Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahunganye imodoka mu Rwanda bagiye kuza barariha ibihumbi 20 ku (...)
Abarundi bahunganye imodoka mu Rwanda bagiye kuza barariha ibihumbi 20 ku kwezi
mercredi 16 Ntwarante 2016, par
Reta y’Urwanda yatanze amezi abiri (ashobora kwongerwa rimwe gusa) ku mpunzi z’Abarundi bahungiye mu Rwanda n’imodoka zabo, kugira babe barazikoresha muri uwo mwanya watanzwe. Inyuma y’ayo mezi, bazohora bariha ibihumbi mirongo ibiri vy’amanyarwanda ku kwezi.
Abatewe ingorane cane kurusha abandi muri iyo ngingo yafashwe akaba ari abahunganye imodoka zabo, bagashikira mu bisagara bitandukanye vy’Urwanda, ariko mu nyuma bagahindura bakimukira mu makambi y’impunzi kuko babonye ko bananiwe n’ubuzima bwo mu bisagara. Benshi mu mpunzi z’Abarundi bakaba batinya gutwara imodoka zabo kuko impusha bari bafise z’ukugendesha imodoka zaheze.
- Impunzi z’abarundi zifise imodoka zigiye kuza zirariha ibihumbi 20 vy’amanyarwanda ku kwezi
Seraphine Mukantabana, umushikiranganji ajejwe gukinga ibiza yamenyesheje ko Reta y’Urwanda iriko irarondera inyishu ntabanduka ku bibazo vy’impunzi zitunze imodoka.
Amategeko y’Urwanda avuga ko imodoka z’abanyamahanga zinjiye mu gihugu zihabwa ivyangombwa vy’indwi zibiri gusa, ariko ivyo vyangombwa bikaba bishobora kwongerezwa gushika ku mezi atatu, igihe nyene imodoka afise impamvu zifadika zo kuguma mu gihugu igihe kirekire.
Ayo mategeko nyene ategekanya ko imodoka y’umunyamahanga yinjiye mu Rwanda iriha amafaranga agera ku madorare 30.
Inyuma y’amezi atatu, nyene imodoka aba ashobora kuyisubirana mu gihugu ciwe, agasubira kuyinjiza mu Rwanda, bitabaye ukwo naho agacibwa amande angana n’ibice 20 kw’ijana vy’agaciro k’imodoka yiwe.
Umushikiranganji Mukantabana amenyesha ko impunzi z’Abarundi zivuga ko ata hantu h’uguhagarika n’ukubika (Parking) imodoka zabo bafise kandi bakanasaba ko bohabwa amahirwe yo gutwara imodoka zabo mu Rwanda.
Ingingo y’agateganyo yabaye irafatwa akaba ari ukwemerera izo mpunzi uruhusha rwo gutwara imodoka zabo mu gihe c’amezi abiri ashobora kwongerwa rimwe, ariko inyuma y’aho hagakurikizwa amategeko.
Tukabamenyesha ariko ko impunzi z’Abarundi zishobora guhitamwo kwandikisha imodoka zabo ku vyangombwa n’iparati ndangamuduga (Plaque) vyo mu Rwanda, canke bagahitamwo ko bobandanya gukoresha izo modoka nk’inyamahanga.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2016, 16:50, par Jiph Abayo
Ryembona Botung Plaque Nyarwanda
16 Ntwarante 2016, 19:20, par nina
Mbega barabona iki? Akataraza kari munyuma .Naha bahonyoza ikireng mumisiza bazahariha.
16 Ntwarante 2016, 19:47, par Karibwami N Jean
Amaherezo muraziguza kumafranga yinticantikize ahoniho bariko barabasunikira benewacu.
Ahohantu muzohavana inkoba zike.
16 Ntwarante 2016, 22:57
NIBANZANIRE TUZIBAGURIRE UWUSHAKA KUGURISHA AZANE TUMUHAMAHERA
17 Ntwarante 2016, 04:48, par zuzu
nibarihe kugirango iterambere ntibasubize inyuma
17 Ntwarante 2016, 12:09, par Xerus
Barakubura batahe iwabo mu Burundi nayubundi uduhera twabo tuzobahererako basigare bameze nka bamasikini.
17 Ntwarante 2016, 13:44, par Mpapi
Ahaaaa...! Ndumiwe Pe! Imodoka Ng Barihe Naho Muhonyora Muzohoriha Misi Irimber Taha Hakiri Kar Birabasha
17 Ntwarante 2016, 15:19, par Simeon
Nibiyandikishe Bahabwe Plaque Nyarwana, Bagahimba Nabi Ngobagaruk Muca Nkurunziza Baramusanga Icobahunze Ntikirahera NB_: ( Fais Attantion )
17 Ntwarante 2016, 15:21, par Simeon
Nibiyandikishe Bahabwe Plaque Nyarwana, Bagahimba Nabi Ngobagaruk Muca Nkurunziza Baramusanga Icobahunze Ntikirahera NB_: ( Fais Attantion )
17 Ntwarante 2016, 22:21, par Renate
Bwa bundi impunzi zirarutana.Ahandi hose impunzi usanga zihunga imbokoboko.Impunzi z’abarundi nazo zifise ingorane y"aho zibika amatungo yazo.Jewe mbona mwotahukana ayo matungo yanyu atarayokera mu mahanga.
18 Ntwarante 2016, 00:13
Ikibagoye ni imiduga canke ni ukubaho? Ko bashoboye kuzijana babuze gute ayo kuzirihira? Bikuye mu vyuya nk’ama.... Ni bawunywe n’aho urura! Iyo baba ari impunzi ntaco bari kuvana i muhira, barabaza abahunze mu 1972 canke 1993 ko batwara n’akarembe! Ewe hunga!!!! Bari bakinjuriye benewabo ngo ni indwi zibiri..... Ni bagaruke ntawubanezwe igito gitabwa iwabo.
18 Ntwarante 2016, 11:42, par ibigoyemakungu
Ahubwoyamahera nimkeya, abarundi ndumva mwarahageze, nikijuju cyumurundi ngonumunya politiki harya, ntamurundi numwe utagira umuduga ,hiyomiduga yavuyehehe, twahungiyemucyahoze zäire barazitwambura arizacu naho leta yurwanda nibishyure,bagarame mumiduga. bigomba gusubirwamo bazibambure, ubundi muhunga iki
21 Ntwarante 2016, 15:21, par mukawera
Ahaaaa! Rye mbona bitazoroha! Ubuse abarundi bagiye kuba abande? Imodoka zose barazigurishije ariko zigumana plaque z’uburundi kugira abaziguze ntibatange umusoro muri Leta. Iyo ni imitwe kugira abaziguze bavuge ko baziguze hanyuma barihe umusoro. Abarundi bazitanga kuri make chaaane. 1000.000FRWA waronka imodoka nsha! Ubwo urunva ko batari guhana abarundi bari guhana abanyarwanda baziguze. Mbega ishyano!
14 Ruheshi 2016, 20:07, par NYABENDA MANWERI
Abarundi Bahungiye Mugwanda, Nibahunguke, NYAKUBAHWA PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA. NUMUVYEYI. WABANA BUBURUND ... NABABA MUBURUNDI BOSE.
27 Myandagaro 2016, 21:31, par NYABENDA EMA.
MBEGA IZOMPUNZI ZAHUNZE AMAHORO NTIBOHUNGUKA BAGASANGIRA NABANDI IBIVAMUMAHORO0 NOMUKWUBAKA IGIHUGUC’ UBURUNDI.