Accueil > Inkino > FOOTBALL > Algeriya ishavu riraniga kubera Gabon yatowe kwakira CAN 2017
Algeriya ishavu riraniga kubera Gabon yatowe kwakira CAN 2017
jeudi 9 Ndamukiza 2015
Igihugu ca Gabon nico catorewe kuzotegura ihiganwa ry’inkino z’umupira w’amaguru ku rwego rwa Afrika CAN, umwaka w’2017. Ishavu riraniga kuri Algeriya yaziga ko ariyo itorwa.

Igihugu ca Gabon kiri mu burengero bwa Afrika, nico gihugu catowe kuzokwakira inkino za CAN zigiye kuba inyuma y’imyaka ibiri. Ico gihugu carushije amahigwe ibihugu vya Algeriya na Ghana vyahiganirwa gutegura izo nkino. Izo nkino zari kubera mu gihugu ca Libiya, ariko kubera imvo z’umutekano, ico gihugu caciye kibivamwo.
Ishavu riraniga kuri Algeriya kubera iyo ngingo yafashwe na CAF. Mohamed Tahmi, umushikiranagnji w’inkino wo muri Algeriya ati : "Kuvy’ukuri, sinari niteze iyo ngingo. Twatanze idosiye yuzuye, imeze neza cane, yuzuye ibisabwa na CAF vyose, ariko turatangaye. Sintahura ico bafatiyeko kugira batore Gabon nk’igihugu kizokwakira izo nkino".
Bivugwa ko uwo mushikiranganji Mohamed Tahmi, asanzwe afitaniye imigenderanire mibi na Issa Hayatou arongoye CAF, ari navyo vyoba vyatumye Algeriya idatorwa.
Gabon yatowe ntirigera itsindira igikombe ca Afrika, ariko iramaze kwakira izo nkino iri kumwe na Guinee Equatoriale mu mwaka w’2012. Tubibutse ko izo nkino zabereye muri Guinee Equatoriale mu mwaka w’2015, aho igikombe catwarwa na Cote d’Ivoire.
Cherif Nkeshimana
Messages
11 Ndamukiza 2015, 21:21, par Minani evariste
Ewe ! Abo muri algeliya ngo bashaka kwakira can nibihangane uwo muyobozi nawe narabe yiyunge namugenzi we arongoye caf kuko inabiyiturwa iyindi.
17 Ndamukiza 2015, 22:35, par ININAHAZWE Ezechiel
naho bazotunganya izo nkino ntibazotahana igikombe.