IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba muri Canada bemeye gushigikira abakinga impanuka

Abarundi baba muri Canada bemeye gushigikira abakinga impanuka

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013, abarundi baba mu gihugu ca Canada bashikirije ubutumwa bwo gushigikirana abarundi bose.

Nk’uko uwuserukira abarundi baba mu gihugu ca Canada Leopold Bashirahishize yabimenyesheje mu butumwa bwiwe,yavuze ko abarundi bose baba muri Canada bakiranye umubabaro inkuru y’isanganya ryo kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013 aho isoko nkuru ya Bujumbura yahiye igatokombera.

Yamenyesheje kandi ko bifadikanije n’ababuriye ivyabo muri iyo soko hamwe n’ababa mu micungararo yayo.
Leopold Bashirahishize yavuze ko mugihe iyo soko yahiye yari nk’umutima w’ubutunzi bw’u Burundi,bizogira ingaruka zitari nke ku bijanye n’ivya nkenerwa hamwe n’ibijanye n’infungurwa ku baba I Bujumbura ndetse no mu zindi ntara zo mu gihugu hagati.

Ishirahamwe ry’abarundi baba muri Canada bemeye gukora ibishoboka vyose mu gushigikira abajejwe gukinga no gufasha mu mpanuka nk’izo zashikiye isoko nkuru ya Bujumbura. Leopold Bashirahishize avuga ko bariko baratera intege abarundi bari mw’ishirahamwe hamwe n’abagenzi b’ishirahamwe kugirango bashigikire ababuriye ibintu mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Mu guheza Leopold avuga ko bizeye ko amatohoza azoba ayigenga kandi mu maguru masha kugira bamenye icatumye biba kandi bongere baking ko isanganya nk’iryo ryogaruka muri kazoza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.