IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi birukanwe mu Rwanda basaba ko bosubira gutora amatunga (...)

Abarundi birukanwe mu Rwanda basaba ko bosubira gutora amatunga yabo

jeudi 19 Rusama 2016, par egide

Abarundi birukanwa mu Rwanda barabandanya gushika ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda. Gushika mu muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, hari abari bakiriko barashika binjiranye aho bita i Gasenyi - Nemba, nabo nyene bakavuga ko basize ivyabo vyose mu Rwanda, nk’abandi bose.

Abo barundi babandanya kwirukanwa basaba ko bohabwa impapuro zibaha uburenganzira bw’ugusubira mu Rwanda gutora amatunga yabo basizeyo, na cane cane abashaka kuja kwimbura ivyo barimiyeyo.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo, ahashikira Abarundi benshi birukanwe, bamenyesha ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira abo bariko barirukanwa ataco batahanye baronswe imfashanyo, cane cane imfungurwa hamwe n’uburaro. Naba Musitanteri b’amakomine agize intara ya Kirundo bakaba bariko bahimiriza abanyagihugu ko bokwiyungunganya bakegeranya imfashanyo zohabwa abo benewabo birukanwe. Intaya ya Kirundo yonyene imaze kwakira abavukantara bagera ku 1349 birukanwe bava mu Rwanda. Abirukanwe bose biboneka ko ari abanyagihugu batobato, benshi bakavuga ko bakora ubuzi bwo kurima. Abandi bagera ku 200 baciye mu ntara ya Ngozi, nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, yabimenyesheje, akavuga ko iryo yirukanwa ry’Abarundi ryerekana umubano mubi w’Urwanda.

Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko benshi mu birukanwe baturuka mu ntara ya Kirundo muri komine Ntega. Abandi nabo baturuka mu ntara za Ngozi, Karusi, na Muyinga, gushika kuri uwu wa kane, hakaba hacibonekeza ababandanya gushika, cane cane muri komine Ntega, intara ya Kirundo.

Ku ruhande rw’Urwanda, ico gihugu kimenyesha ko cirukanye Abarundi bagera ku 1500 baba muri ico gihugu ata vyangombwa bafise. Ico gihugu gisigura ko casavye abo birukanwe kuja kurondera ivyo vyangombwa, nibabironka babone kugaruka.

JPEG - 45.6 ko
Umushikiranganji ajejwe impunzi, Séraphine Mukantabana

Ubutegetsi bw’Urwanda busigura ko ukwo kwirukana Abarundi kwatanguye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 13 Rusama 2016. Reta y’Urwanda yatangaje ko Abarundi batirukanywe kuko ari Abarundi, ahubwo ko ari mu rwego rw’abanyamahanga baba mu Rwanda bitandukanye n’amategeko.

Umushikiranganji ajejwe impunzi, Séraphine Mukantabana yabwiye abamenyeshamakuru ko abo barundi batirukanywe burundu mu Rwanda, ahubwo ko basabwe kuja kurondera ivyangombwa, babironse bakagaruka.


IGIHE

Messages

  • Kurya niukwishyura. Abarundi mwagombye guhita izo ntagondwa zageze muburundi (1959). Ni uguhera kubo mu Ngagara bakazinga amabinga.

  • Nimba bishoboka reta yu Burundi nibahe ivyangombwa vyimisimike bibemerera gusubira Rwanda gutora amatungoyaboyose, kandi bishobotse bashire namamodoka kumipaka yu Rwanda nuburundi yogufasha kwunguruza abobarundi bavuye Rwanda nivyabo. Turasaba kandi amashirahamwe mpuzamakungu kuvamugacerere kandibabona ikiremwamuntu kiriko kirakwa agateka kaco nkomugukurwa muvyaco atanakimwe batwaye canke ngobahabwe ikibafasha kuvunguruza.

    Turasavye reta yacu yu Burundi ibwire reta yu Rwanda rufatikanije na HCR bahe amamodoka abobarundi abafasha gushomba ibintuvyabo vyose baribafise mu Rwanda.

    Kandi nokuruhande rwi Burundi reta yu Burundi gifatikanije na HCR bazekubategera namamodoka yokubatwaza babashikane ahobabateguriye canke ahobagiye.

