Accueil > Imibano > Urukundo > Amajambo abubakanye batobwirana iyo hari ukutumvikana
Amajambo abubakanye batobwirana iyo hari ukutumvikana
jeudi 1er Myandagaro 2013
Abakera barayamaze bati : « Nta zibana zidakomanya amahembe » kandi « Nta mvura idahita. » Mu buzima bwa minsi yose, kuko ata vyama vyera, n’abakundana birashika bagagashwana nk’iyo hagize ico badahurizako. Mu mwanya abo bubakanye baba batariko bacana uwaka, igikuru muri ivyo, n’uko boca bamenya amajambo batarekuriwe kuvuga muri ico gihe kugira birinda ahubwo ko vyokwunyuka ugusumba.
1. Aho bigeze ndashaka ko twahukana !
Iyo amatati yateranye, kenshi abubakanye baravuga amajambo arengeye ivyiyumviro vyabo kubera ishavu. Banze mupime uburemere bw’iryo jambo mugira muvuge kuko bishobora kubagora kugarukana icizere n’aho vyoshika mugasabana ikigongwe mu nyuma. Kenshi abubakanye bacanyemwo umenga boca babwirana ko biheze, umwe ati : « Ndigiriye » canke « Sinkishaka kubana nawe kandi ». Iyo ayo majambo yavuzwe, biragira ingaruka ku mubano wo hanyuma kuko umwe yayabwirwa aguma abona ko ushobora gukora ivyo wavuze umwanya uwariwo wose.
2. Urumva rero wanyise umusazi !
Birumvikana ko kiremwa muntu wese afise uburenganzira bwo gushavura iyo adashimishijwe n’ibimushikiye. Ariko rero, fate akanya ko kurengera ishavu. Ntaco bimaze uciye ufata ibintu vyose ukadurumbanya (hari n’abaca bamengura ibikoresho vyo mu nzu nk’ibirahuri). Birashoboka ko uba wumva ata gaciro ugifise. Uwo mwanya rero ni uwo kwitondera kuko ivyo ukora vyose uba uriko ubitumwa n’ishavu.
3. Ntibitangaje umeze nka so wawe !
Ego nico kimwe ko n’aho womubwira ko ameze nka nyina. Menya neza ko ayo majambo adahanagurika mu mutima w’uwayabwiwe n’aho vyogenda gute kuko aba ari amajambo arengeye ukutumvikana kwanyu babiri. Muba mushizemwo ibindi vy’umuryango bidasa na gato n’ivyo mupfa mu rugo iwanyu.
4. Uri igito, nta n’ico umaze mu buzima!
Iyo rero mugeze aho muterana amajambo twofata ko ari ibitutsi, muce mumenya ko ishavu mwese ryabarenze, ko ukuganira kudagishoboka. Fate akanya mwese mutekereze, murabe ko mwoshobora gusubira kuvugana mushobora kwihanganirana, kandi muvugana ivyubaka gusa. Kenshi iyo umuntu atutse uwamushavuje yumva umenga araremurutse ku mutima ariko sivyo na gato kuko uba wongeye ikibi mu kindi. Nta nyishu y’ikibazo bitanga.

5. Raba ingene kubera amafuti yawe umwana aciye arira !
Birashika muriko mushwanira mu kindi cumba mukumva umwana atanguye kurira, mugaca mwiyagiriza mwese. Mwiyagiriza kubera bica biboneka umenga umwana aguye muvyo atazi. Iyo ubwiye uwundi ko umwana arize kubera amakosa yiwe, aca yiyumvira ko ufashe ko yakoresheje umwana mwavyaranye kugira agushavuze, ariko burya siko aba yabishatse. Ukutumvikana kw’abubakanye ni ikibazo ca babiri. Indero, ugutekana n’amahoro y’umwana naco nyene ni ikibazo ca babiri bamuvyaye. Bishitse rero mukaba muriko muvugana mushize hejuru, egera kure y’ahari umwana aryamye, kugira ntimuze gutanako amakosa.
6. Ehe urasubiriye ya makosa nyene...
Abantu benshi iyo batagize ico bahurizako barakunda kuzura akaboze. Ni hamwe uca wumva umwe abwiye uwundi ati :"Ntunyibutse ivyo wangiriye mu ndwi iheze." Iyo wamaze gutanga ikigongwe nta kamaro ko kuza uragarukana utwo dukosa mu bindi biba bishitse kuko uba uriko urwiza ingorane. Kutagaruka ku vyaheze birafasha kuko hako mufata umwanya muharira kuvyari vyarabaye mu ndwi iheze, mu kwezi guheze, muca mwibanda kucabatumye mushwana ubu, gutyo inyishu nayo iraheza ikanyaruka kuboneka.
7. Ibiriko birashika vyose ni amakosa yawe !
Birashika mu bubakanye umwe akaba abona umuti w’ikibazo bafise, ariko akagondozwa gukurikiza ivyo uwundi amubwiye n’aho yoba abona ko bitarivyo. Muri ico gihe, uwo akurikiye ivyo atumva aguma ashaka ko uwo wundi vyomutekurukana kugira abone kuvuga n’ubundi ko yabikurikije atavyiyumvamwo. Ivyo ntaco bimaze kuko igikuru atari ugushirana mu makosa, ahubwo ari ugutora inyishu irama. Nyabuna mubwire hakiri kare iciyumviro cawe, namba hari ico udatahura, bimubwire hakiri kare nturindire ko biyangara kugira umuteko amakosa.
Egide Nduwimana
Messages
29 Ruheshi 2017, 19:04, par Nsengiyumva Onesphor
muzoze Murandungikira Iyinkuru Yabubatse Irafasha Cane