Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bijukiye imboneshakure zo mu bwoko bwa numérique
Abarundi bijukiye imboneshakure zo mu bwoko bwa numérique
mardi 26 Ntwarante 2013
Abadandaza bo mu Burundi basabwa kudasubira kwinjiza mu gihugu imboneshakure zo mu bwoko bwa kera(analogique) kuko ikiringo catanzwe kugira zibe zavuye ku soko y’urudandazwa ari igenekerezo rya 31 Kigarama 2014. Inyuma yaho hazodandazwa izo mu bwoko bushasha (numérique)
Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka, mu nama yo kwibukanya ikurikiranwa ry’umugambi wo gutanguza imboneshakure zo mu bwoko bushasha (numérique ).
- Imboneshakure Analogique
- Imboneshakure numérique
Iyo nama y’umushikiranganji Leocadie Nihazi yari yateguriwe abajejwe intwaro hamwe n’abashingamateka batowe mu ntara za Bururi na Rutana.
Egide Nduwimana