Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasendika y’abakozi basaba Reta gusubiza inyuma itegeko rije kwongereza (...)
Amasendika y’abakozi basaba Reta gusubiza inyuma itegeko rije kwongereza ubukene
jeudi 7 Myandagaro 2014
Inyuma yaho umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi asohoye itegeko rihindura uko abakozi ba Reta bahora batanga amahera muri "Mutuelle de la Fonction Publique", ama sendika 8 yaratanze ikiganiro yiyamiriza itegeko rwashizeho batagishijwe inama kandi rije kwunyura ubuzima bw’abakozi bwari busanze butifashe neza. Abaserukira amasendika batangazwa n’uko bariko baduza amahera bamye bariha kandi "MFP" yama ivuga ko ibigega vyayo vyifashe neza. Basaba Reta gusubiza inyuma iryo tegeko.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, abarongoye amasendika CONAPES, SYNAPA, STEB, SLEB, SNTS, SIPESBU, SYNAPEP, na SEEPBU ntibatahura igituma umushikiranganji w’abakozi n’akazi asohora itegeko rihindura uko bahora batozwa amahera batanga muri MFP. Kuva kera abakozi ba Reta bakatwa ibice 4 kw’ijana ku mushahara w’ibanze (salaire de base), akajanwa mu kigega co kuvuzanya "Mutuelle de la Fonction Publique". Mu mwaka w’2002, harasohotse itegeko rihindura amahera abakozi ba Reta bahora batanga. Abakozi bamaze kwanka iryo tegeko kubera ryari rije kubakandamiza, eka na Reta ico gihe yaciye irisubiza inyuma kubera yabona ingaruka mbi z’uko abakozi bagiye kubaho.
Umushikiranganji w’abakozi n’akazi aherutse kugarukana itegeko rivuga ko vya bice 4 kw’ijana vyahora biva ku mushara w’ibanze bigiye gukurwa ku mahera yose hamwe umukozi ahembwa. Muri ayo akatwa vyumvikana ko harimwo amahera y’uburusho umukozi bishika agahabwa n’umukoresha wiwe adaciye ku mushahara, n’utundi turusho tw’akazi.
Abarongoye ayo masendika babona ko umushikiranganji atari gusohora itegeko nk’iryo atabanje kugisha inama abarongoye amasendika, abakoresha n’abaserukira abandi mu bakozi. Kubw’ivyo, basanga iryo tegeko ryashizweho ata mategeko akwirikijwe kuko bataryumvikanyeko.

Bavuga ko badatahura uko Reta yoduza amahera bakata abakozi kandi bama bavuga ko ibigega vya MFP vyifashe neza, bashikiriza ko bari biteze ko hasohoka itegeko ritezurira abakozi uko bahora batozwa ayo mahera.
Kubw’ivyo, amasendika CONAPES, SYNAPA, STEB, SLEB, SNTS, SIPESBU, SYNAPEP, na SEEPBU amenyesha Abarundi n’amakungu ko batemera iryo tegeko, n’ikete rimenyesha umushikiranganji baramaze kuritanga. Bagirako bamusaba gusubiza inyuma itegeko rije gushira abakozi mu bukene butagira uko busa, narirya bari basanzwe bananirwa gutunganya ivy’abo kubera umushahara w’intica ntikize.

Basaba kandi COSYBU gukoranya inama izotangirwamwo ivyumviro vy’abakozi, basaba, Reta ko yokwicarana n’amasendika kugira bavugane uko MFP yokwitunganya gushasha.
Cherif Nkeshimana
Messages
7 Myandagaro 2014, 11:47, par mukobwajana
NIMWANKE ABO BANTU BASHAKA KURYA VYOSE NKICO NTAVUZE!!!!!..BARIKO BARONDERA AMAFRANGA Y AMATORA KU NGUVU BARAZI KO INYIFATO YABO ITUMA UBURUNDI BUTARONKA INKUNGA ,,NONE BAZOTURYA ,,!!!!EREGA NTA HANDI BAKURA AMAFRANGA TURABAZI ,,BA BA GENERAUX ANALPHABETES N ABANDI BASUMA BARAYANYEGEJE SHA NTAYO BOBAHA..!!!!NONE BAZODUZA VYOOOSE NGO DUTURIKE NIKO BAVUGA ,,NTA CABO KITAMENYEKANA AHO NIHO BAGOREWE...
7 Myandagaro 2014, 11:47, par mukobwajana
NIMWANKE ABO BANTU BASHAKA KURYA VYOSE NKICO NTAVUZE!!!!!..BARIKO BARONDERA AMAFRANGA Y AMATORA KU NGUVU BARAZI KO INYIFATO YABO ITUMA UBURUNDI BUTARONKA INKUNGA ,,NONE BAZOTURYA ,,!!!!EREGA NTA HANDI BAKURA AMAFRANGA TURABAZI ,,BA BA GENERAUX ANALPHABETES N ABANDI BASUMA BARAYANYEGEJE SHA NTAYO BOBAHA..!!!!NONE BAZODUZA VYOOOSE NGO DUTURIKE NIKO BAVUGA ,,NTA CABO KITAMENYEKANA AHO NIHO BAGOREWE...
7 Myandagaro 2014, 15:07, par NTACO NTEMANGA!
AHO BOKATA UMUSHAHARA WA BABAGABO BATARUHA KUDUZA IBIGANZA KURI BURI TEGEKO MU KIGOBE,HARI BARA RYOBA RIGUYE?!uwokwanka nawe ntiyoca taha?reka abo banyagihugu batobato bibereho,reta!
7 Myandagaro 2014, 18:25, par Turugwane
Reka guta umwanya bazoritora.rabA ahubwo ico muzogira?kuri jewe hagarika akazi mwese atanumwe aviyemwo mukure ubwoba hanyuma nkuruziza turabe ko abasubiriza mwese ncanke ko azobandanyA akora wenye nabashikiragaji,na police ,ok rero barundi barundikazi kurubwoba mureke kugwa mubana nkibeba mwigwanire iteka numuntu aryiha
9 Myandagaro 2014, 06:08, par Mahoro
Nibazako na za Nyakuri zamaze kubonako ata kamaro ko kwiyonkora ku bandi!
Leta nta bugenzi bwayo iguhinduka nk’inda mW ikabutura!