Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri yagiriza CNDD FDD gutangisha intererano n’abatari mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri yagiriza CNDD FDD gutangisha intererano n’abatari mu (...)

ADC Ikibiri yagiriza CNDD FDD gutangisha intererano n’abatari mu bagumyabanga

lundi 11 Myandagaro 2014

Igikorwa c’ugutangisha amafaranga amajana atanu ku banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu gihugu cose mu ntumbero yo "gushigikira intsinzi yo mu mwaka w’2015", kiriyamirizwa n’urunani ADC Ikibiri, aho bavuga ko ayo mafaranga atangishwa n’abatari mu mugambwe CNDD FDD.

Chauvineau Mugwengezo umuvugizi w'urunani ADC Ikibiri akaba avuga ko ari nawe arongoye UPD Zigamibanga

Muri urwo runani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta, bakaba bavuga ko amafaranga amajana atanu ariko aratangishwa, ari uburyo bwo gutera ubwoba, mu gihe muri urwo runani bafise n’ubukarata bwa bamwe mu batanze ayo amafaranga, ariko bakavuga ko bayatanze mu gukiza agatwe, nk’uko Chauvineau Mugwengezo yabibariye ikinyamakuru IGIHE. Mu kiganiro yaduhaye, akaba yasavye umugambwe uri ku butegetsi guhagarika ico gikorwa, kuko kirimwo amahinyu, ndetse muri ADC Ikibiri, bakabibonamwo ugutangura kwiyamamaza kandi hataragera.

Chauvineau Mugwengezo umuvugizi w’urwo runani, akaba asaba umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ko nawo nyene utokwica amatwi ku biriko biragirizwa umugambwe CNDD-FDD, naho uwo murwi bimaze kuboneka ko ukorera Reta n’umugambwe uri ku butegetsi, nk’uko yabandanije abivuga. Ico gikorwa rero co gutanga amafaranga amajana atanu ku bagumyabanga b’umugambwe CNDD FDD, kikaba kiriko kiraba mu gihugu cose.

Amakuru ava mu mugambwe uri ku butegetsi akavuga ko, Abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD bariko baritaba akamo ko guterera umugambwe wabo kuva ku mafaranga 500, kugira uze usubire kwiyongera intsinzi mu 2015. Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Umushingamateka Pascal Nyabenda ati :" Mu mugambwe CNDD-FDD amatora aheze ni ugutegura ayandi. Akaba yabivugiye muri
Komine Mpanda ku wa 9 Myandagaro 2014 igihe hatangura indwi yahariwe ico gikorwa co guterera, nk’uko tubikura ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umugambwe CNDD-FDD.

Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye CNDD FDD

Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe ndibaza ko adc bazohava babura ico bavuga bahebe babuze nabanywanyi guterera umugambwe wabo narabahanuye banka kumva iyo politike yakarimi nukuvuga ayamuhe ntaho izobageza ejo bundi ntibahagaritse ndayizeye bamwagiriza ko adatanga nintererano yumugambwe abo mwita ngo nabanywanyi banyu bayatangishijwe kungumvu numwanaa muttoya yobona kwarububeshi abanyu murabahagarika base kuyabaha boya umugambwe. Batarimwo? Humbira hiyo mwababeshi mwe.

  • JEWE NOBAGIRA INAMA YOKWIHAGARARAKO BAKANKA KUYATANGA!!!!!!!!! CANKE BAKAVA MUGIHUGU, BAKAGARUKA CNDD-FDD YAHEJEJE KUYATOZA!!!!!! CANKE BIYEGERANIRIZE HAMWE, MURAZI KO BANGANA 19000 KURI ETS HOBAKWIRA BABISI ABATERERA UMUGABWE WABO BIKORERE!!!!!!

