IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Aime Nyamitwe:" Urwanda rurafise uruhara mu mutekano muke uri mu (...)

Alain Aime Nyamitwe:" Urwanda rurafise uruhara mu mutekano muke uri mu Burundi"

jeudi 1er Gitugutu 2015

Reta y’Uburundi iragiriza igihugu c’Urwanda kugira uruhara ngorane za politike n’umutekano muke w’ibonekeza mu gihugu c’Uburundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza 2015.

Inyuma y’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini CIRGL,umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Alain Aime Nyamitwe yavuze ko bafise amakuru ko hari urwaruka rwahungiye mu Rwanda ruriko ruronswa inyigisho za gisirikare.

Naho ashima ko igihugu c’Urwanda cakiriye impunzi z’abarundi,umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe avuga ko ikambi ivugwamwo cane urwaruka rugira inyigisho za gisirikare ari ikambi y’impunzi ya Mahama.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu avuga ko bafise amakuru yemeza kandi ko abagomvye gushikira ubutegetsi bakoresheje ibirwanisho nabo nyene bari mu gihugu c’Urwanda.

Ku bijanye n’uko igihugu c’Urwanda naco cagiriza Uburundi ko hari abarwanyi b’umuhari FDLR bahawe indaro mu Burundi,umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe avuga ko hari umurwi warungitswe ngo ugire amatohoza kandi ko icegerenyo kitaraja ahabona,rero ko ari ukurindira ibizova muri ayo matohoza yagizwe.

Naho biri ukwo,igihugu c’Urwanda caramaze kumenyesha ko ivyashikirijwe mw’itangazo ry’ishirahamwe CIRGL kitavyemera,kandi ko n’umurwi w’amatohoza worungikwa gukora amatohoza kuko ibintu bimeze hagati y’Uburundi n’Urwanda kitavyemera.


Van Naris Mugisha

Messages

  • munanirwe kwikemurira ikibazo cyanyu NGO muri inyuma yuRwanda uRwanda muzaruvuga muruhe kuko aho tugeze abarundi ntimuteze kuhagera kuko muracyabaswe ningengabitekerezo

  • ngo abanyagwanda ntibemera umugwi wokora amatohoza? Bawankira iki se? NIBA NTACO BIYOTSA? ivyo vy’interahamwe ko uburundi bwemeye ko uwo murwi ujako none kuki ugwanda RWO ruvyanka? NIBAGENDE, gusa bamenye ko uwo muriro bariko barenyegeza uzokwaka usubira iwabo, ABIRASI GUSA.

  • KIRYA ABANDI BAKIRYA KIKISHARIRIZA.none se mwacumbikiye fdlr mugirango bizabagwa amahoro?? bariya bafite amaraso nimubifashisha muzabona urwo imbwa yaboneye kumugezi.mbabwize ukuri kandi mwicare mubizi nabandi bumvireho ko umuntu wese aho ari hose uzakorana naziriya nkoramaraso tuzamurwanya ntamahoro azabona.ibyo mutangaza nibihimbano kugirango muyobye amahanga??

  • ibyo bavuga ku rwanda ntabwo alibyo . ahubwo njyewe nibaza impamvu rutabikora hubwo. niba rutabikora kubwange mbona baratinze. ikindi bareke kwitwaza urwanda nkaho alirwo rutuma ibibazo byabo bidashira. nubujiji mukuyobora igihugu. nkaka kitwa nyamitwe kaje mububiligi ndakareba numva nibyo kavuga nsanga uburundi bwaragowe.

  • Abavyeyi Baraburira Hejuru Basha. Ehe Uyo Muvyeyi Yabuze N’ Umwana N’ Umwe Muzima. Imana Irakwiye Kumugarukirako Igakizamwo N’ Umwe

  • @

    Ariko vraiment, umuntu yitwa ngo ni ministre avuga ibintu bisafise ishingiro akavyemeza kweri. none ga wa mbwawe u Rwanda nirwo rwazaanyee manda ya 3? none izompunzi zazanywe mu Rwanda na nde? none nirwo rwazibariye ngo zihhunge? none wumva zitarahunze kuubera ingorane zari mu burundi? none izongorane ni urwanda rwazizanye canke ni mandat ya 3 ntaco mubeshera igihugu kibanyi!!!!!!!!!!

