IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Amerika yagirije Urwanda ko rufise uruhara mu bwicanyi bubera mu (...)

Amerika yagirije Urwanda ko rufise uruhara mu bwicanyi bubera mu Burundi

jeudi 11 Ruhuhuma 2016, par egide

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, bamenyesheje ko bafise ivyemeza ko Reta y’Urwanda ifise uruhara mu mabi amaze imisi akorerwa mu Burundi.

Muvyo Amerika yagirije Urwanda, hari ugutanga inkoho n’imyimenyerezo ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri ico gihugu.
Amakuru atangwa na BBC avuga ko abo bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bemeza ko inkuru bafise bahawe na bagenzi babo bakorera mu makambi y’impunzi mu Rwanda, zivuga ko Urwanda rufise uruhara mu ntureka zibera mu Burundi.

Abo bategetsi bavuga ko bafise inkuru ko impunzi z’abarundi, harimwo n’abana, baronswa imyimenyerezo mu makambi ya gisirikare c’Urwanda, kandi ko bamaze gutana mu mitwe na Reta y’Uburundi hakoreshejwe inkoho.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko mu bisanzwe akarere gatekanye, amahoro adakwiye ahari muri iki gihe ariko aterwa na poritike y’Uburundi yatumye haba ibibazo, mu nyuma bikagira ingaruka no ku bihugu bibanyi.

Mu kiganiro yagiranye n’abakenguzamateka b’Urwanda ku munsi wa kabiri w’indwi iheze, umushikiranganji Louise Mushikiwabo yagize ati : « Natanga urugero ku Burundi, aho politiki y’igihugu yazanye ibibazo byarenze imipaka y’u Burundi bikagera ku bindi bihugu cyane nk’u Rwanda, kuko ntabwo turi abaturanyi gusa ahubwo ni ibihugu bisangiye byinshi, kuko nk’iyo umunyarwanda ari mu Burundi cyangwa se bari hano ntabwo wapfa kubatandukanya, ku buryo iyo bagize ibibazo natwe bitugiraho ingaruka. »

Umushikiranganji Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko ibibazo vyatewe na poritike y’abayobozi b’Uburundi bitegerezwa gutorerwa inyishu, kugira amahoro yongere agaruke mu karere.
Kubwa Mushikiwabo, kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe inyishu, bisaba ko inzego zose zishira inguvu hamwe mu kurondera umuti.

IGIHE

Messages

  • Mbe uyo Mushikiwabo arazwa ishinga n’Uburundi mbe nikuber’iki atogirira impuhwe barya bavutse genoside yaheze, canke barya ata ruhara bafise m’ubwicanyi ngo bagiranire ibiganiro Umunyarwanda wese yiyumve ko ari Umunyarwanda. Erega turamutse dushaka kurwana n’Urwanda nta mwanya munini vyodutwara. Baramenya y’uko Inkotanyi zitarwanye nkuko FDD yagwanye. Inkotanye zaje ziherekejwe n’ingabo za Museveni yabahaye n’imiduga y’ingwano. Kandi ico gihe Urwanda rwari muri embargo y’ibirwanisho, baje biyinjirira ata mishamirano ihabaye. Kazima amakungu yabibonye umunsi bizotuvyuka tuzosangira icayi i Kigali.

  • Si agaseseshwarumuri, ni ivyibonekeza.
    Urwanda ntaco rudakora ngo rumare Abahutu muri ako karere k’ibiyaga binini nk’uko gwabigize mu kumara abaturagi barwo. Muri ako karere ntituzigera turonka amahoro igihe umutima wokumara abandi maze bagaca basimbira kw’isunzu ry’inzungo ngo nibo victimes, ukihari. Abatutsi muri ako karere duhereye ku mukuru wabo n’umwicanyi Kagame, bameze nk’imfyisi yambaye uruzato rw’intama.Ariko bitebe bitebuke ineza izotsinda ikibi. Nta Bahutu(les Bantu) muzomara. Umugambi wanyu ntuzigera urama.Nizera ko hazogera igihe haba jenerasiyo ivuga iti basta, reka tubane; niwo mwizero mfise.

  • Nibaduhe Uruhusha Natwe Urwanda Turutere. Kandi Bikabandanya Twebwe Turifatira Ingingo Yogutera Natw Urwanda. Ntangwano Baturusha.

  • uwo mukecuru ngo ni mushikiwabo ashaje nabi kuko umusaruro twebwe abaturage bo mukarere twamuzigamwo ntawo tumubonyemwo. ariko tumubonyemwo amaraso yabanyarwanda na barundi yamenye nayagiye kuzomena. bakomeze badutere. ariko tuzoteba ducakirane sawa sawa harinaho hovamwo igisubizo cabanyarwanda birigwa barangara mumahanga nkuko menga ntagihugu bafise bakomokamwo.

