IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bob Marley : Abakunzi biwe ntibaramwibagira inyuma y’imyaka 35 asezeye (...)

Bob Marley : Abakunzi biwe ntibaramwibagira inyuma y’imyaka 35 asezeye isi

mercredi 11 Rusama 2016, par egide

Abakunzi b’umudiho wa Raggae bibuka kuri uwu wa 11 Rusama urupfu rwa Bob Marley afatwa nk’umwami w’uwo mudiho. Yavutse kuwa 6 Ruhuhuma 1945, mu gihugu ca Jamayika mu gace ka Nine. Bob akaba yari umwanditsi w’indirimbo, n’umuririmvyi wazo. Kw’igenekerezo rya 11 Rusama 1981 niho yitaba Imana ahitanywe n’indwara ya kansere.

Bob Marley yavutse ku mu nyajamayikakazi ava muri Afrika yitwa Cedella
Booker, yamuvyaye ku myaka 18 n’umuzungu yitwa Norval Sinclair ava mu Bwongereza. Ariko se yapfuye Bob Marley amaze imyaka 10 gusa avutse.
Bob Marley azwi cane nk’umuntu yamenyekanishije umudiho wa Jamayica ndetse
hamwe n’indirimbo za Reggae zakunzwe cane n’abantu batandukanye ndetse harimwo n’abarundi.

Mu gihe c’ubukoroni, Bob Marley yavuye mu buzima bw’ubukene butari
bumworoheye, aja kurondera ubuzima mu gisagara ca Trenchtown muri
Kingston, umurwa mukuru wa Jamayica.
Ahashitse, yahamenyaniye na Neville Bunny Wailer Livingston, Winston Peter Tosh na Hubert McIntosh. Baciye batangura gufashanya kuririmba. Mu mwaka w’1962, niho Bob Marley yasohora indirimbo yiwe ya mbere yise "Judge not" ku myaka 17
y’amavuka. Ariko muri ico gihe indirimbo ziwe ntizakundwa cane, bikaba bitamuca intege, kuko yabandanije gushira inguvu ziwe mu kuririmba.

Mu mwaka w’1963, afatanyije na Junior Braithwaithe, Peter Tosh na Bunny
Wailer bagize umurwi bise "The Wailers" bisigura Ababivyi, baza no
kugiriranira amasezerano n’inzu yatunganya indirimbo yitwa "Studio One" mu mwaka w’1964.

Bob Marley yamenyekanye mu ndirimbo nyinshi nka "I Shot the Sheriff"
"No Woman, No Cry"
You Be Loved
Conqueror, Get Up
"Jamming
"Redemption Song < "One Love
"Three Little Birds < Buffal
Soldier <,"Iron Lion
Zion n’izindi nyinshi

Bob marley kandi yarakunda Afrika ari naco gituma mu ndirimbo ziwe hari zimwe yitirira Afrika nk’iyiswe Afrika united. Kandi yaripfuza cane ko Afrika yogira amahoro ikava mu buja yarimwo ico gihe, abanyagihugu ba Afrika bakishira bakizana, ata wandya wangura.

Bob Marley yasize abana cumi n’umwe, batanu ku mugore wiwe, naho babiri muri bo batari abiwe. Ntiyemeye umukobwa wiwe wa mbere Carole, yavutse igenekerezo rya 22 Rusama 1963. Benshi mu bana biwe barakurikiranye umwuga wo kuririmba nka Ky-Mani Marley, Damian Marley, Ziggy Marley, Julian Marley na Stephen Marley.

Ibintu 10 Bob Marley yakoze bitangaje

1) Ururirimbo rwa mbere rwamenyekanye rwa Bob Marley

Mu mwaka w’i 1962, Bob Marley afise imyaka 17 yabana na nyina bakenye cane. Umunsi umwe yahuye n’umufasha Leslie Kong yari ufise inzu ikora indirimbo yitwa Beverley amujana kuririmba ubwa mbere muri iyo nzu. Judge NotI niyo ndirimbo yiwe ya mbere yamenyekanye.

2) Bob Marley yasudira ivyuma

Nta bantu benshi bazi ko uwo yavuyemwo umuririmvyi rurangiranwa yahoze asudira ivyuma. Abarundi bati : Ico ukora ni co kigukora”, ivyo vyuma yasudira vyamukomerekeje ku jisho ry’ibubamfu, bimutera kubiheba maze yigira mu muziki.

3) Kugeza mu mwaka w’1972, Bob Marley yari amaze gukora indirimbo zigera kuri 350

Bob Marley yageze mu mwaka w’1972 amaze gukora indirimbo 350, gushika kuri izo ndiririmbo ntiyari bwamenyekane cane, ngo yihebereye umuziki, kuko inyuma yaho gato mu mwaka w’1969 yakora mw’ishirahamwe Chrysler kugira yironkere udufaranga twomutunga.

4) Umuririmvyi Eric Clapton niwe wamenyekanishije umuziki wa Bob Marley muri Amerika n’Uburayi

Mu mwaka w’1973, Umuririmvyi akomoka mu Bwongereza Eric Clapton yasubiyemwo ururirimbo I shot the sheriff rwa Bob Marley. Iyo ndirimbo yarakunzwe cane bituma abantu benshi batangura kumenya no gukwirikirana Reggae yamuka muri Jamaica. Ibi vyatumye Bob Marley amenyekana cane, inyuma y’imyaka ibiri hasohotse No Woman No Cry yabiciye bigacika ikanaba iya mbere mu kumenyekana ku rwego mpuzamakungu.