  • Mwatayimitwe ivyo bavyita urupfu nimpfane u Rwanda muruhigakwiki mwemwafashe interahamwe mujinjiza mugisoda nomugipolice none raba bamariye kumacuniro urwaruka rwuburundi ivyo vyose ntawutazi kweri president wa Tanzania ari kubikora ariko ntimwihende mwebandanya mwica abarundi mwiyita ngo muri banyamitwe rindira akarinyuma karahinda ntantambwe muzoduterana idiot

  • reka korondera ivyo mwambika ibara abandi pfamwipfane urwanda ruriko ruteza imbere igihugu namwe nukwikeka gusa kura nkurumbi vyose birahera

  • None ga nyamitwe ntagisoda mufise ciyemera co kubatuza?ko nkurumbi yatubwiye ko nomu Rwanda azobasangayo none imifutu yanyu itanguye gutumwatumwa,mbe mwebwe ko Tanzania yabafashije ko President Buyoya na Dometien batigeze bitwarira Tanzania,hakora urusoro gusa mugabo ku Rwanda muragenda mwahaze amavoka kuko ntirwitaha.

  • None ga nyamitwe ntagisoda mufise ciyemera co kubatuza?ko nkurumbi yatubwiye ko nomu Rwanda azobasangayo none imifutu yanyu itanguye gutumwatumwa,mbe mwebwe ko Tanzania yabafashije ko President Buyoya na Dometien batigeze bitwarira Tanzania,hakora urusoro gusa mugabo ku Rwanda muragenda mwahaze amavoka kuko ntirwitaha.

  • NIMURINDIRE UGWANDA KOGWASE KWEMERA KO GWAHAY INDARO ABAGONVYE GUTEMBAGAZ UBUTEGETSI BAGATURIRABANTU NIMIDUGA NAMAZU VYABENEGIHUGU AMATOHOZ ATAHOYEGAMIYE NAKOGWE NIVYAGARAGARA VYUKURI INTAGOHEKA ZIKUNDIGIHUGU TOZOJA KUBIRONDERERA

  • Ubu uremeje ko atamutekano uriho mwene nyoko yavuze ko vyifashe neza vyooose ko amahoro arengako!Mwasaze aho ga mwabaza komuriko mukinisha abana canke?Oya komeza muminsi mike turaraba!U Rwanda nibaza ko mworuterera hasi,aho nuko rubimye abahungiyeyo ngo mubice!Aho mweretswe!Murabuze abo musombora basha!

  • Impfuvyi zo kwa nyamitwe zirateye ikigogwe pé, mbega icaha mukora musha abantu booose bahumirize ngo n’uko muri impfuvyi za 1972??? mwoshimishwa nuko abashoboye gucika kw’icumu ryanyu n’aba ba FDLR mukingiye ikibaba kuko bafise uburambe mw’ihpnyabwoko mwateguye bataronka n’ubuhungiro? iyo mukubise impfivyi bashahu ntaca muba muzibuza no kurira vyovyo.
    mbega burya muravye ivyo muriko murakora kandi mumazemwo imyaka itari mike mwoba bishika mugahagarikwa umutima n’umutekano muke n’ivya politique mu burundi? erega mwifitiye Nkurunziza nk’umwami wanyu naho bogira imyimenyerezo ya gisirikare bazoza barwana ku ruhande rwanyu ntakindi bazokora atari ukubafasha kwinovora ya CAYI Peter yavuga le 25/04/2015 mu kigobe. reka nawenu abahunze bobo babe impunzi ntaco bibatwera. hanyuma ndabahanure bimwe mudakunda, rondera ubutungane nyabutungane bwubahiriza abantu bose, mwemere n’abanyu bakora ivyaha babihanirwe, kandi mwigishe abantu banyu kugira ico bubaha. inzego mwahumanije muzityorore abo mwahekuye mubasabe ikigongwe mwibuke neza ko igihano co gupfa arimwe mwagifuse, bitumwikana rero ko mwogikura mu mategeko kuko muzi ko nkurunziza afise urwo gupfa yaciriwe kubera ubuyobe yagize ngo muce murugumizaho kuwo mudashimye ko yabandanya abaho.bitebe bitebuke mumenye ico Yezu Kristu yavuze ati "ingero ugeresrako abandi niyo nawe uzogererwako, mbere bazoyuzuza banengesereze." none aho mwohinduka mugakora ineza mwohomba iki? murakenyeye muzopfe nka Gahini Imana yabwira iti reka kwijirwa nawe ganda ukore neza uze ushimirwe hanyuma nawe akaruhuka yishe mwenewabo agasubira kwicuza. Bavukanyu banje nkunda ....... ikibwirwa ni icumva iverekwa ni ikibona.