  • Eka uri rusakumba kweli!! iyo ugereranya Inkotanyi na FDD wumva nta soni ufise? mbega bakubeshe ko iyo FDD yigeze ifata umutumba numwe?? pfa kigabo ureke kuvuga aya muhe, kuko ntiwahunze kuko ubikunze nuko nta kundi wari kubigenza kuko nta mbaraga warufise zo guhangana nizo nkotanyi uvuga ko muzosangira icyayi Kigali... Ahubwo jewe mbona mufise ubwoba ko bobasanga naho muri kuko vyukuri izo nkotanyi zabakuye umutima! Humura ntabwo ziraza, ariko nkumunsi zoza mu Burundi, oya nukuri mwohita mubimenya...

  • aaaaa ngico igisubizo kurwanda!! ruhagarike kujijisha amahanga ruyakangisha genoside ngo yakorewe abatutsi da, mukubandanya rutera akavuyo mukarere. ebabawe! iyo jenoside mwirirwa muririmba igiyeguta agaciro nezanaza, kuko amahanga yabavumbuye!. nimwitegure kuko urwanda rugiye guhura nibibazo biruta ivyo ruriko ruteza mukarere. yewe uburundi burabakozeho nezaneza. ngoho wumukecuru ngo nimushikiwabo nasubire abeshuze......

  • Nakurikiye comment zanyu arko mwese ntanumwe watanze inama yubaka so bacumugani ngo uguhiga ubutwari muratabarana ngaho rero barundi nimureke kuvuga gusa mugerageze turebe mufite ingabo n’intwaro uko mubivuga igisigaye ni iki? Arko inama nabaha nimubanze murebe ibice mufite mugabo zanyu ese ubwo mubona mwabura abasirikare bangana kuriya igihugu kikagira amahoro kdi wibike umuntu ava mu ishyamba arko ishyamba ritamuvamo...

  • Hah Ntivyoroshe Urwanda Ni Nirwo Rwatumye Nkurunziza Yigungira Kubutegetsi? Canke Kwi Gi Polisi Cuburundi Arico Kiriko Kirica Abenegihugu Nurwanda Rubica? Canke Nuko Bakiriye Abarundi bakabaha Ubuhugiro? Mwisubireko Murabeneza

  • Chacun a son point de vue et sa comprehension

  • Kuri Che,
    Burya ntuzi ivyo uvuga. Hewe inkotanyi zafashe uwuhe mutumba zonyene zari zananiwe no kuva I kagitumba iyo hataba abasirikare babaganda. I Kigali
    Bamaze amezi angahe batarayifata, iyo hataza abanyamerica, abongereza, abarundi, abatz nabandi? FDD yarwanye ntagihugu kiyifasha kandi imitumba myinshi yari iyifise aho yakoreshereza amanama, ndetse nagapira twaragakina.

  • Ngo tuzosangira iki?
    Urahumba sha.Murapima none turabe.

  • Imana Igihugu cacu c’uburundi.

  • Imwidogo twarayikoze, munyuma tujakubibwira ababanyi namakungu ko urwanda rufise uruhare mugukomeza gushigikira abazakwica abarundi, nubwobamwe batevye kuvyemera arikomurabonye kobavyemeye. Uburero tugombakubqira incuti nabagenzi ko atakindi kigiye gukurikira atari ukwereka urwandako u Burundi arigihugu gishoboye kandindaziko bizosiga ubuzima bwabarundi nabanyarwanda abataribake ariko niyo step yanyuma mugihe ayomakungu atogira icakoze ariko nubwo biduhangayikishije twebwe abarundi, hariho abanyarwanda abataribake bizosiga bakiribazima bozobonako bitumye babohoka.

  • NONE SE?URWANDAKORWIVA MUBITARURABA.

  • Mbe uyo Mushikiwabo arazwa ishinga n’Uburundi mbe nikuber’iki atogirira impuhwe barya bavutse genoside yaheze, canke barya ata ruhara bafise m’ubwicanyi ngo bagiranire ibiganiro Umunyarwanda wese yiyumve ko ari Umunyarwanda. Erega turamutse dushaka kurwana n’Urwanda nta mwanya munini vyodutwara. Baramenya y’uko Inkotanyi zitarwanye nkuko FDD yagwanye. Inkotanye zaje ziherekejwe n’ingabo za Museveni yabahaye n’imiduga y’ingwano. Kandi ico gihe Urwanda rwari muri embargo y’ibirwanisho, baje biyinjirira ata mishamirano ihabaye. Kazima amakungu yabibonye umunsi bizotuvyuka tuzosangira icayi i Kigali.

  • Hewe Che, uzobaze izo nkotanyi zawe ico zahaboneye i Bubembe muri Congo. Hanyuma ubabaze ivyabashikiye mu Burundi ahantu hitwa i Mural muri Rutana. Hanyuma ubabaze aba officers bamaze gutakariza muri ivyo bitero vyiterabwoba mwitwaje ngo muriko muragwana n’igisirikare c’Uburundi.

