Accueil > Inkino > Abigeme bazohiganwa mu gukanyaga amakinga
Abigeme bazohiganwa mu gukanyaga amakinga
jeudi 26 Kigarama 2013
Inkino mu burundi ziritaweho cane n’urwaruka kandi ibitsina vyose, haba mu gisagara ca Bujumbura canke mu ntara zo hagati mu gihugu. Abigeme b’i Gihanga buca bahiganwa mu kwiruka ku makinga.
Mu ntara ya Cibitoke neza na neza i Gihanga, abigeme buca bahiganwa mu gukanyaga amakinga. Iryo higanwa rizohuza abigeme bahurikiye mu murwi «Les Championnes» baho nyene i Gihanga. Nahayo Shemsa arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko n’abandi bavyipfuza bo mu zindi ntara ko boja guhiganwa naho iryo higanwa ryari riteguriwe abanyagihanga. Urugendo bazofata si ruto. Bazogira ibirometero bishika mirongo itandatu. Bazova ku kibuga c’i Gihanga bace ahitwa Nyamitanga, bakoroke mu Gasenyi hama bagaruke aho bavuye.
- Nahayo Shemsa arongoye ishirahamwe Les Championnes
Iryo higanwa ryo gusiganwa ku makinga rizoba kuri uwo wa gatandatu, igenekerezo rya 28 Kigarama. Nahayo Shemsa abandanya amenyesha ko ababishaka boja kwiyandikisha ku kibuga c’ i Gihanga k’uwitwa Felix.
Nahayo amenyeshako hazohiganwa abigeme gusa kubera ari ihiganwa ryateguwe n’ishirahamwe ry’abigeme. Kuri uwo munsi, abanyacubahiro batari bake bazohishikira gushigikira no kuratira ijisho ingene abigeme bakanyaga ikinga.
Nk’uko uwo arongoye iryo shirahamwe abandanya abivuga, ubushimwe butandukanye burateguwe, kuko uwuzoba uwa mbere azoronswa ibahasha ry’amahera 60.000 y’amarundi, uwa kabiri azotahukana inoti z’ibihumbi 40.000, uwa gatatu 20.000, eka abazoba bitavye iryo higanwa ntibazotaha imvumure kuko bazoronswa amahera 10.000 y’amarundi.

Cherif Nkeshimana