IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Autriche:Abantu 4 bafashwe bikekwa kugira uruhara mu biziga vyatowe mu (...)

Autriche:Abantu 4 bafashwe bikekwa kugira uruhara mu biziga vyatowe mu modoka

samedi 29 Myandagaro 2015

Igipolisi mu gihugu ca Hongiriya kivuga ko cafashe abantu bane inyuma yo gutora ibiziga vy’abimukira 71, mu modoka y’ikamyo mu gihugu ca Otirishe, vyibazwa ko ivyo biziga ari ivy’abantu bava mu gihugu ca Siriya.

Ivyo biziga bigizwe n’ibiziga 59 vy’abagabo , abagore umunani n’abana bane bikekwa ko boba bamaze umunsi n’igice canke iminsi ibiri bapfuye.

Igipolisi cavuze ko abapfuye basa n’abimukira bavuye mu gihugu ca Siriya kandi ko bashobora kuba bapfuye inyuma yo kubura impwemu bahema mu modoka.

Batatu muri abo bafashwe ni abanya Biligariya uwundi ni umunya Afuganisitani.Bikekwa ko aribo boba bari batwaye iyo kamyo yatowemwo ivyo biziga.
Igipolisi carungitswe gukora amatohoza kuri iyo kamyo basanze ihagaze kw’ibarabara ryitwa A4 rija I Vienne ku murwa mukuru wa Otrishe.

Abahinga mu kugenzura imibiri y’abantu bamaze gushika kugira bagenzure ivyo biziga.

Mu bapfuye harimwo umwana w’umukobwa afise hagati y’umwaka umwe n’imyaka itatu


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.