IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bane bafatiwe ibihano na UE bamenyekanye

Bane bafatiwe ibihano na UE bamenyekanye

vendredi 2 Gitugutu 2015

Amazina y’abantu bane bafatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yamaze kumenyekana.

Uwa mbere aza kuri urwo rutonde ni Godefroid Bizimana umukuru w’igipolisi c’Uburundi.

Uwa kabiri ni Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika umunyamabanga mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe igipolisi,akaba yafatiwe ibihano inyuma yo gukoresha inguvu zirenze mu kubuza abari mu myiyerekano muri quartier ya Nyakabiga na Musaga ku magenekerezo ya 26,27 na 28 Ndamukiza 2015.

Uwa gatatu ni Mathias-Joseph Niyonzima batazira Kazungu akaba ari umukozi w’urwego rw’igendereza mu Burundi.

Uwa nyuma ni Gen Leonard Ngendakumana ari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015; Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimwagiriza kuba inyuma y’ibitero vy’amagrenade bikorwa u gisagara ca Bujumbura.

Abo bafatiwe ibihano bakaba badashobora kuja ku mugabane w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kandi n’amatungo yabo ari ku mugabane wa Buraya agaca afatwa.


Van Naris Mugisha

Messages

  • None Abo Bane Bose Bafatiwe Ivyo Bihano Ko Ari Abahutu Gusa?Tugiye Twabona Neza Aho UE Ihengamiye.Ntihagire Uwusubira Kwibazako Ari Mandat Ya Gatatu Ahubwo Ishaka Gusubiza Abatutsi Igihugu Ariko Ntibizoyorohera!Naho Yokibaha Tuzokibakuzako Ubuhiri.

  • ewe mwabazungu ndabakunda’chiramwo nikikirere Peter nukuri turabibasavy.bandanya mufatira ibihano nabandi bakorana napeter canecane WILLY nyamitwe.turabakeje turakengurutse iyongingo.merci bcp.grand merci.

  • None Abobantu Vyatohojwe Neza Murabeneza!Uburundi Vyose Vyicwa Nukudahana None Abo Ntibokurikiranwa N’ubutungane?

  • ibyo ntaco bimaze byibihano ahubwo iyo babifatira u burundi nkigihugu osati abantu bane eu ntibazi icyo bakora

  • NIHAFATWE ABAGIZE SINAREDE YATANZE IBIGWANISO NDIRAKOBUCA YATABAYE UBURUNDI

  • Mwavuz ban arik bury ni bensh harab mwibagiy .ndabibuts?

  • Ahubwo Bakwiye Gufatwa Kuko Ivyo Vyonyene Ntibihagije Kuko Abakoregwa Amahano Baguma Bayakoregwa,kandi Barabe N,abandi Kuko Sabo Bonyene.

  • Mbega gnl leonal yegereye umukuru wigihugu canke yegereye niyo mbanje? Yateye umugongo igihugu none narabe iyaba abantu bamwe bamwe bafise ukwiyumvira bogarutse bagasaba imburakimazi kuko ubuhemu bwabo ntaho buzobashikana kandi bazotahura ko bahenzwe

  • Ahubwo ivyo ubumwe bwa buraya bwakoze ntibikwiye. bakwiye kubasohoreza imitahe mpuzamakungu bagafatwa hanyuma bakisigura kumabi badukoreye. ikindi ko reta ya nkurunziza irimwo benshi bakoze amabi kuberiki bobo batobahagarika?muga reka twizere biriko biraza.amatungo yose yofashije muguteza imbere igihugu bayamariye iburaya muma compte yabo bizigiye y’uko bizokwijana?bareke bakome.time will tell wait and see my freinds.be hope wherever you are!

  • Leonard Ngendakwashatani niwe wihaye inkumbi atera grenade . Naho abandi batatu ntakibi bakoze. None ko badafatira ibihano inkoramaraso yavukanye imbuto zo kwica (ikihebe KAGAME) kandi bimaze kumenyekana ko icyo kinywamaraso aricyi giteza umutekano mucye muburundi.

