Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abaziga urukiza kuri Lionel Messi batashe zirayoye
Abaziga urukiza kuri Lionel Messi batashe zirayoye
lundi 14 Mukakaro 2014
Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru cari kimaze ukwezi gihiganirwa n’ibihugu 32, caraye gitashe mu gihugu c’Ubudagi. Ico gihugu cakinye urukino rwa nyuma n’igihugu ca Argentine caziga urukiza ku mukinyi Messi yafatwa nk’uwugiye gucungura igihugu ciwe. Urubanza rwahuza ivyo bihugu rwaragoranye gucika, hasigaye iminota mike ngo umwanya w’agasunuzo uhere, umukinyi w’Ubudagi Mario Gotze aronsa igikombe igihugu ciwe.
- Gisele Bünchen na Carlos Puyol berekana igikombe imbere y’uko urukino rutangura
Urukino rwataguye isaha zitatu z’ijoro ku masaha yo mu Burundi ku kibuga c’i Maracana kiri mu gisagara ca Rio de Janeiro. Ku ncuro y’umunani Ubudagi bwari bukinye urukino rwa nyuma mu gikombe c’isi, ico gihugu cari kigiye kurondera igikombe kigira 4, kuri Argentine yari incuro ya 5 ikinye urukino rwa nyuma. Urukino rw’ubuhinga rwariko ruroregwa n’abantu barenga ibihumbi 75000.
- Ibirori urukino rugira rutangure
Umwanya wagenewe urukino waheze ata gitsindo kirinjira kiretse ibitsindo vyaza birinjira harenzwe amategeko y’urukino, ivyo navyo ntivyemerwe. Ku munota w’113 mu mwanya w’inyongera, umukinyi Mario Gotze, akina mu murwi wa Bayern de Munich, haheze umwanya yinjiye, yanjije igitsindo ciza cane. Intege ziracika kuri Lionel Messi atako atari yakoze kugira aronse igikombe igihugu ciwe. Amarira y’umunezero kuri bamwe mu bakinyi b’Ubudagi, amarira y’umubabaro mu bakinyi ba Argentine aribonekeza.
- Messi acitse intege
Igikombe cariko gihiganirwa ibihugu 32 bivuye ku mpande zose z’isi mu kiringo c’ukwezi kwose gitahira igihugu c’Ubudagi ku ncuro ya 4, abantu isinzi barorera.
Amafoto yaranze ibihe vyari bikomeye mu kibuga
- Igitsindo cahaye igikombe c’isi Ubudagi




Abakinyi b’Ubudagi bagiye gutora igikombe



Cherif Nkeshimana
Messages
14 Mukakaro 2014, 11:24, par Lewis
Nukuri Germany ni big Team noyigereranya na Real Madrid,ndabona iyindi wordcup kizegukana Ghana
8 Mukakaro 2015, 23:36, par MOHAMÈD AMDOU
UMWAKA W 2017HAZOKINA FINAL IYIHE MIGWI?