    Vyombabaza HCR nu Rwanda baretse abobarundi bakirirwa bakuba ibirenge hasi basubira mugihugu cabo kandi mumisiheze baribatondesheje amamodoka kumupaka wuburundi nurwanda bahamagarira abarundi kuzakuyinjiramwo ngobabatware mumajambo yimpunzi!!!.

  • Naho Bobirukana Ntiboca Babima Nutwabo Vyari Vyiza Gutaha Ariko Babahe Ivyabo Mumutekano Ariko Nabo Barundi Nibabone Twebwe Tutahunze Badusumvya Iki? Nibarimbuke Yuko Mugihugu Cacu C,uburundi Kirimwo Amahoro Numutekano Nohanyuma Ntibaze Bumvire Sesa Nkuyoze

  • Reka babirukana,mugbo bibke ko Imana ibibona!

  • Mbega none igihe boza bagatora ivyangombwa bagaca basubira murwanda bazoca bitwa "IMPUNZI" canke abaje gutembera (tourisme) canke abaje kurondera akazi (migration de travail). Wewe wosubira mu gihugu wahunze bakakwakira n’ivyangombwa bakaguha ugaca usubira guhunga?!!!! Nimba ata ntambara ihari none nibagume ngaho iwabo barime , canke bakore ivyo bahora bakora mbere!

  • YANDIRINBONGO BAREKE BAGENDE IKIVUNGA HAZANBUKITWARI NTIBABIBONYE ABABAHE BIBEREYE MUBUBIRIGI BANZAMURABE MUGUKINAGIRA MWIRUKA WAMENGA NTIMUZOGARUKA MUBEMUBIBO MWANTUNVAMWE NAYOKUBAFACHA NTIBABAHE NANBA GENDA MUNYENBARI ABAFASHE NTIMUNAMARAMARA TWEBWE TWAHAGUMYE MUSANZE TWABAYIKI INKONA NTIYARUZWA MWABIBONYE MUZEMWONGORE BAMURAKEBEBYANDIRINBONGO BAREKE BAGENDE IKIVUNGA HAZANBUKITWARI NTIBABIBONYE ABABAHE BIBEREYE MUBUBIRIGI BANZAMURABE MUGUKINAGIRA MWIRUKA WAMENGA NTIMUZOGARUKA MUBEMUBIBO MWANTUNVAMWE NAYOKUBAFACHA NTIBABAHE NANBA GENDA MUNYENBARI ABAFASHE NTIMUNAMARAMARA TWEBWE TWAHAGUMYE MUSANZE TWABAYIKI INKONA NTIYARUZWA MWABIBONYE MUZEMWONGORE BAMURAKEBEBA

  • UKWO NUGUHOHOTERA ABANTU

  • UKWO NUGUHOHOTERA ABANTU

  • ukwirukanwa,kw’abarundi,ndagushima,guko,ntakuba,mugihugu,atabikuranga,ufise.gusa,urwanda,nirubirukanane,amatungoyabo,nakare,m’uburundi,harisukurike,kagame,yase,kobamucafuriza,igihungu

  • NIBIHANGANE AGASOZI KINTAHANUGWA KAHIYE ABAGABO BABONA

  • none Urwanda rukeneye ko haba oeil pour oeil;dent pour dent!urazi abanyarwanda baba mu burundi uko bangana ata bibaranga bafise?Babirukane nabo?

  • abo mbona nibo basahuwe nurwanda? emwe nugwanda rurarushe,heba basha burya akariwe n’imbwa uraheba!!

  • ARIKO IBINTU BIRUMVIKANA, ABO BANYAGIHUGU NABO UBWABO BARIYEMERERA KO NTA VYANGOMBWA VYO KUBA MU RWANDA BAFISE RERO BAGOMBA KUJA KUBIRONDERA BAGASUBIRA MU RWANDA VYEMEWE N’AMATEGEKO.
    NIBURA URWANDA RUBIKORANA AMAHORO, NGAHA MU BURUNDI KO MBONA TWIRIRWA DUTOTEZA ABANYARWANDA NTA NICO TUBAHORA KUGEZA AHO TWICA EX MINISTRE BIHOZAGARA, NTITUBONE NICO TUBISOBANURAKO, BAMWE BAKICWA YEMWE BARUNDI DUKWIYE KUGIRA UBWENGE MUVYO DUKORA, KUKO NATWE BASHOBORA KUBIDUKORERA!!!