  • Ubu uremeje ko atamutekano uriho mwene nyoko yavuze ko vyifashe neza vyooose ko amahoro arengako!Mwasaze aho ga mwabaza komuriko mukinisha abana canke?Oya komeza muminsi mike turaraba!U Rwanda nibaza ko mworuterera hasi,aho nuko rubimye abahungiyeyo ngo mubice!Aho mweretswe!Murabuze abo musombora basha!

  • Reta y-uburundi,namba vyayinaniy kugarura umutekano,nibareke guta impfane ku Rwanda! Mbega baze,Géneral Adolphe,Géneral Bikomagu nabandi....boba bishwe n-abavuy mu Rwanda? Imana idufashe.

  • Quel mensonge monsieur Alain Aimé Ntamitwe! c’est plutôt le président afise uruhara mu mutekano muke uriko urigaragaza mu Burundi. Pensez plus àla notion de ’’relation de cause àeffet’’. En terme de psychologie on appelle ça ’’déplacement’’ et en terme de Philosophie ça devient ’’la médisance’’. Diplomatiquement c’est très dangereux et mauvais. Kwandagaza, kraraza kwifatira mu gahanga abandi kandi ububegito buri iwawe ukaja kuburondera ahandi.

    Sauf wewe gusa tout le monde savait que très ko umutekano uzomera nabi ikiringo ca gatatu acubahutse. Ronderera ngaho nyene! si tu n’est pas aveugle!

  • Ndabonako abarundi biyemeje gufashwa na Kagame bahagurukiye kimwe mukwiyamiriza ivyo umushikiranganji wigihugu cacu cu Burundi namakungu avuze kuribirero ntaconirirwa ndavuga kuko icaricarambabaje nuko nyenicubahiro ataribwatangaze icese ivyurwanda ruriko rurakorera igihugu kibanyi, twaravyihoreye nimwe, kabiri, gatatu, nokurenga twibaza koruzobikaka ariko bakomeje kwisuniriza, uburero twabonye ningombwa tubibabwire nabarundi bavyumve, nabanyarwanda bavyumve, namakungu avyumve, ibinavyo turafise igiherunaka tuzobivugiramwo, ikizokurikira turakizi ariko ntacomvuze ngaha.

  • Alain Aime NYAMITWE izina ribaye umuntu koko! mwebwe murakorana amanyanyaga na secretariat ya ICGLR iyoborwa numukongomani mwiyumvira yuko abanyarwanda ari ibijuju vyo kwakira ayo manyanga yanyu,Mbe URwanda mukeka ko rutazi abo ba Fdlr mukorana bamwe mwanashize mu gipolisi,naho mwabakirira mu gatumba nahandi harazwi,Mbe URwanda nirwo rwabwiye nkurunziza kurenga ku masezerano ya arusha yo nkwezi yingorane zihari,mwe mwataye umutwe,URwanda ntimuzarushobora gusa turarushimira ko rwatabaye impunzi bene wacu baruhungiyeko,ni mwemere mushikirane nabo batemera ingingo zamanayanga mwafashe amahoro agaruke.

