IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > SOJPAE ririyamiriza ama antennes ashingwa ku mashure

SOJPAE ririyamiriza ama antennes ashingwa ku mashure

mercredi 7 Nzero 2015

Mw’ishirahamwe SOJPAE riharanira ineza y’abana basaba ko ama antennes atosubira gushingwa ku mashure canke ahantu hakoranira abana. N’umuhinga mu vy’ibidukikije Albert Mbonerane asaba ko ama antennes yoza arashingwa ahantu hakirurutse kandi habanje gukorwa ivyigwa.

Mu gisagara ca Bujumbura abanyagihugu bamaze igihe biyamiriza ama antennes y’ishirahamwe Viettel agomba gushingwa mu ngo z’abantu canke ku mashure. Albert Mbonerane avuga ko mu vyigwa vyagiye bikorwa yaba mu Bubirigi no mu Budagi ko vyerekana neza ingaruka ziterwa nayo ma antennes ku magara y’abantu na cane cane ku bana bakiri bato, ari naco gituma bozishira hejuru ahantu hakirurutse kugira imishwarara yayo ntishobore kubashikira. Avuga ko n’ubwo indwara zica zibafata atari nka Malariya yica vuba vuba bashobora kugwara izindi ndwara zica buhorobuhoro nka cancer, indwara zo guhema nabi ,kugangaburika canke gushavuzwa cane n’akantu gato gashikiye umuntu.

N’ishirahamwe SOJPAE mw’itangazo basohoye kuri uno wa kabiri bavuga ko n’ubwo ata ngaruka zigaragara zirashoka zibonekeza kubwa ayo ma antennes ngo ntibokwemeza ko ata ngaruka mbi zifise, na cane cane ko mu vyigwa vyagiye bikorwa vyerekana zimwe zimwe mu ngaruka mbi zishobora gushika.

Ari naco gituma basaba abategetsi ba kino gihugu c’ Uburundi gukora amatohoza ashobora guhumuriza ku ngaruka zitegwa n’ayo ma antennes ku magara y’abanyagihugu muri rusangi no ku magara y’abana vy’umwihariko. SOJPAE rihamagarira impande zitandukanye gukorana kugira bubake igihugu batore umuti urama w’ico kibazo, na cane cane mu gushira imbere ineza y’ibibondo. SOJPAE risaba kandi ko izo antennes zitosubira gushingwa ku mashure canke ahantu hahurira abana na cane cane ko aribo ba mbere bahura n’ingaruka mbi zivuye ku mishwarara y’ayo ama antennes nk’uko ivyigwa vyinshi vyagiye bivyerekana.

Muri Reta bemeza ko ata ndwara n’imwe iterwa n’ayo ma antennes

Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru Nkezabahizi Tharcisse we avuga ko ata ndwara n’imwe ziterwa n’izo antennes, kuko abahinga bemeza neza ko ata ndwara ziterwa n’iyo mishwarara, akaba yabivuze mu nama yagirishije abarongoye ishirahamwe Viettel hamwe n’urwego ARCT, inyuma yaho abanyeshure bo kw’ishure New School bahagarikiye kwiga bakankira ishirahamwe Viettel kubandanya rishinga ayo ama antennes.

Ngo nta kibazo zitera ahubwo biva kukutamenya, kuko mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe OMS ryaremeje ko ata kibazo na kimwe biteye, ngo bagiye gutanga amakuru yo guhumuriza bongera banakwiragiza hose ayo makuru kugira abantu bashobore kubitahura.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega mana Nkezabahizi tharcice ashaka abantu bose bapfe kubera we agwaye ibitakira be na concilia izo atene mubushinwa 2001 atene yari kuri 1km yi shure 260eleve s bataguye kumeneka umutwe bose ubu nibidebiri muri napal ,mubufarasa , brezil ,chil,etc natubwire ville umwe gusa kwisi arasagamwo izo antene ??ibisazi biri muba dd sinzi umuti wanyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.