5) Bob Marley yarashwe amasasu menshi Imana irakinga

Mu mwaka w’1976, ku murwa mukuru wa Jamaica Kingston, abantu 6 bitwaje ibirwanisho bateye kwa Bob Marley barasa mu rugo iwe Imana irakinga ntawahasize ubuzima.
Ico gihe umugore wiwe Rita, bamurashe mu mutwe ariko ararokoka. Bob nawe bamurashe mu kuboko, no mu gikiriza hamwe no mw’itako ariko Imana irakinga ntiyapfa. Bivugwa ko ico gitero cari categuwe n’umuhari utavuga rumwe na Reta ya Jamaica, bivugwa ko wari ushigikiwe na Amerika.
Igitangaje n’uko nyuma y’iminsi ibiri ivyo bibaye, Bob Marley yabonetse mu giteramo yari yise Smile Jamaica i Kingston, igiteramo yaririmvyemo afise ibikomere yatewe n’amasase.

6) Bob Marley yarashoboye guhuza abansi babiri batacana uwaka

Mu giteramo One love One Peace cabaye mu mwaka w’1978, Bob Marley yatumye abanyaporitike babiri bankana urunuka baramukanya. Abo ni Edward Seaga wo mu mugambwe JPL, na Michael Manley yari umushikiranganji wa mbere.
Ivyo vyatumye Bob Marley ahabwa umudari w’amahoro n’ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere (Third World peace medal)

7) Bob Marley yaryamanye na Miss Monde mu mwaka w’1976 baranavyarana

Bob Marley bivugwa ko yakunda abagore. Ivyo vyatumye akundana n’umukobwa yabaye uwa mbere mu bwiza kw’isi mu mwaka w’1976 yitwa Cindy Breakspeare. Uwo mukobwa baravyaranye umwana w’urukundo bise Damian, akaba ariwe muhungu wa nyuma wa Bob Marley. Yavutse mu mwaka w’1978. Bivugwa ko bakundanye cane kuko yaranamuririmbiye urururirimbo yise Turn your light down.

8) Bob Marley yarakunda umupira w’amaguru

Yarivugiye ati : "Umupira w’amaguru (football) ni urukundo, ndawukunda kuko kugira uwukine bisaba kuba umunyarukundo, ni nk’ubwisanzure".
Aha akaba yaranavuze ko mu mupira w’amaguru ariho akorera imyimenyerezo ngororamubiri, nk’ uko vyatangajwe na Francis Dordor, umumenyeshamakuru yanditse igitabo kuri Bob citwa Destin d’une âme rebelle.

9) Bob Marley ashobora kuba yarakunda imodoka zo mu bwoko bwa BMW

Nk’uko uwanditse igitabo ku buzima bwa Bob Marley yabivuze, Bob Marley yakunda BMW, ndetse yabona ko ijambo BMW ryoba rishaka gusigura "Bob Marley and the Wailers : "Nkunda BMW kubera ko ivuga Bob Marley and The Wailers, kandi ni imodoka nziza cane".
Ariko mukamenya ko ijambo BMW risigura mu majambo yose Bayerische Motoren Werke.

10) Bob Marley yoba yarasize abana bari hagati ya 11 na 40

Bob Marley yemerako yapfuye afise abana 11 yavyaye ku bagore 7 bose.
Bamwe mu bana biwe, baramukurikiye baba abaririmvyi. Ni nka Ziggy na Damian banabaye ibihangange. Uwitwa Rohan, we yamenyekanye kubera yarongoye igihangange mu muziki Lauryn Hill.

Bob Marley yarakunda agatabi k’urumogi kuko yizera ko karuhura imitima, yaranka cane inyama agakunda kwirira imboga. Mu baririmvyi yakunda Bunny Wailer.
Mu mwaka w’1977, ibipimo vyo kwa muganga vyerekanye ko arwaye cancer yo mw’ino ryiwe rikuru. Bob Marley yanseko ko iyo cancer bayiturira kuko ngo vyari binyuranye n’imigenzo y’aba rasta. Ibipimo vyo mu mwaka w’1980 vyerekanye ko cancer yari imaze gufata umubiri wiwe wose, ico yakoze Bob Marley yirinze kugira ico abwira abakunzi biwe kuri iyo ndwara, ahubwo yabandanije ibikorwa vyiwe vy’indirimbo n’umwete mwishi.
Mu gitondo c’itariki ya 11 Rusama1981, mu bitaro vya Kaminuza vy’i Miami, hatangajwe inkuru mbi y’urupfu rwa Robert Nesta Marley, ariwe Bob Marley.


IGIHE

Messages

  • Yarumuririmyi rurangiranwa umuzikiwiwe wuratomeye nabanyaburayibaramukunda

  • ubumarayanikuvakera nuwonawe

  • ohohoh! mugisagara ca bujumbura bariko bamuhimbaza,tuvugane ukuri abarasta bino iwacu i BURUNDI ubwo barakurikiza ivyamuranze? kiretse icambabaje kukurongora abagore benshi,ehe layan story baririmba ivya politic ehe BOBO Rugurika aririmba iki ico yamukuyeko nubusananyi ntawe yaha akazi atabanje kugarama,akarorero ni UMUTONI Adeline

  • KUBERIKI IYOHABAY IMISIMIKURU YOKWIBUKA ABARIRINVYI BATIGEZ BARIRIMBA IZ’IMANA ABANTU BABAHA IVYUBAHIR BIRENZ? UMUSI MUKURU WOKWIBUKA UMWAMI YESU KUMENGA WITABWA NABANTU BARIKURUSHI! TURAGAB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.