  • None Ivyo Vyose Ntibazi Ikibitera Nintumbero Yavyo?Aho Vyooos Vyavuy Ntanumw Ahayobew Kuko Ntivyamy Uko!Ayo Majambo Yoyo Twarayahaz Dukeney Ibikorwa!Amaraso Yabarundi Aseseka Ijoro Numutaga Ntawuzi Ico Azorihwa Gushika Ubu!Abategetsi Badusiga Inkore Kumaso Ngo Umutekano Uriho Arko Ntawo!Nibarabe Cause Majeure Aho Kuraba Conséquence!Ntiworwanya Malaria Utarwanij Umubu Ngo Uz Ubishobor!

  • Eeeehega barundi, aba bene NYAMITWE ntakindi bamariye uburundi uretse inda zabo gusa, mbega kuvuga amajambo nkaya mwibaza ko arivyo bizaheza ijyane ngaha a iwac. No NKURUNZIZA 3 rd Term, ibi vyo kutujijisha bateza agasomborotso kubabanyi bacu babanyagwanda ntavyo dushaka. Dukeneye ubuyubozi i burundi .

  • Burya iminsi y’igisuma iraharuye,inyenzi mwagiye ngaho mwigira utwinda zigira mw’ibutura muri africa mwibazango bizobandanya uko?Burya rindira ako kanyaro kazoteba gahera ,rindira mumenyekane muzoteba muhigwa muri africa yose nk’aba al chabab,

  • Urwanda N’inkwezi Y’amarere Muri Kano Karere.Muri Congo Urwanda Nirwo Ruteza Umutekano Muke.Umurozi Araroga Kera Hama Akazira Uruyoya.Abarundi Bakunda Igihugu Atari Abagambanyi Turi Maso.Wait And See!

  • yaco mwiyaraza kuko ako kayi nimwe mwagashuhije. s abanyarwanda ni.mwebwe nyene. kanywe rero mukamare.

  • yaco mwiyaraza kuko ako kayi nimwe mwagashuhije. s abanyarwanda ni.mwebwe nyene. kanywe rero mukamare.

  • Ewe Rwanda waragowe, abo vyatekurukanye bose batemba bagutembana bakirengagiza ko aribo ahubwo baguteje ibibazo. Ariko ico nshima nuko buri igihe uvyitwaramwo neza. Bategetsi b’Uburundi mushatse mworeka kwiteranya, mwemeza ivyo mudafitiye preuves!

  • Nonekumengu RWandarufisubwoba Nibareke Amatohoza Ako Rwe. Abantubamenyukuri.

  • Nonekumengu RWandarufisubwoba Nibareke Amatohoza Ako Rwe. Abantubamenyukuri.

  • Rwanda waragowe, ubuse niwowe wabwiye Nkurunziza kwitoza ubugira gatatu, nyuma yo gukoresha iterabwoba kuri Cour constitutionelle !!!

  • none mubigejejehe?ntakiravamwo?

  • Sha murabuze aho muhimbira ico mutazi ni uRwanda Nkurumbi amaze kuborerwa amaraso y abarundi none ngo ashaka gukindira ku rwanda nabandanye azokumirwa.

  • Sha murabuze aho muhimbira ico mutazi ni uRwanda Nkurumbi amaze kuborerwa amaraso y abarundi none ngo ashaka gukindira ku rwanda nabandanye azokumirwa.

  • Mbe urwanda muruzanye mute mubibazo vh abarundi ? mbe urwanda nirwo rwazanye 3 eme mandat? mbe urwanda nirwo rwirirwa rurica abanyagihugu? mbe mwarigeze mubona umunyarwanda muri ano magume turimo? preuves ni izihe zituma mwirirwa muravuga urwanda urwanda ?nimureke gufata ibibazo abarundi barimwo ngo mubigire ivy akarere kose ntaho bihuriye namba. Mbe izo mpunzi muvuga ziri murwanda zibateye ubwoba ko mudatinya iziri tanzaniya congo n ahandi kandi bose ico bahunze ari kimwe? Barundi bene wacu kira mutu na muzigo wake urwanda ntanyungu rufise mubibera muburundi ronderera ikibazo ahandi.

  • mwa barundi mwe nimutabaze Imana,sinon kwitwaza abaturanyi ntaho vyobashitsa!murava kugwanda!emwe muraronse abo mukinirako!barya ntaco bakurikira muburundi cotuma babateza umutekano mukeya!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.