cdd yasheshe mu burundi muza muvuga ngo mugiye kumara aba fnl mu mezi atatu vyabakomeranye reka turabe aho muzosaba ubuhungiro

  • BATEGEREZWAKUBARONDERERA IMIRYANGO.HANYUMABAKIGA.NONEABOMUNTAZAKUREBOBONTIBIGAMURIYOKAMINUZAY’UBURUNDI.SAWAMUGIZENEZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.