  • Iyo Myaku Nihanw Niyo Yatumy Abarundi Batererwa Mu Nzuzi.

  • NONE KO NYANGOMAYATURIYE IGIHUGU KWARIHANZE NAZE BAKORANE NABARUNDI KAVUKIRE

  • sawa nibakome.ukorinez’ukayisang’imbere wakorinab’ikaguherekeza.badodoberejabandi baziko batari kwisi.umuhirwe nuwurya bikakaryama kare.kanatsind’ubugizi bwa nabi ntaho bwashikanyuwuri kwisi ya yesu

  • NIHATARI.BARUNDI MURAGABA CANE CANE ABAHITU BURURI IRAGARUTSE NTAKABUZA KANDI DOMITIEN YARI YATUVUNIYE AKAGOHE

  • uwo ndakugarika. nibutse umugere yankubise bantwaye muri docimantation ; nciyembona amakungu abona ayo tugowe. impera nimperuka bazoraraguza nkasebuja nkurunziza;atakirara buja. asigayatah ingozi.

  • Mbe ko bavuga abahutu gusa ntabatutsi bahohotera canke bahohoteye abarundi, kandi abatanze ivyo birengo ni bande ngo abarundi tubamenye.

  • Mpejeje gusoma ababantu bafatiwe ibihano ncandumirwa! Ariko nkuyumu General yivugiyeko ariwe arimubatera amagerenade Bujumbura ahanukuri, aribirababaje kubuna aharigushirwa abahamagariye abandi guturira abantubabona, bakongera bagakingira ikibaba abashatse gutembagaza ubutegetsi biratangaje ubureronciye nemeranya nabaribavuzeko igihugu vyavuraya vyaribibizinanyeko nabaryabashatse gutembagaza ubutegetsi le 13/05/15 ibibitumye mfata ayama cops yibibikozwe nababanyaburaya kugira nzoze ndareba ukwibintuvyifashe mubindibihugu maze ninabona bibabaje gusumba ivyabereye Burundi nzoronke ukonzomera ibihugi vya Bulaya.

  • NYANGOMA WE URABIBONY? KWABAHUTU MURINYUMA YABATUTSI,KWATABWENGEMUFIS MBENIWE,BABONY KOWAKOZ IBITERO,VYAMAGERNAD GUSUMBA AREGISI?NIHOTUKIBONA!KO ABAHUTU,BANKWA PE!!!

  • Rwasa nawe nibamufate yishe abanyamulenge mugatumba,

  • IVYO TURABISHIMYE.ARIKO ABO NIBATO.BARAKORESHEJWE.ABAKORESHA BO?NKB TEPER,LLYWI,NIBUNYO...

  • bakoze nibarondere n’abandi

  • ahubwo bahite babahindura bashyireho abandi

  • ahubwo bahite babahindura bashyireho abandi

  • NONE ABO BANE NI BO BONYENE BAKWIRIYE GUFATIRWA IBIHANO? NI BO BAKUNDA KUJA I BURAYA? RERO NAMBA ARI UKO NIBACO BATANGURA BAKURIKIRANWE NA T.P.I. I LAHE, BABAZWE IVYAHA BAKOZE.

  • NONE ABO BANE NI BO BONYENE BAKWIRIYE GUFATIRWA IBIHANO? NI BO BAKUNDA KUJA I BURAYA? RERO NAMBA ARI UKO NIBACO BATANGURA BAKURIKIRANWE NA T.P.I. I LAHE, BABAZWE IVYAHA BAKOZE.

