Accueil > Amakuru > Amashuri > Bahawe agafashanyo ku kwezi kumwe bari baheraniwe atatu
Bahawe agafashanyo ku kwezi kumwe bari baheraniwe atatu
mercredi 20 Myandagaro 2014
Agafashanyo k’ukwezi kumwe gusa kwa Myandagaro, niko kashizwe ku ma konti y’abanyeshure bo mu myaka ya nyuma y’amashure muri kaminuza y’ Uburundi mu ndinganizo ya kera (ancien système), bamaze iminsi itanu bahagaritse ivyigwa bishuza agafashanyo kabo baheraniwe.
Mu ntango z’iyindwi dutanguye, amafranga y’agafashanyo k’ukwezi kwa Myandagaro niho kashika ku ma konti yabo banyeshure, mu gihe bagomba bamare indwi yose bahagaritse ivyigwa bavuga ko batagishoboye gukurikira uko bisanzwe ivyigwa n’inzara mu nda. Abo banyeshure bamenyesha ko batashimye na gato kuko ivyo basaba vyose bisa n’ibitashizwe mu ngiro, mu gihe basaba agafashanyo k’ ukwezi kwa Ntwarante, Ruheshi hamwe na Mukakaro , ariko bakaba bashiriweko ukwezi kumwe gusa kwa Myandagaro. Tubibutse ko ku munsi wa kane w’indwi iheze, umuyobozi ajejwe ibigo vya kaminuza Anatole Nzinahora yari yabwiye abanditsi n’abamenyeshamakuru ko guhera mu ntango y’iyi ndwi turimwo, agafashanyo kabo kazoba kashizwe ku ma konti y’abo banyeshure.

Abo banyeshure bavuga kandi ko uwo muyobozi nyene w’ibigo vya kaminuza yabijejeje ko ayo mafranga bashobora kuyabona umwanya uwari wo wose kuko ku ruhande rw’ubuyobozi bwa kaminuza bamaze gukora ibikenewe vyose , ubu ibintu bikaba bigeze mw’ibanki nkuru y’igihugu . Ariko abo banyeshure bo bavuga ko batavyizeye na gato.
Tubamenyeshe rero ko mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, abanyeshure baserukira abandi bari mu mubonano n’abarongoye kaminuza y’ Uburundi nk’uko bari bavyemeranije mu mpera z’iyi ndwi turangije, mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo.
Ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Myandagaro, naho hakaba hategekanijwe iyindi nama hagati y’abaserukira abandi banyeshure (delegués), kugira barabe nimba bafata ingingo yo kubandanya canke yo guhagarika iyo yegereyegere.
Floxella Karire
Messages
21 Myandagaro 2014, 16:56, par MUNTUNUTWIWE
AHA LETA NTIBONA KO YANANAIWE?N’ITANGE BITARAYANGARA