Abungere ba Ekereziya Gatorika y’Uburundi basubiye gusohora itangazo, aho basaba abarundi kuyoboke amatora, ntituze tubure abaturongora baciye mu nzira z’amatora.
Muri iryo tangazo ryasomwe na musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa inama nkuru y’abepiskopi Gatorika, avuga ko atawukunda igihugu yofata minenerwe ibiriko biraba, naho hari ababita abakeba iyo bakebuye. Musenyeri Banshimiyubusa asaba ko abarundi bose ko bakwitabira inzira z ‘amatora, nayo ibivurwa ko hari urwaruka rwoba rwarahawe ibirwanisho, bikurikiranwe, kandi bitohozwe, bavyakwe, amatora azobe atabwoba bw’ibirwanisho mu gihugu. Inama nkuru y’Abeskopi ikaba isaba ko abahunze bohumurizwa bagahunguka, kugira babandanye imirimo yabo.
Mwomenya ko inama nkuru y’abepiskopi Gatorika b’i Burundi, bari barasavye ko amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa co kimwe n’ibwirizwa nshingiro, mu ntumbero y’ukwubahiriza ibiringo bitegekeranirijwe umukuru w’igihugu.
Ceni Iremeye Guherekeza Reta Mumatorabirebanga Buraca bugacanayandi.