IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu iriko irahimbaza imyaka 12 imaze itanga amakuru
Yanditswe taliki ya 4-03-2013 - isaha 08:51'

Ibintu ngo biragiye guhinduka mu mikorere ya RPA. Ivyo nibivugwa n’umuyobozi mukuru wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu mu gihe iyo radiyo iriko irahimbaza imyaka 12 imaze isamirana. Abanyagihugu bumviriza iyo radiyo ngo barashima akazi iyo radiyo irangura.

JPEG - 101.2 ko

Nkuko bivugwa n’abanyagihugu bumviriza iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu ngo iyo radiyo irabafitiye akamaro kanini cane kandi iyo radiyo ikora yigenga.
Kubwa Sylvestre Ntibantunganya ngo akunda cane iyo radiyo kuko ikora idatinya igitsure ca bategetsi. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi nawe yahoze ari umumenyesha makuru kw’iradiyo y’igihugu avuga ko iyo radiyo yigenga koko kandi akayishimira ku kazi ibandanya ikora.

JPEG - 15.4 ko

Abanyagihugu baje kuraba ukuntu iyo radiyo ikora nabo ngo amakuru n’ibiganiro vya RPA ijwi ry’abanyagihugu ngo birabafasha bikanabakiza. Jimmy Willy Cleaf Irindiha yahoze ari umugwanyi w’umuhari FNL ikiri mw’ishamba ,kubona akiriho ngo abikesha vyose RPA. Nkuko uwo yasubijwe mu buzima busanze afise ipete rya majoro avyivugira ,ngo iyo radiyo yaramutabarije ishikana n’amajwi yiwe kure, abona kurokoka na bagenzi biwe batanu mu gihe baronderwa buhongo ngo bicwe.

Abarongoye amasendika nabo nyene ngo RPA ni radiyo yumvirizwa cane mu gihugu eka no mumakungu. Audace Bizabishaka atanga akarorero kigihe c’amasaha ya makuru mu kirundi avugwa ku muhingamo. Uwo arongoye sendika nkuru y’abadandaji ngo abantu bose batumbereza umurongo kuri 93.7 canke kw’ 107.1 FM igihe c’isasita n’igice kugira ngo bumve amakuru ayagwa uwo musi. Audace Bizabishaka arongoye SYGECO asaba ko abakozi na bayobozi ba RPA bakomere ku muheto kandi barabe ukuntu bokwongereza ibiganiro, iradiyo ikavuga amasaha 24 kuri 24.

JPEG - 15.4 ko

Umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu arakenguruka ukuntu abanyagihugu nabo bashima ivyo bakora. Eric Manirakiza amenyesha ko hasigaye vyinshi bizokorwa ubu mu migambi yihuta afise. Muriyo harimwo kuronderera uburyo iradiyo ikigenga idatega amashi ; iradiyo ikumvikana hose mu gihugu harimwo no mu mahanga.

Uwo arongoye RPA ijwi ry’abanyagihugu abandanya amenyesha ko agiye gukora ukwo bishoboka kwose iradiyo arongoye yironse inzu yayo bwite aho izokorera batarinzi gukota. Eric Manirakiza aheraheza amenyesha ko kuva kuruyu wa kabiri igihe iradiyo izoba irumanije imyaka 12 isamirana mu gihugu no mu mahango ko ibimenyetso nu muhora mushasha w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu aruwo www.rpa.bi bizotangura gukora ukuri kwamye.

Iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yatanguye gukora kuva kuwa 5 ntwarante 2001 ikaba yashinzwe na Alexis Sinduhije ubu yatanze imihoho mu buyobozi bwiyo radiyo.

— 

Ivyiyumviro vyanyu

Wapi rpa mwigisha amacakubiri muraryanisha amoko ntaho mutaniye nuwagandaguye Ndadaye

4.11.2014 à 13:25
mukiza

ahaaaa ?radio ijwi ryacu niyirambire kandi ibndnye itubera ijwi ryukuri kandi utemenyesha ivyedekeye igihugu cacu mubisata bitndukanye.ramb rpa.

30.10.2014 à 20:19
nsavyimana pascal

turashima akazi kanyu kuko mukora ivyo muzi kandi bibereye. tubasaba ko mwotuzanira imboneshakure hama mumakuru yanyu mukaducishirizamwo ayo mumakungu muncamake.

28.09.2014 à 09:05
hamza-issa

rpa ivuga ibigenda nabi gusa.kubera iki mutavuga ibigenda neza navyo ?

