IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi bazohiganwa mu gice ca nyuma ca Primusic n’indirimbo bagiye (...)

Abaririmvyi bazohiganwa mu gice ca nyuma ca Primusic n’indirimbo bagiye baririmba

mercredi 27 Myandagaro 2014

Mu gihe hasigaye iminsi itarenga ibiri kugira hamenyekane umuririmvyi azotsindira agahembo k’ihiganwa rya Primusic ryari rimaze igihe rica mu ntara zose z’igihugu, abaririmvyi batandatu basigaye mw’ihiganwa babandanya basaba amajwi incuti n’abagenzi babo.

JPEG - 19.6 ko
Dr Jose Chameleone azoba ari mu giteramo

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic kizoba inyuma y’iminsi ibiri hazoba ari kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro ku kibuga c’ishure y’imyuga "ETS KAMENGE". Abaririmvyi batandatu basigaye mw’ihiganwa iyo bariko bahabwa inyigisho n’umuhinga yavuye mu gihugu ca Kenya, basaba abakunzi babo kubaha amajwi. Amazina yabo n’uko mushobora kubatora mubisanga mw’isanamu mubona munsi y’iyi nkuru.

Ibirori bizoba birimwo abaririmvyi bakunzwe cane bo mu Burundi nka Farious, Sat-B, Patient Matabaro, Rally Joe, Yoya, Mkombozi, umurwi Peace & Love, Steven Sogo, T-Max n’abandi, hamwe n’umuririmvyi mpuzamakungu Dr Jose Chameleone. Kwinjira kuri uwo munsi azoba ari amafaranga y’amarundi igihumbi (1000frbu) hamwe n’ibihumbi bitanu (5000frbu) mu vyicaro vy’iteka.

Raba aha munsi abaririmvyi 6 basigaye umenye indirimbo zabashikanye muri ico gice.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Abo mwabatoye muhereye kuki?izo ndirimbo mbonye niba arizo mwashimye izo mwanse zari zimeze gute?. ngirango zozo zari umunuko.umuririmvyi abura ivyo aririmba agatengatira musi yi pantaro canke hari icari kimuriye(El Pedro) .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.