  • Mbegamwabarundmwe, ningombwako umurundi arosamahera kugirabamwemere kwarukujakuyabika Bulaya? Jewe nubwonokwumva amahera yiburundi yiteguye gutagaciro ntamaherayanje nogendakubika Bulaya ninamwebwe muduteza kuguma abanyaburaya babonako atarukugiriranira imigenderanire bisanzwe ahubwobo bibonera kudukoroneza nkukobamye, buryantimuziko iyomutwarakubika ayomaherayanyu mwabobazungu komubamuriko murakwegera akarambaraye twebwe abarundi batobato? Ndatangaje iceseko uwowese yagiyekubica amahera Bulaya niwewambere arimubasubiza inyuma iterambere rirama muburundibwacu. Hanyuma uwomu General uvyobamwagiriza nivyo kukowewe yaravyiyemangiye ariko ikibabaje abahamagariye abantu guturirabantu , nbashatse guterakudeta kubabatavuzemwo ababigizemwo uruhara ndabasetse ababanya Bulaya kandi akabigasekwankakeza!!!

  • ibi atacyo bivuze habe nagato. abeshi muri aba kure bagera ni Nairobi canke kayiro mumi siri. gusa bihangane gukund’ igihugu ni ukucitangira.

  • ingingo mwafashe niyo mugabo ivobihano kurijewe ntibibakwiye uraveye ivyobakoze beshi barihanze yigihugu kubwabo ariko rekadushime nivyo

  • ahubwo nibabafate babazwe kuvyaha bagirizwa nayahandiho ivyobihano ntibifashe!

  • UBUMWE BWA BURAYA BWARARIY IGITURIRE

  • ronderanabandi kuko ntibob arabo bonyene

  • Ewe Union Europeenne, abo ba paysans nta mahera yabo babika i bulayi...Abo ba paysans —abanyeshamba--- nta bulayi bakeneye.Baronse ubugari akanyama keza, akaboga keza i mean umukeke.baronse uinzu nziza bakaza baharura amahera y amarundi nahene abitswe mu mifuko ou mudusandugu muhira iwabo ntakindi baba bakeneye...Union europeeenne murabaza abantu nkabo ingene bahanwa bakavyumva ahandi ivyo mutubwira ni imkina mico

  • Imana Ihora Ihoze Ntaravyiteze

  • Mbega abo bagesera ayo mafaranga barinda bajana i Buraya , Abarundi bariko bicwa n’ikigoyi Kubera bo ,bayakuye hehe? Ahumbwo ni babafate bapfunge mugabo bahere kuri Nkurunziza kuko bari kumwe, bakora kumwe. Aba DD vya bihumbi nkuko mubivuga reka abana b’iburaya babifungure na none n’ivyo mwaronse mupfukamwe munda bene wunyu.
    Abarundi nabo mu gihugu hagati bari bakwiye kurondera ya ma gorofa y’iyo mihimbiri akavuze Rwagasore , bakazishira hasi zose, ariko navyo nyene bizoshika. Aho gukorera igihugu mwatoye gukorera inda zanyu mu kuniga bene wanyu, reka mu kome. Namye mbabwira kuva kera politique y’ibihumbi, yo kwuzuza inda, ntiyigera iskiha.
    Muriciye mu meshi révolution y’Abarundi, ntituzigera tubaharira. Ico mukoze mukaduhuma amaso n’ibisabisho. Kari akarimi.

  • Reka bankanurize abahutu bamwe bamwe bariko bakorana n’abatutsi,uyo ngendakumana mubona yaja imbere avuga ivyavuga nkubu yungutse iki,rindira buca dutwenga nibafata pancrace ,nyangoma ,onesime n’abandi bagiye badendembako bari prets gukoresha inguvu,kandi hari ba habarugira,nyambariza ,ciramunda n’aba bari basangiye rebellion biyemereye ko bishe aba jeunes ba cnddfdd,ba maggy bemanzeko bagiye gutangura kwica ba adolphe n’abandi liste àl’appui,ivyo bihutu navyo bikaja ngaho bigakurikira nk’ibika,reka babimpanire kandi tuzobaheba ntawuzobaririrra bashaka kudusubiza mu kaga,erega ntimurabibona mu ma nama vyigira ibirofa bisigura ko ari ibihutu gusa biri kuri podium,sinzi uwo baba bashaka kunezereza mais bateye isoni ,jeremie ababere icigwa n’abandi,abatutsi basize batuririye umuhutu mwi pine baridegemvya babahaye za visa baza i bulaya,we nta chance nimwe bamuhaye yo kuja hanze,nagaruke asabe imbabazi agaruke mu ruhongore rwa benewabo,izo rebellions zirekere abatutsi nibo bashaka ingwano kuva kera,n’abandi garuka musabe ikigongwe abana b’abatutsi barabakunkumurira udushambara ,mwagiye ngaho ngo ni za 3è mandat zibahuje ntimwigeze muca ikanda ko ari ugwitwazo ngo batumare,mubibone mubishire ku muzirikanyi ibintu vy’ingwano birekere abatutsi namwe ja hamwe na benewanyu rube urugamba claire,kanura mwa bijuju mwe.

