Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira abatwa biyamiriza ababiyitirira mu mirwi itegura (...)
Abaserukira abatwa biyamiriza ababiyitirira mu mirwi itegura amatora
mercredi 15 Gitugutu 2014
Ishirahamwe UNIPROBA riharanira iterambere ry’abatwa ririyamiriza abantu bashizwe mu mirwi itegura amatora mu ntara (CEPI) biyitirira abatwa. Muri UNIPROBA bavuga ko abo bantu baserukiye ubundi bwoko atari ubw’abatwa.
Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) yari yamenyesheje ko mu bashizwe mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora CEPI (Commission Electorale Nationale Indépendante) bashizemwo abatwa babiri baserukira abandi. Mw’ishirahamwe UNIPROBA bavuga ko bakiranye umunezero ivyo vyavuzwe, kuko bavuga ko yari intango yo kwemera ko abo mu bwoko bw’abatwa bohabwa uburenganzira nk’ubw’abandi barundi bose bo mu yandi moko.
Umukenguzamateka Vital Bambanze, kw’izina ry’amashirahamwe aharanira iterambere ry’abatwa amenyesha ko baguye mu gahundwe basanze abo mu murwi CENI bavuga ko baserukiye abatwa ari abo mu yandi moko, abo nabo akaba ari Léonard NIZIGIYIMANA umututsi yashizwe muri CEPI Ngozi, hamwe na Arthémon MUNTUNUTWE umuhutu yashizwe muri CEPI Kayanza.

Egide Nduwimana
Messages
15 Gitugutu 2014, 15:18, par josua
Karabaye nonehoaba Tutsi sugukunda inda barataye nu bwoko. Ewe agasuzuguro mwagira noneho harageze Yuko mwiyita abatwa. Batutsi mugeze habi kabisa. Ntakuntu mwoba abatwa kabisa. Iyambike umutamana.
15 Gitugutu 2014, 22:20, par mukobwajana
si abatutsi i umuntu ba utandukanya ibintu !!Mbe abatutsi dufise agsuzuguro akahe atari ukwikengera kw abantu ..Nubu demovratie ntaho igeza abantu ..Si ukwisuzugura ni amagabura nyama yasaze..None umuhutu avuze ko ari umututsi canke uwundi wese abeshe yoba amenje erega hari inzara ...!!!Tous les moyens sont bons