IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Appolinaire Habonimana yasohoye ururirimbo rwa mbere rwo mu rukurikirane (...)

Appolinaire Habonimana yasohoye ururirimbo rwa mbere rwo mu rukurikirane rushasha

lundi 11 Rusama 2015

Zimwe mu ndirimbo ziri mu rukurikirane rushasha rwa Appolinaire Habonimana ziriko zisohoka. Ururirimbo rugiye ahabona ni "Ntaho Nzibagira".

Mu rukurikirane" Muri wewe", ururirimbo yise "Ntaho nzibagira" rwasohotse. Rwakozwe n’abahinyanyuzi Marc Kibamba na MD Thompson akora muri Ivory Tower Production i Houston muri Texas. Uwo muririmvyi ati:" Ntaho nzibagira, urukundo rwawe wanyeretse i Gologota aho wikorera imitwaro yanje, aho niho naruhukiye". "Urupfu runesha ubugingo, wararwikoreye". Ayo ni amwe mu majambo aririmbwa na Appolinaire Habonimana.

Tubibutse ko urukurikirane "Muri wewe" rwa Appolinaire rugize urwa 5. Urwo rwakozwe n’abaririmvyi bose bo mu murwi Shemeza Music urongowe na Apollinaire. Muri kino gihe uwo murongozi wa Shemeza Music ari muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, ari naho azoza vuba azanye urwo rukurikirane. Ategekanye kuzoshika agira ibiganiro, avuga vyinshi kubijanye n’indirimbo ziri mu rukurikirane "Muri Wewe".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.