  • UKWO BAKWITA GUPFUSAMBA!!!GENDA NONE NAWE UYAKE URABE KOBAYABAHA TESHUTE AKO NAGAHINDA KAKWUZUYEMWO UFISE ISHARI NKA KAYINI. MBEGA WARUZI KO UWUSHATSE ATANGA AYARENGA AYO BAVUZE NKANJE INZU YANJE YATANZE 15.000FBU.NA BADO BWANA SUBILI UTAONA MENGINE...KELELE ZA CHURA HUZUWII NGOMBE KUNUA MAJI!!!!!!!

  • Ibibintuvya ADC NDABONA BIGIYE KUBAGORA, ABANYWANYIBABO BATANGUYE KWANKA GUTANGA ITERERANO MUMIGAMBWE YABO ARIKOBAKAZITANGA MURI CNDD FDD! AHONOBABWIRAKO BABAHONYUYE BATARINZE KUJA MUMABARABARA, ngukwo kwnikwo kwigaragamvyakwiza rero mubasaba intererano bazibima ariko CNDD FDD YAZIBASABA BACAZITANGA!

  • Ahaa.Jewe Ikibiri Kirantwenza Ntamugambwe Numwe Udasaba Intererano Abanywanyi Bobo Kobasaba Abanywanyi Babo Intererano Baribagiye Uko Frodebu Fnl Niyindi Yakora Abonabo Bavuga Ko Bayatanga Kunguvu Nikubahenda Kuko Batanga Akarikumutima Kirya Nikimenyetso Ko Nomumatora Bazotora i i inkona.Barikumwe Batarikumwe Barerekwa Ntibabona Uwuterereje Afise Urubanza Baramuterera Ryumeko Bagumyaba Murakoze.Komerakomera Banyakubahwa Muri Murico Gikorwa Cogutoza Nabatanga

  • BANWANYI BIKINYAMAKURU NDABARAMUKIJE, MWOTUMENYERA AHO YAMASHIRAHAMWE NGO NI SOSIYETE SIVILE YINYEGEJE, KUVA AHO HAVUGIWE NA ONU KO I KONGO ATAMBONERAKURE ZIGEZE ZIHONYOZAYO IKIRENGE!!!!!!!!!!!!!! NTACOBAFISE BOTUBWIRA CANKE BARUMIWE!!!!!!!!!! NO KUBURANGAMUNTU VYABANANIYE GUSOKOROKA????????????????? ADC-IKIBIRI IVYA ONDESI KILIBA VYABATAYE KUWAMAZI, UBU NAHO MUGIRA MUHUNGABANYE UMUTEKANO WAMATORA MWITWAJE UBURANGAMUNTU??????????? HARI UWAVUZE KO UMUNTU AZOBURAGIZA AMATORA, KWAZOFATWA NKUMUMENJA!!!!!!!!! URUBANZA BACIRA ABAMENJA NARWO MURARUZI. BAVUKANYI MWIGUMYE KUKO IVYOVYO NIMWE MWABITEYE NGO MWIKUYE MUMATORA POLE, TURAZI IMVUGO ZUWUSHONJE CANKE UWUREMBEJWE NA GASHOMERI HIHIHIHIHIHI

  • kazoviyo ugize ico unyibutsa, jewe ndiko ndibaza iherezo rya pierre claver mbonimpa bikansiga!!!!!!!!!! abamutumye nabo akaba ari MUHOZI aho ayomafoto yahinguriwe, VITAL, PACIFIC na RUFYIRI bahejeje kumenyeshwa na onu ko bakoze ibidakorwa. ubu rero iyindi ntambuko baribakwiye kugira, nibarabe ingene bokurakuranwa baje barafungwa amezi anane mugishingo ca mbonimpa, bamutezurire nkuko bavugako imyaka imurembeje kandi bo baracafise imyaka mike!!!!!!!!!! pacific yamiza mukanwa uwitwa bihome yiguze umwami nugufa arafa, nawe niyigure mbonimpa amuruhurire amezi ane azoba akoze, azoba ateye iteka igihugu numuryango wiwe nayo ivyakarimi twarabihimvye. murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.