IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Abirabure bari mu myiyerekano biyamiriza ubwicanyi (...)

Amerika : Abirabure bari mu myiyerekano biyamiriza ubwicanyi bakorerwa

vendredi 8 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubwicanyi buherutse gukorwa n’abaporisi muri Reta zunze ubumwe za Amerika ku banyamerika babiri b’abirabure bwatumye abantu bo mu bisagara bitandukanye vyo muri Amerika bihereza amabarabara kuva kuri uwu wa kane ku mugoroba.

Abo birabure bishwe haraheze imisi ibiri ni Philando Castile wo mu gisagara ca St. Paul, kiri muri Reta ya Minnesota, hamwe na Alton Sterling yiciwe mu gisagara ca Baton Rouge, muri Reta ya Louisiana.

VOA ivuga ko iyo myiyerekano yabaye mu bisagara vya New York, Dallas muri Texas, ahavugwa ko hoba hari n’abaporisi cumi n’umwe barashwe mu gihe c’iyo myiyerekano, batanu muribo bakaba bamaze gupfa. Abapolisi bari muri ico gisagara kiri mu ntara ya Texas, bavuga ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’abantu babiri barasa binyegeje.

Ahandi yabaye iyo myiyerekano ni i Newark, muri Reta ya New Jersey, i Sarasota muri Florida, Grand Rapids muri Michigan hamwe n’i Washington DC.

Iraswa ry’abo bantu babiri vyasubiye kuvyura ibibazo, ku nguvu z’umurengera zikoreshwa n’igiporisi, cane cane ku birabure muri Amerika.

Umukuru w’igihugu Barack Obama yasavye ko amategeko yokoreshwa kugira bakure mu rwego rw’igiporisi amacakubiri ashingiye ku moko n’urukoba, yongera avuga ko ababajwe n’ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

  • Abazungu abatabazi murababarirwa, ngabo abaza gutanga zaleçons muri Afrika ngo agateka ka muntu naho baje kugurisha ibigwanisho ngo Abanyafrika bamarane, ngo bazanye za demokrasi...Abanyafrika kanure mureke kwama muhendwa mubona.

  • Twebwe abarundi tuvugako imyiyerekano yemewe ariko kuca barasa aba polisi sivyiza, ivyondabizi nibibi kuko nahano iwacu Burundi vyarabaye aho abantu bavuga ngobarimumyiyerekano kandi bafise ninkoho nokugiriranabi abenegihugu kuburyo bwagahomera bunwa nkoguturira abantu, guturira amamodoka kubuza abigira kukazi nayandimabi yagahomerabunwa, twebwe icatubabaje nkabarundi nukuntu Amerika ahokuturemeshanokwitwihanganisha yaciye idukora kumuvyimba itubwirango nitugiriranire ibiganiro nabaturiye abantu nibihano ngoba!
    Muvyukuri jewe ndemerako abanyamerika barimumyigaragamvyo sibo bahisemwo kurasa baryaba polisi abarashe baryaba polisi nabashatse gutesha agaciro imyigaragavyo iriko irakorwa.
    Amerika icombona yogiriranira ibiganiro nabaryabantu barimunyigaragamvyo, Ariko mvuzengo Amerika ngwigiriranire ibiganiro nabaryabantu barashe aba polisi noba nkoze kumuvyimba Amerika mbere nimiryango yabuze.
    Icudashaka kokikubako ntukakifurize uyundi.

  • iyo mihimbiri yaba zungu bitwaza amako gusa ntakindi kibuzuye atari amacakubiri ok nibabanze bahige ibwigenge iwabo apana kuburundi batureke kuko niwabo vyase buzuye guteranya gusa izobwa zabazungu

  • BIROSHE CANE ICEGERANYO FATAKIBANZA NSOHOYE KUVYEREKEYE AMABI AKOGWA NIGIPORI C AMERIKA GIHOHOTERABENEGIHUGU KUGEZ UBU.NIHABE IBIGANIRO BIDAKUMIRA BIHURIKIYEMWO BOSE ATAWUVUYEMWO KANDI NABO BIYEREKANA NIBAKINGIGWE NTIBABAKOREKO KUKO BABIREKURIWE NIBWIRIZWA NSHINGIRO NUBWO BOKWIC UMUPORISI NTANGORANE KUKO NOMUBURUNDI NIKO TWABTEGETSE IGIHE TWIMUJERI TWARIKO TWICA ABAPORISI