  • Mbega ntibbabe bayabîka kwashebuja shetàni ahobayajana mubazungu nabado

  • NIMWIHANGANE UKURI KUZOTSNDINYOMA ABOAZUNGU BATWIGANZAKO HEJURU YABO HARIMANA BAZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA NKA HAMANI

  • NUKURI ABANTU BARITIRANYA IBINTU BURYA WORANKA IGITURIRE UHA UBUMWE BWABURAYA?

  • Ndashimiye Ishirahamwe Ryaburaya Kuko Ryitaho Agateka Kumunyagihugu Arikwarenganywa Dusaba Iryoshirahamwe Gukora Ibishoboka Iyintwaro Ihari Itumye Abarundi Isinzi Bongera Guta Ingozabo Bagahunga, Bayikureho Mumaguru Masha Abanyagihugu Bataye Izabo Bagaruke Mungo Zabo

  • ni vyindani gos ni tufatirwe ibihano ndabikengurutse ay mabi twakoz ni tuyahanirwe merci sana kabisa

  • None gabasha konzi ko bamwe murabo uburaya bamwumva kubimenyeshamakuru,abandi bakaba bagarukira kukibuga c’indege ca bujumbura bagaca basubira inyuma kuboha abantu ivyo nivyo bihano?ahubwo havuyemwo Gen Leonard abasigaye iyo babaha imitahe ibahamagarira gufungirwa irahe nayo ivyo sivyo bihano bobafatira gusa Gen Leon bamurenganije kuko ivyo namba yarabikoze ntabwo kwari ugushaka yashaka akure umwansi kumazosi y’abarundi.

  • Uburaya bwanyu Mbega abo ba soda baza kuburonderamwo iki. Ariko muri ibijuju. Abasoda ni kuri terra in gusa!

  • babafate hariho nabandi hagufata infashanyo zacu.barih ivyobononye

  • Ahubwo ugo rupoÅ•is rusa nuruphu akora uko asa Imana yo mwijuru imubabarire

  • Abobose nabahutu!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!camwibaza namwe ikibazo

  • Eeeeh. Harihageze. Mbe. Mwarimwarindiyiki. Ahubwo. Nabandi. Nimubakoreko. Amatohoza. Sabogusa.

  • ue ibona kwabo aribo bakoz nab gusuvya abandi abagonvye gutembagaza ubutegets barih ko batabavuze

  • Reka amahera asubire iyo yavuye ko yari yagenewe umunyagihugu wumurundi bakayabika mubigega vyabandi!!

  • Ewe yewe abarundi twararushe ubuko bashaka kudusubiza muntambara abo batware bane ntamakosa bafise ivyiburundi tuhe imana ariko abarundi turabona ico uburayi bushaka ninryane gusa ariko bararengana

  • Ko Umenyo Hafatiwe Ibihano Bake Knd Abavurw Ari Benshi? Mwomeny Abari Hanze Bazohamagazwa?

  • Ndashimamiye UE kugikorwa bakoze.kuko kare bakoresha ururimi gusa.kuba batanguye guhana nivyiza nubwo hagisigaye abandi bicanyi batarafatira ibihano harimwo nuwishize kubutegetsi kunguvu.vyose turizeye karintango nabo bandi bicanyi mugiye kubavugutira umuti.

