IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Bamwe mu bakristu bamaze iminsi 40 biyima ibibanezera

Bamwe mu bakristu bamaze iminsi 40 biyima ibibanezera

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Abakristu bamwe bavuga ko ikarema ibibutsa iminsi 40, umucunguzi wabo yamaze ariko ageragezwa na shetani mu bugaragwa , ko ari akaryo rero ko kwiserangura bakareka gucumura.

Mu gihe ku munsi w’Imana , igenekerezo rya 20 Ndamukiza, abemera Yezu kristu (Yesu Kristo) bazohimbaza pasika, amashengero atandukanye akaba ariko aritegurira uwo munsi mukuru mu bikorane, n’amasengesho y’urutavanako. Mw’idini rya Gatolika ho bakora ico bita ikarema, ni kuvuga kumara iminsi 40 wirinda icitwa igicumuro cose, ukagerageza kwiyima ibiryoshe ndetse ukifatanya n’umubabaro Umwana w’Imana yarimwo. Nk’uko abakirisu bamwe bamwe babivuga, ikarema kuri bo rifise insiguro nyinshi, kuko Pasika ari umunsi mukuru wa mbere uhambaye kubemera Yezu Kristu .

Ikarema none n’iki?

Nk’uko bivugwa na bamwe bari mw’idini rya Katolika, n’ igihe kibibutsa imyaka 40 igihugu c’Israeli camaze mu bugaragwa kiri mu rugendo kigana igihugu c’isezerano. Bamaze ico gihe bitegurira kuba mu gihugu c’Imana, igihe kitaboroheye kuko baguma bahemuka kw’isezerano ry’Imana. Ikarema kandi ribibutsa iminsi 40 umuhanuzi Eliya yamaze kugira ashikire umusozi w’Umukama Horeb.

Abandi kandi ribibutsa iminsi 40 Yezu Kristu yamaze mu bugaragwa yitegurira gutangura icese ubutumwa bwiwe, maze akageragezwa na shetani. Abakirisu bavuga ko ubugaragwa ari ikibanza c’agacerere, c’ubukene, nta bintu bihari bishobora gufasha umuntu, nta mazi nta ndya, nta binyobwa, nta buraro, ni mu gahinga ka nyaga na nde, ni ikibanza umuntu ashobora gupfiramwo, umuntu ari wenyene nk’uko babisoma mu butumwa bw’inkuru nziza yanditswe na Luka 4: 1-13.

Yaba rero mw’idini ry’abaporoti canke mw’idini ry’abakatolika, bompi bafise uburyo butigurira uwo munsi mukuru wa pasika. Tubibutse ko mw’idini ry’abanyislamu bobo batemera uwo munsi mukuru w’izuka rya Yezu Kristu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.