IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imfashanyo zitabonetse Reta ibandanya kubaho

Imfashanyo zitabonetse Reta ibandanya kubaho

lundi 14 Ntwarante 2016, par Jean De Dieu

Mu gihe Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’uguhagarika imfashanyo zose zahora zihabwa Uburundi, hamwe n’uguhagarika burundu imfashanyo z’ugushigikira ikigega ca Reta zahora zihabwa Uburundi, Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru b’insamirizi BBC Gahuza miryango yamenyesheje ko iyo ngingo itari mbi cane kandi ko idakora ku banyagihugu.

JPEG - 60.7 ko
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE

Yagize ati : Reta hamwe n’ibihugu vya buraya bose bemeza neza ko Abanegihugu bakwiye kubandanya batunganirizwa ,ikibazo cuko badashobora gucisha amahera kuri Reta nta ngorane , igihambaye cane cane ni abanegihugu kandi nibo Reta ikorera.

Mu gihe bamubajije ku kibazo kijanye nuko ikigega ca Reta gifashwa ku bice bishika 50% kandi ari imfashanyo ziva hanze, Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rikaba ryahagaritse imfanshanyo, yishuye avuga ko ata ngorane n’imwe kandi ko igikuru ar’uko abantu bakwiye gutahura ko uko bigenda kose Reta y’uburundi ikwiye kubandanya ikora kandi ikabaho ikoresheje uburyo ihabwa n’abenegihugu. Ati : N’ubwo Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryahagaritse imfashanyo ntaco bitwaye na gato.
Igihugu c’Uburundi ntikibayeho kubera imfashanyo y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, igihugu c’Uburundi kibandanya kubaho kandi kizitunga; imfashanyo ibonetse ni sawa itabonetse naho ni hahandi Reta y’Uburundi ibandanya kubaho, Imana yaturemye izobandanya kudutunga.

Mu gihe umumenyeshamakuru yamubajije uti mbe Imana izova hejuru ibahe amahera mukoresha ? Yishuye avuga ati : Ntakibazo na kimwe kituraje inshinga, Reta y’Uburundi izobandanya kubaho, ikibazo kiraje ishinga Reta y’Uburundi nuko abenegihugu babandanya kubaho mu buzima bwiza n’ingene bisununura, Ntamutima usimba mu kirundi bavuga bati " akimuhana kaza imvura ihise"


IGIHE

Messages

  • YOOOOO NTAKUNDI YOVUGA JEWE,AGAHINDA KARAGENDANWA ,ABAHAGOREWE NABANYAGIHUGU NTAMIKORO BIFITIYE,HAMA NGO NIBO BAGIYE KUBESHAHO ABICANYI NABANDANDENDE, ARIKO BIBUKE KO INYAMA YAMBERE INKOROKORA IKUNDA N’INKONA

  • Ndakwemeye nyakubahwa ministre ubabwij ukuri’izomfashanyo zabo nibazigumye nakare nizaza kuduteranya imana yakuduhay ikudutungire Burundi

  • Uburundi ni igihugu nkibindi iciyongeye kuburundi imvura irarwa ukuri kwamye,izomfashanyo natwe zirwaza munda ngo nuko zitabonetse .urumva ko zitwa imfashanyo sizo kirumara nizunganira , imodoka nyinshi ziragenda zidafise ipine rya reserve kandi zigashika iyo zija. No koburundi nuko

  • Akimuhana kaza invura ihise aho bazitangana amategeko nibazigumye ngirango twokira itera bwoba rya EU na mogheini na samanta power na louis michel nayo uwuzotuvogera ngo nuko arumuzungu tuzomumesa kandi tugiy guterimbere gusumba ibigori bigiy guheka bitanu kuri burikigori imana niyo cabona.

  • REKA KWIREMESHA NYAMITWE NONE NAYAHEMBA INDONGOZI AGIYE KUZOZA ARAVA MURU NYARUCARI NONEHO KARABAYE NABATARI BWAHUNGE BUCA BAHUNGA KUKO O.B.R. ICA ISARA MUBANYAGIHUGU BAZE BATANGA UTWA BORIYE AHOHO NTIBOVUGA NGO HARIVYO BAZOFASHISHA ABANYAGIHUGU UBWO SIVYO MUZOCA MUGARUKA MUKABAKA?YOOOOO AAAAAA HAGOWE ABENEGIHUGU MWEBWE MWIDARAMIYE

  • Ahubwo nibatange imitahe yo gufata abao bicanyi badahema kwica abanyagihugu.
    Peter nabagenzibe nibashikirizwe urukiko kugirango basobanure ibibi bakoreye u Burundi. Naho gukuraho aide, ikizakurikira nuko abanyagihugu bicwa ninzara hanyuma abo bicanyi bahite basahura i Gihugu utwari dusigaye twose badukombe. Peter na Nyamitwe muri abicanyi ariko imana izabahana kandi si kera.