  • VYOSE NINDA NANJENDABISHIMWEKUKO IYOVYANSE MUMIGERE BASHIRAMUNGUMU.INGORANEZIHARINUKOHORWABANYAGIHUGU AHANDIHO TWOKORESHEJE INGUVU NONEBACUMUGANI BATI: "UWAMBUWENUWIWENTATINGA"ABATEGETSIBUBURUNDIBAKUNDINDA

  • L’étau se resserre autour de l’oligarchie de Bujumbura. En réaction àla déclaration incendiaire du CNDD-FDD
    qui tire sur la communauté internationale, le ministre Burundais des travaux Publics accompagné par le
    directeur général des routes viennent d’être refoulés àAddis Abeba. Les deux représentants de la dictature
    sanguinaire de Nkurunziza avaient pourtant un visa pour effectuer une mission de travail aux Etats Unis
    d’Amérique. Mais ce dernier aurait ordonné que ce visa soit annulé; et les deux hommes ne pouvaient plus
    embarquer vers les Etats Unis. L’autorité de l’aéroport d’Addis Abeba a signifié aux intéressés que leurs visas
    venaient d’être annulés.
    Autour du despote Nkurunziza la nouvelle a fait l’effet d’une bombe. Ce coup de massue inattendu a refroidi
    l’arrogance suicidaire contenue dans la déclaration du 3 octobre. Aujourd’hui la galaxie de Nkurunziza réalise
    qu’elle devient de plus en plus isolé. La guerre ethnique contre les tutsi annoncée par Pascal Nyabenda
    risque de compromettre plutôt le camp de Nkurunziza. Ce virus ethnique que Nkurunziza et les siens
    distillaient sous le manteau a été rendu public cette fois-ci àtravers cette déclaration de trop du 3 octobre.
    Cette révélation coûtera très cher àla clique de Nkurunziza. Un grand merci àNyabenda Pascal et àGélase
    Ndabirabe pour avoir mis au grand jour ce plan macabre. Préparez-vous àassumer les conséquences!

  • Mbega ntawurabona umwana atarashikana imyaka ibiri nakarorero ntoye iyo uriko umukinisha ugomba kumwereka ko umukubise tuvuge ingene bigenda? Aba ateruwe na nyina nawe akagukubita urushi ntubabara kuko atanguvu aba afise mugabo iyaba azifise wobabara. Ukaja ubona aryamitse umutwe kuri nyina wiwe. Rero n’uko uwomwana bazinanye na nyina muri vyinshi caaaaaane. Nimureke rero UE abo bagize abana babo naho mwovuga mugasarara ntaco bazohindura kuko nakoya ka mugabo. Ariko rero kimwe nashimye nuko harabo beretse naho batabona kandi harabo babwiye naho batumva. Imana isumba ingabo.

  • ego da mwese murihenda. mutagarutse ku mana ngo abarundi twese duce bugufi twisonzeshe turire Imana kuko ari ishoboye vyose. nta muzungu, ntamunyamerika , umushinwa eko mbese uwariwe wese ashobora kugira ico akoze kuburundi. abarongoye amashengero yose ru Kristu ni babwirize abayoboke bababo gusengera n’ukwibabariza i gihugu cacu. kumwe a israeli bahora bagira mu bwuzure bwa kera

  • NdaÄ·ugarika araba nk umwicanyi izina niryo muntu

  • Abo Bamenja Kuva Aho Baturondereye Ntasoni?Nyagoma Siyar Pagaras Siyari Minani Niyombare Nabandi Beshi Nibareke Twarariwe

  • Abo Bamenja Kuva Aho Baturondereye Ntasoni?Nyagoma Siyar Pagaras Siyari Minani Niyombare Nabandi Beshi Nibareke Twarariwe Ntibarimwo Mubakoze Kudeta Ntaco Imana Irabona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.