  • Ego Cane Ndashimye Ko Amerika IRiko Itangura Kubona Umwansi Ahava Nabamutuma Nifate,ingingo Zibereye Tubone Ko Atarakarimi Babasoda Mvamakungu Nibarungike Murwanda Bake Ivyobirwanisho Izompunzi Kandi Bace Bazitwara Mubindi bihugu Atari Urwanda .Nurwanda Ndaruhanure Ico Utashaka Ko Bagukorera Ntukagikorere Abandi

  • Nukuri Iwacu Twari Dutekanye Twari Tubanye Neza Atakuvangura Amoko Ahubwo Nibamufate Ahanwe.

  • Ariko abarundi muhoza Mu kanwa Kagame bigaragara ko mumutinya kweli...aho kubwejagura mwateye se ? maze tubereke icarico umunyarwanda

  • Mbe abarundi ntibagira umutima, barubahuka bakavuga ngo botera uRwanda, muragerageza aba DD mwese kuva mu gihugu mugahita musubira muri Tanzaniya uburundi bukagira amahoro. Ndumva igitekerezo mufite ni cyiza muzatangire intambara kugirango ikibazo cy’u burundi gikemuke burundu. Ariko ntazagire umu DD numwe ahungira mu Rwanda ntabwo tubakeneye.

  • Ivyo kuvuga ngo inkotanyi zafashijwe n’aba canke bariya, canke ngo zatsinzwe aha canke hariya canke ngo zatakaje ibi canke biriya ntaco bivuze na gato kuko na America ifise igisirikare gikomeye yitabaje incuti yayo Angleterre mu gutera Irak!! Ica ngombwa ni impamvu hamwe n’amaherezo y’urugamba! Abafaransa barayamaze ngo ’’la fin justifie les moyens’’, ico nzi nuko izo nkotanyi muvuga nazo ubu nizo ziramutswa u Rwanda n’abanyarwanda!! Burya ica ngombwa n’amahoro, intambara iragatsindwa kiretse uwutayizi kandi umugabo nuwutsindwa akavyemanga!

  • Abanyarwanda turakora mwe abarundi muravuga gusa....reka twikomereze mw’iterambere.

  • baribesha abanyarwand muragab

  • Arikose niyohaza abavuye mungando kotwabimura mugihugu cyanyu wenda badushinze muri congo howenda hari nizo zahabu nimuze mutware benewanyu niba iwanyu haramahoro muze mutembere kgl murebe ubuyobozi bwiza

  • is it how u would rule? i don’t know but be impartial and honest by puting GOD ahead because GOD is the first leader!

  • ha!nogatangay,baramenya bareke kutwimvangira mugihugu cacu bafatire ibihano bikwiy urwanda canke nyawuraho apfukame asabikigongwe abarundi,kuko ivyononekaye vyose bimuri kumutwe.

  • wowe wiyise RUSAKUMBA amagambo uvuga ntayo uzi rwose , twe abanyarwanda nta mwanya dufite wo kurwana namwe pee kuko sinabyita kurwana rwose nshobora kuguha urugero ruto ko uburundi nta bushobozi mufite ndagirango nkwibutse ubwo isoko rya Bujumbura ryashyaga uribuka uko ryazimye ?????????? wananirwa guhangana n’ umuriro nkuriya ukabasha ku resista ku masasu y’ inkotanyi ndagirango nkwibutse ko indege yavuye ikigali ikaza kuzimya umuriro iburundi byayifashe iminota 30 kuba ibirangije inagarutse i kigali hariya twaberetse ubunyamwuga bw’ ingabo zacu ndetse n’ ubutwari bwazo ndagirango nkwibutse ko kiriya gihe nta n’ urufaranga na rumwe u burundi bwahaye u Rwanda twarabafashije nk’ abaturanyi ariko ineza mutwituye ni iyi U murundi umuvura amaso bwacya akayagukanurira koko???? mbese icyo gihe izo ngabo zanyu zari ziri hehe??? zarimo zishungereye zifite ikiyeri nk’ abarundi bose , ingabo zacu si aho zagaragaye gusa uzabaze inshuro tumaze gutabara i Bugande habereye yo impanuka indege zikajya gutabara no kugarura mu gihugu abene gihugu babaga bakoze impanuka kandi tugatabara nta kurobanura , icyo njye nashakaga kukwibwirira nagirango nkwereke ko ingabo zacu zitarwana na abo ba securite banyu rwose kuko turi abanyamwuga . hanyuma

  • mbegakwatemerako imyimenyerezo ihabera.?natwe abarunditwarabimenye bajebitwaje inkoho tuzobakiriza izindi baje namahoro tuzobakiriza ayandi

  • ndabaterinkuru hari akaririmbo twaririmb turi mwishamaba ngo (vumiliya vijana,vumiliya tudashinda)none biriko biraza abazungt bahaye mission kagome ngateruburundi vyaranse ubu raba batanguye kumwirukako kuko vyamunaniye ,kagome umva uburundi burahuma bandanya sha uzatubona!

  • none mwebwe mwumva hagati yakagame na nkurunziza mwumva bapfa iki?

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.