IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi bwa Venezuela

Amerika yagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi bwa Venezuela

jeudi 19 Rusama 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Venezuela, Nicolas Maduro, yagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika gushaka kumukura ku butegetsi no gushigikira ibikorwa bitera umudurumbanyo muri ico gihugu.

Umukuru w’igihugu Nicolas Maduro yabivuze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, aho yagiriza Amerika kuba iri inyuma y’umugambi wo kumurwanya, nk’uko BBC yabitangaje.

JPEG - 26.7 ko
Umukuru w’igihugu wa Venezuela, Nicolas Maduro

Muri ico gihugu ca Venezuela haheze iminsi haba imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nicolas Maduro, inyuma y’aho atangaje ko adashigikiye amatora ya kamarampaka asabwa ko yemeza namba uwo mukuru w’igihugu yovanwa ku butegetsi, muri ico gihugu kiri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi.

Muri iyo myiyerekano abatavuga rumwe nawe bamazemwo iminsi, umukuru w’igihugu Nicolas Maduro yatanze itegeko ry’iminsi 60 y’ibihe bidasanzwe, yongera abasirikare n’abaporisi ububasha bwo guhangana n’uwushaka kwiyamiriza ingingo yafashe.

Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta, Henrique Capriles, yahamagaje imyiyerekano igana ahakorera umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CNE), i Carcas.

Igiporisi ca Venezuela carashe mu bari mu myiyerekano ivyuka bikoroza amosozi, mu gihe bariko basaba ko hoba amatora ya kamarampaka yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Nicolas Maduro.


IGIHE

Messages

  • kumbe dayimoni zateye isi?niwacu iburundi nuko kuvyagenze niyombare yagize indandende ahendwa nabimigumuko ngo fata igihugu,muri bamwe bagira mubigendajuru hari uwambwiye ko bahuriye na niyombare mukirere kubirometero 100 ayerera none mwebwe muhangara uburundi bayiii!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.