IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Bimwe mu biteramo Steven Sogo amaze kugirisha muri Amerika : (...)

Bimwe mu biteramo Steven Sogo amaze kugirisha muri Amerika : Amafoto

lundi 30 Ntwarante 2015

Kuva mu ntango z’umwaka w’i 2015 yasavye ko bomwita SOGOTOLO, uwo si uwundi ni Steven Sogo agira akwize amezi 4 ari mu rukurikirane rw’ibiteramo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Guhera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, Steven Sogo yasavye abakunzi ko bohora bamwita SOGOTOLO. Ico gihe nyene yaragirishije ibiteramo ahitwa kw’Isango Bar no kuri Tempete imbere y’uko afata urugendo rwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuva ico gihe, Sogotolo n’abandi baririmvyi bari kumwe mu mugambi "Nile Project" bariko baremesha ibiteramo hirya, aho ni nk’ibiteramo vy’i Global Fest, i Gainesville na Miami mu ntara ya Florida, Asheville muri Carolina yo mu Buraruko, muri Lincoln center i New York.

Si ibiteramo gusa, Sogotolo n’abandi baririmvyi bo muri Nile Project bagenda bagira, baragirana n’ibiganiro n’abanyeshure bo muri za Kaminuza cane cane zirwiriyemwo abanyeshuri bo muri Afrika, turavuga aho bagendera "University of Iowa"yigishwamwo igi Swahili n’ic’Arabu. Amakuru yanyu dufise ya Sogotolo nayavuga igihe bari bagendeye Kaminuza y’i Boston.

Aho hose Sogotolo yaciye ari kumwe na "Nil Project" turafise amafoto yagiye afatwa, kiretse ayo mu kwezi kwa Ruhuhuma aho bitakunze ko tuyaronka.

Raba aha munsi amwe mu mafoto ya Sogotolo


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.