  • Kura ni kuripa. Kagame nabe yubaka amakambi azarundamo bene wabo bageze i Burundi 1959.

  • CNARED KO ITABASABIRA IKIGONGWE NGO KAGAME ABAREKE? PACIFIQUE ARIHE KO YISHINGA GUHARURA ABAHUNZE NONE ABAHUNGUTSE KWATABAVUGA. KALIBU BENE WACU NAKARE MWAZIZE BA SESA NKUYOZE KUKO ABO MWASIZE MUZOSANGA ARIHO BAKIRI KANDI BAZOBAKIRA

  • Impunzi zabanyarwandaziba,iburundinizingahe??twahungiye iburundi 94ntamwaduhambirijenabi,ukatwambura, utwacutwebweturabareka,tukabahanibyanyu,imanakurinde wamukenyeziwe

  • none aba nyarwanda nibo bagira za maneko gusa kuki mutumva ko abantu baba mu gihugu nta vyangomwa bagira baba bakoze amakosa.
    aba barimo abaza kuneka no gusevya u rda ngo rurategura intwaramiheto zo guteza imidugararo mu burundi.
    ntaco u rda rwakoze kitemewe n’amategeko mpuzamakungu.

  • bazaze batore ubucafu bwabo kuko ntitubashaka
    ufite ibyangombwa azaze utabifite azahere iyo

    uburundi bugize neza nabwo bwatwoherereza interahamwe zahungiye muburundi , kuko nta munyarwanda utekereza neza ataco yiyagiriza yaguma muburundi

    ubundi mugabanye amagambo kuko nabandi bari munzira mubategurire aho mubabika.

  • Urwanda.Rwarisizemwo Uburundi Mugabo Ntaco Ruzokora. Twosaba Reta Yuburundi Koyokwari Abanyagihugu Kandi Bakabihaniza Ko Kizira Gusubirayo.Kandi Bagafasha Abahuye Nivyo Vyago.

  • kagame mumureke numugabo
    twese abarundi turamukunda ayobora neza

  • nukuri icosaba bobaaha ikipapurobaga subirayo kuzana ibintu vya bo ku ko basizeyo ibintu vyishi nkuwarimye agaca ataha uko

  • nukuri icosaba bobaaha ikipapurobaga subirayo kuzana ibintu vya bo ku ko basizeyo ibintu vyishi nkuwarimye agaca ataha uko

  • Uru rugore rurwaye urushwima nka Kabarebe.

  • Sha twarabavumbuye, imbonerakure nabadd bohereje benewabo kwihisha murwanda biyita impunzi kugirango musigare mwica abatazi iyo bajya none se nigute abagore nabana bahunga wabaza akarangamuntu bakakabura wababaza aho abagabo babo bari bakahahisha tuzasigarana abo twizeye.
    Abo babmusintanteri nababuramatari ugirango nimpuhwe babafitiye cg nukwo abenshi babazi ko ari ababapolisi n’imbonerakure zabo

  • Sha twarabavumbuye, imbonerakure nabadd bohereje benewabo kwihisha murwanda biyita impunzi kugirango musigare mwica abatazi iyo bajya none se nigute abagore nabana bahunga wabaza akarangamuntu bakakabura wababaza aho abagabo babo bari bakahahisha tuzasigarana abo twizeye.
    Abo babmusintanteri nababuramatari ugirango nimpuhwe babafitiye cg nukwo abenshi babazi ko ari ababapolisi n’imbonerakure zabo, namwe mwirukanye benewacu musigarana interahamwe.

  • None abanyarwanda bari i Burundi (Ngagara) babaye bazinga ibyabo ko aribo batera grenade i Bujumbura.

  • Mbegamumamamwiza,ugirampuhwekubonabababwitango,muzagaruke,abanyarwandatwahungiye,iburundi mukatwirukana.imanakurindewaMukenyeziwe,ntakibiwavuze,nikomategeko abivuga,abarundi bagombakumvira

  • On va annexer le Burundi bientôt. On va mettre Nkurunziza en prison et puis on le castrera par la suite. On va baiser toutes ces burundaises. Attends tu vas voir.....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.