IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ABUCO : Mu kuva mu buhinga bwa kera tuja mu buhinga bwa none umuguzi (...)

ABUCO : Mu kuva mu buhinga bwa kera tuja mu buhinga bwa none umuguzi yoshumbushwa

lundi 17 Ntwarante 2014

Kubera ko umuguzi azogura ivyuma bishasha muri wa mugambi wo kuva mu buhinga bwa kera tuja mu buhinga bwa none (De l’analogique au numérique), mw’ishirahamwe ABUCO (Associations Burundaise des Consommateurs) basaba ko abasanzwe bafise ivyuma vya kera boshumbushwa mu kugabanirizwa ibiciro ku vyuma bishasha bazoba bagura.

Reta y’Uburundi yari yemeje guteza imbere ubuhinga bwa none, amaradiyo n’imboneshakure vya Reta, ivyo ikaba yavyerekaniye mu kwemeza politike y’igihugu ihariwe guteza imbere igisata co kumenyesha amakuru muri Mukakaro 2011. Mu kwezi kwa Gitugutu, umwaka w’2013, umukuru w’umurwi ujejwe ibikorwa vyo guhindura mu Burundi tugatangura gukoresha ivyuma vy’ubuhinga bwa none (passage de l’analogique au numérique), Yozefu Bangurambona, umukuru w’umurwi w’ubwo buhinga (Président du comité chargé des opérations du passage de l’analogique au numérique) yamenyesheje ko ata kabuza umwaka w’2015 uwo mugambi uzoba washizwe mu ngiro, kuko uzogirira akarusho kanini igihugu.

JPEG - 36.2 ko
Noël Nkurunziza, umukuru w’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO

Mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO basavye ko umunyagihugu asanzwe afise icuma ca kera ko yoshumbushwa mu kumugabaniriza igiciro ku cuma kindi c’ubuhinga bwa none azoba aguze, nk’uko bivugwa na Noweri Nkurunziza asanzwe arongoye iryo shirahamwe ry’abaguzi. Impamvu rero basaba ko vyogenda uko n’uko umunyagihugu atariwe yahisemwo ko haza ubwo buhinga, vyumvikana ko Reta yomushumbusha kuko agahombo koba kanini ku muguzi. Uko vyogenda rero, umuguzi yosubiza icuma yahorana hanyuma agaca ashumbushwa mu kumugabaniriza igiciro kuri ico cuma gishasha azoba aguze.

Noweri Nkurunziza arongoye ABUCO akaba yabishikirije ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 15 Ntwarante 2014, igihe isi nzima yari iramutse ihimbaza umunsi wahariwe umuguzi, uno mwaka bakaba bahagaze cane ku gisata c’amaterefone ngendanwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.