  • Eeh Ni Kumenyera Kwitunga. Reta Y Uburundi Si Umwana Kandi Muramaze Kuvyibonera Mwese. Rindira Uko Bahagaritse Muzokwumva Bazitanze. Vyose Ni Politike

  • Abarundi turateye isoni. Mbega ni kuki hatoba ibiganiro kugire ingorane zihere? Rindira ubukene budutere kandi abo hejuru bobo ntibuzobakorako. Abibaza ngo ntangorane ntibazi ivyo bavuga.

  • Abarundi turateye isoni. Mbega ni kuki hatoba ibiganiro kugire ingorane zihere? Rindira ubukene budutere kandi abo hejuru bobo ntibuzobakorako. Abibaza ngo ntangorane ntibazi ivyo bavuga.

  • izomfashanyo barazigumya,hanyuma,nabo nibatuvire kubutaka bwuburundi

  • nivyo ko abambere boshikirwa n’ingorane mugihe imfashanyo zahagaritswe ari abanyagihigu batobato. ariko abo banyagihugu nyene nibo bamwitoreye kandi baramwizeye ko petero NKURUNZIZA azobarongora neza. hari igihe biba ngombwa ko umuntu yitandukanya n’abitwa beza (abazungu) bakiyita ko bakunda abarundi bakavuga ko bakeneye amahoro kuburundi ariko ugasanga nibo badukubitisha ibimoko bakandagaza ibirwanisho. kuva kera ntamuzungu yigeze gukunda uburundi kurusha umrundi.mbega ninde wundi yogukunda kurusha uko wikunda. komera Nyamitwe. turemera ko umugambwe wa cndd fdd ukunda abarundi.

  • None Nyakubahwa Nyamitwe, ko ndaba mumaso hamwe, nkabona umengo uravuga umeze nkufise ibibazo vyinshi, ubwo ntiwosanga amahera yabaheranye mugabo ukanka kudukura umutima?

  • Uburundi Bwarikukiye.Nibagumye.Nabundi Bayaduhesha Ukubafu Bakayatoza Ukuryo.Ndongozi Z’uburundi Ni Muze Dukore.Abo Batwimy Imfashanyo Tuzobafasha Mur 2o2o.Nyamitwe,wishuye Neza Cane.

  • Uburundi Bwarikukiye.Nibagumye.Nabundi Bayaduhesha Ukubafu Bakayatoza Ukuryo.Ndongozi Z’uburundi Ni Muze Dukore.Abo Batwimy Imfashanyo Tuzobafasha Mur 2o2o.Nyamitwe,wishuye Neza Cane.

  • Uwo Mumenyeshamakuru Yarihenz Mukubaza Ngw Imana Izova Hejuru Ngwizanamahera.Imana Yoyo Irahambay.Ishats,Yogira Abanyaburaya Abaken Gusumba Abandi Bos.

  • Abo bavugako bagowe kwifashanyyo nibobahora ibobahora babukura mucibo iyo zibonetse

  • nyamitwe avuga nk’ufise ubwoba.vyakomeye mutama

  • Ubu urahaye ucisha make ukuntu yahoraga yishongora .Ubu naho ni uRwanda? ibinyoma vyanyu buca bija ahagaragara

  • jew mbona ko ingorane zizob nyish ikibabaj nuko reta itazosubir kwangagea ubushomeri bub bwish .par après hazob revolte kuk ce sera une injustice abana b,igihugu baheza bakaguma babura akazi

  • Abarundi muratweza tagorane rindira murabe oberi iduze tax kumisoro mbega nyamitwe na kagwi kiwe bahora biba bakora igendo mumakugu sha ndaba biraba ayo mahera makoresha iremetanya mucanishamo imigabwe na mashiramwe ubuhoho mugeze kuri Ekiriziya gatorika sha imana nibagirire ikigogwe ivyo mukora na kabaramaza

  • ndi.niyonshima.Isaac.Abarundi.Nimuzedufatanemunda.dusengereigîhugucacu.ntamvuraidahita.niyokurinowa.yarahise!!!!!!!!!!barundi.rema

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.