Accueil > Amakuru > Rwanda > Amashusho y’ururirimbo rwa Dr Jiji abonekamwo ibishusha n’ubusambanyi
Amashusho y’ururirimbo rwa Dr Jiji abonekamwo ibishusha n’ubusambanyi
jeudi 5 Ruheshi 2014
Umuririmvyi Dr Jiji wo mu Rwanda yasohoye amashusho (photos) ateye amakenga y’ururirimbo yise "Welcome to bed". Ayo mashusho abonekamwo ibisa n’ubusambanyi hagati y’uwo muririmvyi n’umukobwa bari kumwe. Uwo muririmvyi avuga ko uwasohoye ayo mashusho yayamwivye, ariko aremera ko bayafashe naho harimwo ayo atashaka ko aja ahabona.

Amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" rwa Dr Jiji abonekamwo ibintu biteye amakenga, kuko uwo muririmvyi araboneka basa bariko n’abasambana n’umukobwa bari kumwe. Mu kiganiro uwo muririmvyi yahaye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, avuga ko ayo masanamu ayazi, ariko atazi uko yasohotse. Avuga ko iyo abimenyeshwa, harimwo ayo atari kureka asohoke, harimwo ishusho uwo mukobwa aboneka yambaye izuba mu gikiraza. Avuga kandi ko ata kibazo bimuteye kuba yari kumwe n’umukobwa yambaye uko.
Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko uwatangaje ayo mashusho atayivye kuko yayahawe n’uwayafashe.
Dr Jiji bamubajije uko umukenyezi wiwe avyakira, yishura ko abimenyereye kuko atari irya mbere, ko kandi bimuryohera. Uwo muririmvyi si ubwa mbere ashira ahabona amashusho y’ibiterasoni, kuko mu mwaka w’2013 bivugwa ko yasohoye ayateye isoni gusumba ayo.
Raba ayo mashusho aha munsi :






Cherif Nkeshimana
Messages
5 Ruheshi 2014, 14:27, par mukagasana renatte
URWANDA RURAKWIYE KUMUFATIRA INGINGO, MBERE BAKAMUHAGARIKA KUGIRANTASUBIRE KURIRIMBA KUKO URWANDA NARWO BIRABONEKA KORUMUSHIGIKIYE MUGUTANGUZA UMUGAMBI WO GUKINA PRONOGRAPHIE KUMUGARAGARO, NIBA ADAHAGARITSE, BIZOTERA ICUKA KIBI MUBANYARWANDA BAKUNDA IMANA MBERE N’ABANDI BO MUBINDI BIHUGU, MURAKOZE.
7 Ruheshi 2014, 14:06, par Diom
N´ukuri biteye isoni kandi urwanda nico kibazo rufite nk´imyambarire yaho iteye agahinda.Kagame narebe uko yagarukira imyifatire y´abanyagihugu be
9 Ruheshi 2014, 15:16, par Innocent
@IGIHE.BI
Kuki amakuru nkayo ateye isoni mutibagira kuyashikiriza ariko ugasanga muribagira ayandi makuru yogirira akamaro les internautes nka kirya gikorane ca Daniel Kolenda cari kimaze imisi kivugirwamwo ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo? Biratangaje ko isinzi ry’abantu baba i Bujumbura bashika kuri ETS KAMENGE pendant 4 jours ariko votre medium ntihagire ico ibivuzeko. Kwoba ari ugusamara? Kuba mutamenye ivyaha bereye vyontangaza. Soma kuri iyo blog http://danielkolenda.com
14 Ruheshi 2014, 01:11, par JULIUS
KIKI IGIHE BURUNDI, MUVUGA KO ARI BYIZA KO AYO MASHUSHO ATAGARAGARA MU RWANDA KANDI MWEBWE KUKAYASHIRAHO KANDI MUZI KO HARI ABANA BENSHI NABANDI BIFUZA IBYA PORNOGRAPHY,ARIKO BITEMEWE KUBERA IMYAKA, IMYEMERERE KANDI BAKUNDA KUZA GUSOMA IGHE( UMURUTWE NA SITE ZA FILM ZIRAMENYESHA KO AMAFOTO/FILM ARAYABAKURU ( 18) NONE UBWO MUBONA MUDAHEMUKIYE ABABYEYI BEMERERA ABANA GUSOMA IGIHE???UBWOSE ABO BANA NTIMUBAHAYE IBYUYUMVIRO BIBI NKUNDIRIMBO VIDEO????
TURABAKUNDA(IGIHE),NAMWE TURERERE.
4 Ndamukiza 2016, 21:59, par Rukundo Joseph
Nukumufata Kabisa Akwiyd Gufugwa Kuko Imico Nkiyo Ntiyarikwiye Muri Africa Yacu.
12 Gitugutu 2016, 12:23, par ERNEST
NIMUMUREKE IMANA IRAMUBONA
29 Munyonyo 2016, 16:36, par Ndereyimana Simeon
Nipfuza Kubona Video Yiwe Bariko Barabikora