IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Abaririmvyi batari bwigere bahurira mu giteramo bari bitavye (...)

Abaririmvyi batari bwigere bahurira mu giteramo bari bitavye ibirori

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Igiteramo categuwe n’ishirahamwe «Initiative Quartiers Nord» mu ntumbero yogufasha abahuye n’umwuzurira, caritabwe n’abantu isinzi. Cabaye igiteramo ca mbere mu Burundi citambwe n’abaririmvyi benshi. Abarongoye iryo shirahamwe barashikirije amajambo baashimira abariko bafasha n’abazobandanya bafasha abahuye n’ivyago.

Kuri uwu w’Imana w’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, mu kigo Musée Vivant, kuva igihe c’isaha umunani (14h), hariko habera igiteramo mu ntumbero yo gufata mu mugongo abarokotse mu mvura y’isegenya iheruka guhekura abarundi. Ico giteramo catunganijwe n’ishirahamwe «Initiative Quartiers Nord», (ishirahamwe ry’imvukira zo mu ma komine y’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura), kugira barondere amahera yo gufasha biciye ku ntererano y’abakunda abaririmvyi bava muri ayo makomine, eka n’abandi bafise umutima wo gufasha.

Igiteramo kitari bwaboneke i Burundi kirimwo ibihangange vy’abaririmvyi bo mu Burundi bazwi kandi bakunzwe cane carahamagaye abantu isinzi, ikibanza ca Musée Vivant kiruzura. Mu minota ya mbere haririmvye abataramenyekana cane, uko umwanya wagenda, niko abaririmvyi bazwi kuruta abandi baboneka ku ruhimbi baririmbirako rukozwe n’imodoka y’ishirahamwe Brarudi ryariko rirafasha mugutoza izo ntererano.

Inyuma y’ico giteramo, Général Major Godefroid Niyombare avuka muri Komine Kamenge, akaba icegera c’uwuserukira ishirahamwe «Initiative Quartiers Nord», yatubwiye ko uwo munsi ari ibirori vyo kwugurura icese ibikorwa vyo kwegeranya amahera azofasha kwubaka inzu 100 za bamwe mu bahuye n’isegenya. Abandanya amenyesha ko kwegeranya uburyo bizomara ukwezi. Ati :"Dukeneye uburyo bwinshi kuko dukeneye kuzokwubaka inzu nziza, kandi inzu imwe izokwubakwa ku mahera y’amarundi imiriyoni 8". Abazoronswa ubwa mbere amazu ni impfuvyi n’abapfakazi kandi bizovana naho Reta izoba igejeje mu gufasha. Arongera ati:" Nta kunzi bose ni abacu." Général Major Godefroid Niyombare yongerako ko bagiye gukorana n’abahinga kugira bagire ivyirwa vyo gukinga umwuzurira ntusubire kubatwara ababo.

Ururirimbo ku rundi, abahirereza ibinyobwa vya Brarudi basoma basubira. Urutonde rwariko abaririmvyi 12, rwarasenzwe kuko abarenga abo aribo bararirimvye. Ku mutwe w’urutonde hari abatimbo bo mu Kamenge, ku mpera y’igiteramo hari Kidum. Uko vyateguwe niko vyagenze. Twari tumenyereye aho abaririmvyi basiba canke bagacerwa ibiteramo, ariko ejo hoho ntawasivye n’umwe canke acererwe.

Abakunzi b’umuziki barabonye ivyo batari bwabone, kuko amaso anyereka canke amatwi ansumira, urutonde rw’abaririmvyi bari muri ico giteramo ntibari bwahurire mu giteramo kimwe : Tambour Kamenge, Accent du Nord, Peter, Jesus, Bobona, Mkombozi, The cousins, Lolilo, Rally Jo, Peace and Love, Etoile du Centre, Kidum, eka n’abandi baririmvye batari ku rutonde nka ba bana Chris na Junior.

Amwe mu masanamu yaranze akanyamuneza kari aho kuri Musée Vivant


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Ndashimiye cane bivuye k’umutima iryoshirahamwe ryateguye ico giteramo ndetse n’abaririmvyi bitavye ico gitetamo.n’abandi bantu bafise ico bofasha nibabonereho nabo bagire ico bafashije,nibabandanirize aho abandi bagejeje.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.