IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BRB yanse ko abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya bahembwa (...)

BRB yanse ko abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya bahembwa amadolari

dimanche 20 Nzero 2013

Abasirikare ba AMISOM b’abarundi bigiye bagiye gucungera amahoro n’umutekano muri Somaliya ngo bagiye gutangura guhembwa mumafaranga y’amarundi kuva mu kwezi kuza kwa Ruhuhuma mugihe bahora bahembwa mu madolari. Ibanki nkuru y’u Burundi BRB yarasohoye itangazo aho rimenyesha iyo ingingo.

Igisirikare c’u Burundi kivuga ko atavyishi kazi kubijanye niyo ngingo. Colonel Gaspard Baratuza avugira igisrikare avuga ko bobo ico bakora ari ugusigurira abasikare babo kugira bategere ko ari umugambi wa Reta. Akavuga ko bibaza Ko ari ibanki nkuru y’igihugu BRB yoba ishaka gucungera agaciro k’amafaranga ngo kuko atari vyiza ko amafaranga y’agaciro agendera mu mifuko y’abantu vyohava bitera isubirinyuma ry’ifaranga ry’u Burundi.

Colonel Baratuza akavuga ko abasirikare vyerekeye bobitegera uko kuko nakare amafaranga yose akoreshwa mu nzego zose acungerwa niyo banki, ngo bategerezwa kuvyemera rero. Ariko muri iryo tangazo, BRB imenyesha ko bazoronswa amafaranga makeyi y’agaciro mugihe bazoba bariko baragenda muri Somaliya canke mugihe bazoba bariko bararangura akazi kabo ngo ariko bashitse mu Burundi bagahembwa mu marundi.

Uwo muvugizi avuga kandi ko bidatangaje kuko n’abandi bari kumwe n’abasirikare b’aburundi muri AMISOM muri ico gihugu ca Somaliya nka Uganda nabo nyene bahembwa mu ma shilingi asanzwe akoreshwa iwabo.

Amakuru ava muberwa n’iyo ngingo akavuga ko ari uburyo bwa Reta bwo gushobora kuronka amafaranga aja mukigega ca Reta naho nyene umuvugizi w igisirikare wewe avuga ko bazobaha ayo mafaranga baravye ku giciro kizoba kigezweko c’amadolari.

kw’ifoto:Colonel Gaspard Baratuza avugira igisrikare


Reverien Bazikamwe

Messages

  • ivyo birumvikana, none bari muburundi bohembwa muma dollars gute? AHO HO RERO nabakora muma ONG bose boca bahembwa muma dollars, ivyo navyo BRB ntiyovyemera kuko muvyio ijejwe harimwo no gucungera ifaranga ryacu kugira ntirigume rita agaciro uko bukeye uko bwije.

  • nashaka kubaza iki kibazo: none abantu twari twuguruj ama comptes yacu en dollars none, BRB niyaturungikira mu marundi, ayo ma banques azoyatwakirira? nimba bazoyatwakirira vyoba vyiza kugira amafranga yumuntu aj kuri compte muri banque yishimiye. apana ko twese baca bayashira muri CECAD nkuko tuvyumva, murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.