IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bahisemwo kurisha ivyatsi nk’inka kugira biyegereze Imana

Bahisemwo kurisha ivyatsi nk’inka kugira biyegereze Imana

dimanche 12 Nzero 2014

Inkuru idasanzwe ibandanya kuvugwa ni iy’umuvugabutumwa, arongoye ishengero "Centre Rabbouni ministères" ryo mu gihugu ca Afrika y’epfo mu gisagara ca Pretoria, yatanze ubutumwa butari bumenyerewe ku bayoboke biwe. Daniel Lesego ari nawe yatanguje iryo shengero yabwirije abakirisitu basenga muri iryo shengero ko boza bararya ivyatsi, bakarisha kurya kw’inka, kuko ariho bazoshobora kwiyegereza Imana.

Mu gihe bari mu giteramo cari categuwe n’ishengero "Centre Rabbouni ministères", abantu isinzi bari bacitavye bahakuye insiguro zatangaje abatari bake. Pasitori Daniel Lesego yamenyesheje abari muri ico giteramo ko abakirisitu bategerezwa kubaho nk’ibindi biremwa vyose, ari naco gituma bari bakwiye kurisha kurya kw’inka, impene, intama n’ibindi bikoko bitarima, ariko bigatungwa n’imfungurwa zisanzwe zibereye kw’isi nk’akarorero ivyatsi.

Kubwa Pasitori Daniel Lesego, ntivyari bikenewe ko umuntu atagira ivyo afungura afashwa, kuko aba yirengagije ko n’ivyatsi vyomutunga, kanatsinda ko n’inka zibirya kandi zikavyibuha. Pasitori Daniel Lesego yabaye nk’uwukojeje agati mu ntozi. Yabaye agiheza kubivuga, abakirisitu baca bihereza ivyatsi, batangura kurisha kurya kw’inka.

Nimwirabire amasanamu y’abakirisitu bariko barya ivyatsi kugira bashobore kwiyegereza Imana, nk’uko babisiguriwe na Pasitori Daniel Lesego


Egide Nduwimana

Messages

  • ahubw0 uyo yigira pasiteri ajwiye gutabwa mu mpiba forever.ntazi k0 imana yaremy ibikoko na bantu kandi ikabiha imishishito itandukanye

  • Ego ni ukwemera Imana dukazirikana n’inyigisho z’abigishamana ariko ni ukwiyumvira!ko tuzi umushishito w’ibikoko birya ubwatsi ko utandukanye n’uwabantu ubwo izo nyigisho ziwe nindoramana koko?Uwoba avyumva kundusha yosigurira kuko izo nyigisho z’uwo muntu sindazemeye!!None ingaruka mbi zizoshikora abo bantu ariteguye kuzemanga?

  • Ndibah’Imana ariko uwomu Pasitere yapinze Imana, Ikindi numurozi kubona abantunkabo babanyacubahiro bamezenkabo mbonye bemera bakarisha ubwatsi! Namambona abibabaza bakisiga ibivu canke iminyona ukabona woronka insigurowobiha, arikokurishubwatsi no no no no no vever works guys!

  • Mbega ibara ewe mana garukira isi igeze kure, sinzi ivyo mbona ko arivyo canke ari film, iryo dini niryahe jewe nibaza ko abantu imbere yo gukwirikira abavugabutumwa bosaba imana ikaba ha ubwenge kugira bashobore kubona koko uwo muntu yigisha ijambo ryimana, bimwe batubwira muri bible ati muminsi yiherezo hazoza abigira abavugabutumwa ati none mugabe ,musabe saint esprit abereke uwuvuga ukuri none ehe turahaye turabibona, imana yaremye ibikoko ukwavyo, abantu yabaremye mwishusho ryiwe, umuntu s’igikoko. ewe mwabantu mwe nimuve mubintazi mwuguruke amaso ahandi ho murahonye.

  • Ikindigihe azobabwira ngo nibakore imibonanompuzabitsina nabagabo (abagore) batarababo murutwotwatsi bariko barakupakupisha amenyo!!!

  • mbeg ibiriko birabera kw’iyi si !!!.uyo asa n’umwe yigira Yesu Umwana w’Imana muri Bresil !!!

  • hhhhhhhhhhhhhhh harajwe kabisa, abafirimasoni barwiriye kwisi muragabe

  • Jewe ndiko ndaraba mbona ko atagitangaza kirimwo hamwe mwosoma muri Matayo igice ca 24 cose mwoheza mugatahura ivyuwo yigira umuvugisha n’Imana kumurango 24 wico gice soma urabe ico Yesu avuga. Ariko jewe nipfuza ko mwofata umwanya ukwiye mugasoma ico gice cose mbere uvyosobokera yoza arahasubiramwo kugira ngo yige ivy igihe c’iherezo. Ikizi nabo Bantu bagiye guhura n’ingorane. Soma Intanguriro 1:26-31.

  • Bararonka imboga z’amahera makeya basha

  • Iyonkurujewenibazakoitabaho

  • Ntivyoroshe kuko kurisha ivyatsinkinka birateye ubwoba cane Ariko Yesu Numutabazi nadukingire akokabi.

  • Isiyaheze amadayimoni yaje aragowekumana uwo,abahenda.

  • ARIKO NUBU NTIMWOZA TUKIHANA,TUKAJA MWIJURU?EREGA YES AGIR AGARUKE!ARIKW ABO BANTU YABASOMEYE HEHE,KUGIRA NGW ABEMEZE,KURY IVYATSI?GUHERA MWITANGURIRO,GUSHIKA MU VYAHISHURIWE YOHANA,TURABONA KW IMANA YAREMY IBIZOTUNG ABANTU.N IBIZOTUNG IBIKOKO!NONE VYAHINDUTSE?!IMAN IDUFASHE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.