Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Bujumbura : Abamenyeshamakuru baburagijwe n’abaporisi
Bujumbura : Abamenyeshamakuru baburagijwe n’abaporisi
mardi 29 Ndamukiza 2014
Urugendo rwari rwateguwe n’abamenyeshamakuru rwaburabujwe n’abaporisi, aho bivugwa ko barungitswe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, abo nabo baje bitwaje indembo.

Abamenyeshamakuru bamaze kwiyegeranya kugira bagire urwo rugendo rwabashikana mu kigo c’ukumenyeshamakuru aho ndetse baca batanga amaraso, abaporisi bashika nka 20 bakaba babatangiriye, ndetse barabazibira bashaka n’ugukoresha inguvu, kugira abo bamenyeshamakuru ntibashobore kujana bose. Basabwa kubanza kwambura ubupira bari bambaye, kugira bajane bose mu kivunga. Ivyo abamenyeshamakuru bavyanse, bahitamwo kugenda bambaye ubwo bupira umwe umwe.
Mu mabarabara amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, ukaba washobora kubona abamenyeshamakuru bariko baragenda bagana ikigo c’ukumenyeshamakuru. Iyo ngendo ya Saidi Juma umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ikaba yaneguwe n’abamenyeshamakuru, aho batumva ingene yobabuza, mugihe bari bafise uruhusha rw’umushikiranganji wo kumenyeshamakuru Tharcisse Nkezabahizi hamwe n’urwo muri CNC.
Mu kamenya ko urwo rugendo rwaburagijwe mu gihe, kuri uyu wa gatatu Rusama ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ubWigenge bwo kumenyeshamakuru, uwo nawo, ukaba ushitse icuka kitameze neza hagati y’abamenyeshamakuru na Reta, aho bamwe bamaze iminsi batumwako agasakisaki mu butungane kwisigura, ku makuru batanze ku birwanisho bivugwa ko vyahawe Imbonerakure za CNDD FDD.




Aristide Nizigire
Messages
29 Ndamukiza 2014, 13:23, par Bumwe
Ntivyari gushoboka kumvo izi canke ziriya ....?!ariko twibaze igituma FNL ya Jacques yaherekejwe na Police mumutekano ntangere iyo police uno musi ikabuza abamenyeshamakuru mumpe inyishu
29 Ndamukiza 2014, 19:22, par YAKO
30 Ndamukiza 2014, 08:38, par christy
Imana yo mw ijuru niyo cabona