IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Agence Umuringa yabateguriye ibirori yitiriye "The Um’ fashion"

Agence Umuringa yabateguriye ibirori yitiriye "The Um’ fashion"

lundi 26 Nzero 2015

Ishirahamwe ’’Agence Umuringa" isanzwe itunganya ibiteramo vy’inyambaro ’’Mode" n’ibindi biteramo bitandukanye yatunganije ibirori vyitwa "The Um’ Fashion" bizoza biraba uko umwaka utashe.

Igenekerezo rya 31 Nzero, ikigo c’abanyamuderi "Agence Umuringa" cabateguriye ibirori bizobera kuri Royal Palace Hotel isaha cumi na zibiri n’igice. Ivyo birori bikazohuza imiyabaga itandukanye, aho bazokwerekana ubuhinga butandukanye bafise.

Ivyo birori vyateguwe kugira imiyabaga yerekane ico ishoboye gukora mu bintu bijanye n’ubuhinga (domaine artistique) kandi ko urwaruka rushoboye kuronka akazi kabo biciye muri ubwo buhinga, bidaciye kuri Reta nyabuna ubu akazi gasigaye kagoye kuronka nk’uko Alice Anny Akingabiye arongoye "Agence Umuringa" yabitwiganiye.

Ibiteguwe muri ivyo birori ni iyerekwa ry’inyambaro zitandukanye biciye mu ntambuko "defile de mode", hazoba hari abivuga haherekejwe indirimbo arivyo bitwa "Slam", abatangaza ibicapo vyabo (peintres), abakora ibintu vyo gutwenza (humoristes). Aho nihibagiwe abaririrmvyi bazobica bigacika, mu baririmvyi batumiwe harimwo Ninteretse Christian, yatwaye Primusic uyu mwaka urangiye, na Gaby Igwe hamwe n’umurwi Moutchou.

Ukwinjira muri ivyo birori akaba ari amafaranga 30.000 y’amarundi ku muntu, ku bantu babiri (couple) ni amafaranga angana 50.000 y’amarundi. Mwomenya ko ivyo birori bizoza biraba uko umwaka utashe.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.