Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
AJDC igiye kwigirira amatohoza ku birwanisho bivugwa ko bifiswe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > AJDC igiye kwigirira amatohoza ku birwanisho bivugwa ko bifiswe (...)

AJDC igiye kwigirira amatohoza ku birwanisho bivugwa ko bifiswe n’Imbonerakure

lundi 28 Ndamukiza 2014

Urwaruka ruhurikiye muri (AJDC) Alliance des Jeunes pour le Changement bo mu runani ADC Ikibiri bamenyesha ko bagiye kwigirira amatohoza ku birwanisho bivugwa ko vyahaye Imbonerakure za CNDD FDD.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 28 Ndamukiza uyu mwaka, abarongoye urwaruka ruhurikye mu runani ADC Ikibiri, bamenyesheje ko naho Reta y’Uburundi idashaka kwumva ivy’amatohoza kuri ico kibazo c’ibirwanisho bivugwa ko bifise Imbonerakure, muri AJDC bavuga ko amatohoza ataho yegamiye akenewe kugira abarundi n’amakungu bamenye ukuri kuri ivyo bivugwa ku mbonerakure za CNDD FDD. Babuga ko ivyashitse mu Burundi mu myaka iheze biteye Ubwoba, ari naco gituma batagiye kurera amaboko, kugira ntihaze hagire abandi barundi basiga ubuzima bwabo mu ntambara nk’ivyagiye birashika mu myaka iheze.

Urwo rwaruka ruhurikiye muri ADC Ikibiri rukavuga ko rugiye kuzigirira amatohoza, kandi bagasaba n’abandi bose bafise ico bazi kuri ivyo birwanisho ku baha amakuru. Basaba ko abamaze kwagirizwa ako kabi, yaba abasirikare bakuru bakuru mu gisirikare c’Uburundi canke abandi mu rwaruka, bobazwa kugira Uburundi ntiburwe mw’isanganya igihugu c’Urwanda caguyemwo mu mwaka w’1994.

Urwaruka rwo muri ADC Ikibiri rugatangazwa n’indimi zibiri ziri mubagize Reta y’Uburundi hamwe n’umugambwe CNDD FDD kuri ico kibazo c’ibirwanisho bivugwa ko vyatanzwe mu mbonerakure, mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Rusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuhagabira, mu kugumiza ijisho ku Burundi, kugira igihugu ntikirwe mw’isanganya.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.