  • BIROSHE CANE ICEGERANYO FATAKIBANZA NSOHOYE KUVYEREKEYE AMABI AKOGWA NIGIPORI C AMERIKA GIHOHOTERABENEGIHUGU KUGEZ UBU.NIHABE IBIGANIRO BIDAKUMIRA BIHURIKIYEMWO BOSE ATAWUVUYEMWO KANDI NABO BIYEREKANA NIBAKINGIGWE NTIBABAKOREKO KUKO BABIREKURIWE NIBWIRIZWA NSHINGIRO NUBWO BOKWIC UMUPORISI NTANGORANE KUKO NOMUBURUNDI NIKO TWABTEGETSE IGIHE TWIMUJERI TWARIKO TWICA ABAPORISI KANDI RETA Y AMERIKA ITAVYUBAHIRIJE TUZORUNGIKA MAPROBU IGENDE GUCUNGERA ABANYAGIHUGU VUBA NABWANGO

  • ABAZUNGU NIBO BATEYE AMACAKUBIRI KWISI YOSE .CANE CANE MUGIHUGU CANJE CAMAVUKIRO CITWA BURUNDI ,JEWE NDI HANZE Y"UBURUND KUVA 1975 ABAZUNGU BATARINJIRA MUBURUNDI NTAMUTUTSI ,NTAMUHUTU BOSE BANAMA RIMWE .@ NASABA MWEBWE MUDUSERUKIRA ,NTIMUSUBIRE KUJA MUBIGANIRO VYO GUHWANIRA MUBAZUNGU

  • NIMUTUREKER ABIRABUR BAGENZIBACU MWABAMAZ! ABAZUNGU MURINKORABARA

  • Obama niwe arinkwezi yamabi yose yubwicanyi kwisi yose,kubwivyo zina mwirabure nahaguruke agwanye ubwicanyi bukoregwa abirabure,amatohoza amaze gukogwa nuko muri afrika umukuru wigihugu c’Uburundi ariwe azoba umuhuza wabazungu nabirabura kuko basanzwe ariwe gusa adatamikwa ijambo nabazungu

  • oya rungika MAPROBU muri amerika kandi irongowe nuburundi,kugirango tugarukane indero nmuri amerika

  • Igihugu Ca Amerika Naco Nicikebuke Naco Nyene Iyocumvise Kohari Igihugu Kitarimwumutekano Kibacahahagurutse Gutanga Ibihano Kiki Bazako Coco Arimana Yibihugu Vyose

  • Birabure Haguruke,muBe Intwari Murwanire Agateka Kanyu.Just Like Marthin Luther King,be United So To Be Stronger Than Any White And Fight Against The Segregation And Discrimination Where U Live.

  • reka bakomeze babakoremo nibwo muzemera ko ntaho uruphu rutaba kuko mwe birabura iyo mumeze iyo muri usa ,europe cg asia mutangira gukora ibintu bibaza imana ari nayo mpamvu urupfu ruhita rubegera 1- mutangira gusebya ibihugu byanyu ko ari indiri y’ubwicanyi ,,,,,, kandi mukabivuga muzi ko muri busebye iwanyu mugahabwa amaramuko none batangiye kubapfunyikira amasasu hnmmm,,,,, 2-iyo mugeze iyo mutangira kwigira abibone mwereka abo mwasize muri africa ko mubarusha ubwenge 3-iyo mumaze kubona ubushobozi ntimwibuka ko hari inshuti n’abandoned mwasize muri africa bakennye ahubwo mutangira kunywa no kurya mwenyine 4-mutangira kwibonamo aho muri kuruta kwibonamo iyo mwaturutse 5-mutangira guta umuco w’iwanyu ,,,,,,,, ibyo bibi mukora nibyo bituma imana ibakuraho amaboko ho Ubu mukaba muri kurya amasasu nimushaka mwigarukire iwanyu nta nyungu twe twasigaye muri africa twabakuyeho ahubwo Trump nabagarure muri africa hari amahoro

  • AMERIKA NITUNGANYE INTEKO ZO GUCUNGERA ABIRABURE. KANDI RETA NITANGUZE IBIGANIRO BIDAKUMIRA. NIYUBAHIRIZE AGATEKA KAZINA MUNTU. IYO IRIKO IBIHATIRA KUBANDI WOGIRA IWABO YOYO IRABIKORA. IBISHIKIRA AFRIKA VYOSHIKIRA AMERIKA CANKE UWUNDI MUGABANE WOSE WO KWISI. AMERIKA IBE IBAZA IGIHUGU ICARICO COSE CO KW’ISI IYO KIGIZE INGORANE AHO KWIHUTIRA KUGIFATIRA IBIHANO. MBEGA NONE UMUHUZA WABIRABURE NABAZUNGU AZOBA NDE? HAHAH TUBITEGE AMASO??

  • Umuti w’ibibazo bihanze isi ntahand bwova atari ubwami bw’Imana. nimusabe buze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.