Accueil > Kwidagadura > Ange Nicole aragarutse ku rubuga rw’umuziki na bishasha ku bakunzi (...)
Ange Nicole aragarutse ku rubuga rw’umuziki na bishasha ku bakunzi biwe
mardi 24 Ruhuhuma 2015, par
Inyuma y’imyaka icenda abakunzi b’indirimbo ziwe batamubona ku rubuga, umuririmvyikazi w’indirimbo mpimbazamana, Ange Nicole Himbara aragarutse n’indirimbo nshasha, hamwe n’ubutumwa butandukanye ku bakunzi biwe. Imwe muri izo ndirimbo akaba ari "God bless Africa".
Uwo muririmvyikazi benshi bamuzi aririmbana uturirimbo two guhimbaza Imana ari kumwe n’umuririmvyi Cynthia Niyonsaba wo mu murwi Holy Voices wo kuri Nonciature, mu gisagara ca Bujumbura. Abatari bake bakaba bamwibukira nko ku ndirimbo "L’amour, la paix et le pardon", n’izindi bagiye baririmba. Nicole Himbara yararirimvye no mu murwi "Heavenly Melodies", akaba mbere yarasohoye indirimbo ari kumwe na Fabrice Nzeyimana, Fortran Bigirimana hamwe na Clark.
- Umuririmvyikazi Nicole Himbara
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, uwo muririmvyikazi amenyesha ko kuva agiye mu mahanga mu gihugu ca Suède mu mwaka w’2006, ivyo kuririmba yaciye asa n’uwuba arabihagaritse kuko yagiye afatirwa n’ayandi mabanga akomeye y’urugo.
Nicole Himbara rero aratangariza abakunzi biwe ko agarutse ku rubuga rw’umuziki afise bishasha, indirimbo yiwe "God Bless Africa", ndetse ifise n’amasanamu, ikaba irimwo ubutumwa butandukanye mu rurimi rw’icongereza. Agira ati : "Africa uri igihugu ciza, ndazi ko waciye muri vyinshi ariko turizera neza ko iki ari igihe cawe co gukayangana nk’inyenyeri. Nta ntambara, nta bukene, nta marira uzosubira guhura nayo.
Ange Nicole Himbara agira ati : "Nashatse gutanga ubutumwa ku munyafrica wese, ko ubu hageze ko natwe dutera imbere, hari ibintu vyinshi biba hirya no hino Afrika noneho Imana idushigikiye, ihinduka rirashoboka ubunyene."
Uwo muririmvyikazi amenyesha abakunzi biwe ko ariko abategurira urukurikirane rw’indirimbo zishasha, urwo narwo rukazoba rugizwe n’indirimbo 12. Igihe zizoba zaheze akazoca azishira ku mugaragaro. Aho ari mu mahanga akaba afashwa n’umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya Magnus Holte.
Raba amasanamu y’indirimbo ’’God bless Africa’’
Floxella Karire
Messages
17 Ruheshi 2018, 15:46, par Ivan Thierry Nahimana
Ndamufana!