24.09.2014 à 09:17
havyarimana oscar

RPA, ramba !! komera !!! shinga icumu mu Burundi no mu makungu !!!!wongere uhayagizwe ku kazi ukora !!!uronke nimidari.hama IMANA ikuzigame yongere iguhe ivyo wifuza vyose kugirango utere imbere mu kazi kawe misiyose.
Mbega iyo utahaba tuba tugeze hehe ?
RPA "ivyo IMANA yasezeranye kuri wewe izobikora kandi izonyuranya nivyo abantu bibwira.izohezagira ibikogwa vyawe,kandi isi yose izotangazwa nuko ur’amahoro maze abakwanka izobagukundisha, vuga uti "amen" kuko mu nzira zayo zirenga 1000 ntizobura aho ica ngo igutabare. ongera uti "amen ".

31.08.2014 à 01:57
######

ndashima akigoro mugira mugushikiriza ivyiyumviro vyabanyagihugu nagomba ko mwozoduha umurongo wo gutasha incuti nabagenzi ukoresheje kwandika murakoze

23.04.2014 à 03:29
severin

mukomere kumuheto niryo banga mwiyemeje ryo gushikiriza ivyiyumviro vyabanyagihugu

23.04.2014 à 01:49
severin

Kubwanje nashaka gusaba abakuru bi radio RPA ko boza barakoresha ururimi rw’ikirundi hamwe n’icongereza hanini bakoresheje English kuri uriya muhora wabo (www.rpa.bi)kubera ari international vyafasha cane no mu mahanga . Kandi burya French kimaze guta manda ubu . Murakoze }

17.03.2014 à 13:59
Soma bije

Kubwanje nashaka gusaba abakuru bi radio RPA ko boza barakoresha ururimi rw’ikirundi hamwe n’icongereza hanini bakoresheje English kubera ari international vyafasha cane no mu mahanga . Kandi burya French kimaze guta manda ubu . Murakoze

17.03.2014 à 13:54
Soma ibije

mukomere kumuheto mwirambire nkisima yakera, mbe muhagaze gukora twokwambara ibara.

4.02.2014 à 15:45
bukuru

Ndakunda Radio RPA kuko ari Radio Yabanyagihugu bose kandi itegamiye ubutegetsi bwa Nkurunziza ikongera ikavugishukuri kubiba Mugihugu C,Uburundi vyose ,atagucisha kuruhande nkayandi Ma Radio tubona ngaha Mugihugu cacu C,uburundi.Komera kumuheto nawe mukuru wa RPA abanyagihugu twese turagushigikiye !

8.01.2014 à 13:51
Bwingenge

Mugume kwibanga mutibagiye nogutegura abazobasubirira bashitsa ikirenge ,amaso. Namatwi harya mugeza.

23.11.2013 à 20:02
######

Numva ntagira aho nohera naho nohereza kugira kugira nshimire RPA,ariko ndaca kumayange .RPA yahinduye ibintu vyinshi PoSiTiVeMeNT mubuzima bwighugu.kuvugira abato nabakuru,ubwoko bwose ndetse nomumadini habonetse ingorane murahashika ,abasirikare nabaporisi ntimwabibagiye . Iradiyo igwanya igiturire, ubusuma mumatungo ya leta ,rape gufata kunguvu abakenyezie abapfakazi nimfuvyi barenganywa,nabitwaje amabanga

16.11.2013 à 10:25
KANUMA

Numva ntagira aho nohera naho nohereza kugira kugira nshimire RPA,ariko ndaca kumayange .RPA yahinduye ibintu vyinshi PoSiTiVeMeNT mubuzima bwighugu.kuvugira abato nabakuru,ubwoko bwose ndetse nomumadini habonetse ingorane murahashika ,abasirikare nabaporisi ntimwabibagiye . Iradiyo igwanya igiturire, ubusuma mumatungo ya leta ,rape gufata kunguvu abakenyezie abapfakazi nimfuvyi barenganywa,nabitwaje amabanga

16.11.2013 à 10:12
KANUMA

ndakunda ibiganiro vyaradio rpa

29.10.2013 à 23:21
nyabenda

waouh joyeux anif ma radio préférée muze muashiraho nIBIGANIRO VY IMANA bitwigigisha ubuntu bwayo nkubwo yabagiriye
yari igirubuntu

5.03.2013 à 12:25
######

jew ndi umunyeshule wo muri UB nashaka ndabakeze ku myaka 12 mumaz mudushkiriza inkuru yimvaho nongera ndabashmirira kubwitonzi n’ubukrebutsi bibaranga.
Nipfuza ko mwogira akigoro iradiyo igashka mugihugu cose kuko nka jew mvuka i bukemba mu rutana rpa ntituyumva neza hariho ibic itumvikana
umusi mukuru mwiza.
Murakoze.

5.03.2013 à 07:03
Kwizera Eliézer

RPA, ISABUKURU NZIZA RADIYO DUKUNDA, KIRAMVU DOMITILA NIBAGUHE IKIDARI CUMWAKAKA, URI NTORE, RPA RAMBA, UTERE IMBERE NKUMUZINDA,ABAKWANKA BAKWA.......

5.03.2013 à 06:49
######

Bon annif RPA.

4.03.2013 à 10:02
Sorensen

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.