Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amabanga 10 kugira ukore ibintu vyinshi ku munsi umwe utarushe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Amabanga 10 kugira ukore ibintu vyinshi ku munsi umwe utarushe

Amabanga 10 kugira ukore ibintu vyinshi ku munsi umwe utarushe

jeudi 9 Rusama 2013

Umwanya ni ikintu umuntu adashobora gucungera. Umunsi nawo nturenza amasa 24 gusa.

Ni kangahe mumaze kwibwira muti : “Iyaba nari kuronka iyindi saha yiyongera kuri aya 24 ngaheza gukora ivyo nariko ndakora..”canke “Ni kubera iki hari iminsi indwi gusa mu ndwi imwe?”

Rimwe na rimwe turarengerwa n’ibintu usanga tuba turiko turakora bitegerezwa guhera mu munsi umwe nyene.

Birashika mukarengegwa n’ibintu vyinshi bibamena umutwe? Nta gihe bishika mugasanga mwari mufise ibintu vyinshi mwategerezwa gukora mu munsi umwe, ariko ko umwanya wababanye muto bitashobotse ko mukora vyinshi?
Ntibirashika ugutaha ubabaye ku mugoroba bigaca vyonona n’umubano mwiza mu ngo zanyu?

Nimba mwishuye ego muri ivyo bibazo, ni vyankenerwa ko mwokurikiza impanuro babahaye kugira mushobore guhangana n’ivyo bibaremereye mu mirimo yanyu ya minsi yose. Aho mwoca mwibaza ingene mwobigenza kugira mukore ibintu vyinshi mu munsi umwe mutarinze no kuruha.

Ng’aya amabanga 10 agushoboza kwitunganya mu buzima bwawe kugira ushobore gukora n’ibitari bike.

1) Kore ikintu kimwe kandi ugikore rimwe gusa

Ni mwibange kuri ico kintu kimwe gusa mu mwanya umwe. Ku bisanzwe ntimushobora gukora ibintu bibiri mu mwanya umwe.

Nimwiruhurire hama mwibange gusa kuri ico kintu muriko murakora.
Mushire ku ruhande ivyo bindi mwariko murakora kugira mushore gukora no guheza neza ivyo muriko murakora.

2) Ni mwige gushira imbere ivyankenerwa gusa

Hari ibikorwa bimwe bimwe usanga ari vya nkenerwa gusumba ibindi, ugasanga n’ivyo binihutirwa gukorwa imbere y’ibindi. Imbere y’uko ikiringo vyategerezwa kurangirirwako gukorwa kigera.
Nshira ku murongo imirimo yawe bivanye n’ibintu bibiri biza imbere: “Bikurikira” na “Mu nyuma”.

”Bikurikira” ni ibikorwa bitegerzwa gukorwa uwo munsi nyene,

”Munyuma”ni ibikorwa bishobora gukorwa ejo hazoza canke mu minsi iri mbere. Igihe ibikorwa “Bikurikira” vyarangiye gukorwa, nca uhindura bimwe mu bikorwa vyawe.

3) Ni mwitunganye bivanye n’umurimo ufise

Mushire ibikorwa vyanyu mu mirimo iteguwe gukorwa.
Umurimo murimwo ushobora kuba ibintu mwateguye gukora, ari nko gupanga ibintu ku kazi canke muhira, ushobora kuba wibanze ku kintu kanaka, ari nk’iterefone ngendanwa canke inyabwonko. Ni mutunganye imirimo yanyu bivanye n’ivyo murimwo.
Nk’akarorero mushobora kuba muri kuri terefone, ni mukore ivyo mwategerezwa gukora vyose bijanye no kwitaba terefone mu mwanya umwe.

4) Ni mumenye kugena

Mwihweje neza ivyo mwateguye gukora, murashobora kubona ko mushobora kugena ibikorwa bimwe bimwe. Abikorera ivyabo kenshi bibaza ko bataye ububasha bari bafise ku mirimo yabo batabikoze bo nyene. Nico gituma usanga kenshi twibaza ko aritwe twenyene dushobora gukora igikorwa kanaka. Nimumenye kuraba ibintu uko biri no kwizigira abo mukorana.

Nimba igikorwa muhaye uyundi mukorana yogikora neza ku bice 80 kwi 100 kurusha uko mwari kugira mwebwe nyene,ni mumugene.

5) Ni mushinge imigambi

Nimba ikintu kidashobora gukorwa mu ncuro imwe gusa, murace mushinga umugambi. Nk’akarorero, gutunganya inama isabwa kurondera no gutegura ikibanza inama iberamwo, urutonde ngenderwako rw’uwo munsi, ubutumwire bw’abaza mu nama, n’ibindi. Mwegeranije ivyo bikorwa vyose mu mugambi umwe, muzoshobora kwifatira mu ntoke uruja n’uruza rw’ibikorwa bizonabatuma uwo mugambi urangira neza.

6) Ni mugire uturuhuko tw’akanya gato

Dukunze kwibaza kenshi ko gukora amasaha menshi tutaruhuka bituma dukora vyinshi. Namba ari ukuri ko kwibanga ku kintu bishobora gufata umwanya kandi ko bisaba umwanya ukwiye kugira “ico gikorwa gikorwe”,birumvikana ko ukwibanga kwacu bimara umwanya ata karuhuko kahabaye. Ni vyankenerwa cane kwibuka guhagarika gukora akanya gato kurusha kwinanata gukora ata karuhuko.

7) Nimwihe impemburo

Igihe cose muhejeje umurimo mwariko murahora, nimwihembure. Ni muruhukire ku kazuba, ni muganire na mugenzawe, murondere ico muba murasamarirako murushirizeho uko mwahora mubikora.

8) Mukore ibintu bigoye

Hama hariho iminsi yose ibikorwa biba bitegekanijwe gukorwa, bimwe muri ivyo bikorwa usanga bigoye canke bitaryoshe gukora. Nimubigire ivya mbere mu bikorwa uwo munsi kugira muvyikure. Nimumenye imyanya yo kwibanga ikomakomeye (ashobora kuba ari ako kanya nyene,mu gitondo ,ku muhingamo,…) ni mukoreshe iyo myanya kugira murangize neza ibikorwa vyanyu.

9) Ni mwihe intumbero

Ni mwihe intumbero mu bisata vyanyu vyose: amagara meza, ubutunzi,… .Ni mushire ku murongo ibikorwa mwateguye gukora kugira bibashoboze kugera ku ntumbero yanyu. Ni mukore n’imiburiburi ku munsi ku munsi igikorwa cegereza cane gushika kuri kimwe mu ntumbero muba mwihaye kugerako.

10) Ni murondere uburyo bubakwiriye

Uburyo bworoshe bwo gutangurirako kwitunganirizako ,ni gufata ikaramu n’igipapuro. Nimwandike ibintu vyose mutegerezwa gukora, muvyandike bihwanye n’umwanya bitegerezwa gukorerwako. Ibikorwa uwo munsi nyene, ibiza imbere, ibikorwa ejo bikaza hanyuma.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.