Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi b’abanyarwanda mu giteramo i Bujumbura
Abaririmvyi b’abanyarwanda mu giteramo i Bujumbura
mercredi 4 Nyakanga 2013
Mu ntumbero yo kumenywekanisha urukurikirane rw’indirimbo ziwe, Fortran Bigirimana asanzwe aririmba indirimbo z’Imana, yarateguye igiteramo, aho yagitumiyemwo abaririmvyi bo mu gihugu c’Urwanda nka Gaby na Patient Bizimana.

Nk’uko Fortran abimenyesha, abo baririmvyi uko ari babiri bo mu gihugu c’Urwanda bazoba bari aha mu Burundi kuri uyu w’imana igenekerezo rya 8 Nyakanga, aho bavuga ko bazoba baje gufashanya na Fortran mu bikorwa vy’Imana hakiri ku murango, kuko bavuga ko bugiye kwira.

Ku bwa Gaby we, avuga ko yumva anezerewe kubona azoza guteramisha abarundi muri ico giteramo, kandi avuga ko abifisemwo n’inyungu, na cane cane ko afise nawe nyene igiteramo gikomeye cane mu Burundi, ndetse akipfuza ko ivyankenerwa azova mu giteramo ca Fortran yaheje kubitunganya. Na Patient Bizimana avuga nk’uko nyene, mu gihe nawe abona ko ari akanya keza ko kumenyekanisha indirimbo ziwe, na rirya we ngo atari kenshi amaze kuza mu Burundi.

Twobamenyesha ko ico giteramo kizobera kuri Odéon Palace, kikazoremeshwa na Fortan Bigirimana n’abatumire batandukanye harimwo nka Appolinaire, Dudu, Fabrice, Gaby na Patient.
Joel Sengurebe