IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Ibarabara Avenue de l’Amitié rirateye agahinda

Bujumbura : Ibarabara Avenue de l’Amitié rirateye agahinda

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Ibarabara Avenue de l’Amitié riri mu gisagara ca Bujumbura rirateye isoni n’agahinda, mu gihe risigaye ryuzuye ibiziba, ibinogo navyo bikaba birihera amaja ku mutwe waryo gushika hafi ku mpera.

Kuva hatanguye kurwa akavura kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza uyu mwaka n’irya 18 mu gatondo, iryo barabara rigoye gucamwo, yaba abagenda n’imiduga canke abagenda n’amaguru. Imiduga ishitse muri iryo barabara imwe ukaba womenga iguye mu gishimu, kuko amazi yaryuzuye mu binogo biri muri ryo. Abagenda n’amaguru bo bavuga ko ubwanwa bwapfutse umunwa, kuko basigaye babona boca ahandi, kuko bashika iyo baja buzuye urwondo, canke imiduga ikabatako urushanga, bagashika iyo baja bayoberanye.

Bamwe mu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE kuri iryo barabara rya Avenue de l’Amitié, bavuga ko biteye isoni kubona ibarabara nk’iryo hagati mu gisagara, ku mugwa mukuru w’igihugu. Bagatangazwa n’ingene iryo barabara vyanse ko rikorwa kandi amafaranga yo kurikora babishatse muri Reta batoyabura. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe ibikorwa vy’amabarabara ndetse n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kwikubita agashi, iryo barabara rigakorwa mu maguru masha, kuko riza isoni igisagara cose.

Tukabamenya ko iryo barabara rica imbere ya SOCABU hamwe n’insamirizi ya ISANGANIRO. Eka ndetse iryo barabara rikaba risohoka rija guhura n’ibarabara ryitiriwe UPRONA, iryo naryo rikaba ririko amwe mu mazu akoreramwo abaserukira ibihugu vyabo, bamwe mu bakozi ba Reta y’Uburundi n’ayandi mashirahamwe akomakomeye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jews murantweza kugera n’ubu ntimurabona ABA DD ko atakindi bashoboye Atari ukwica no kwiba gusa none wombwira ko habuze amahera to kuryubakisha?Ko batabura ayo bubaka amagorofa nta bindi ni batubise twe naRwasa dutware igihugu tubereke ubudasa ivyo bimenja navyo tubirungike i Lahe baje gukinirayo urubugu,Barundi nkunda ni mwihangane gato 2015 muziruhutsa mutunge mutunganigwe kko igiturire n’ubunyonyezi bizona umugani discipline ya Mutama Rwasa murayizi!!!Viva Rwasa we can’t wait to see u as our president Lol!

  • @Bifaranga, nashaka kukubwirako ahobukera Rwasa azofatikanya naboba DD wifatiramugahanga mazewewe urikurashusha uruhigi ngo urakunda Rwasa kandurumwangushi kuri Rwasa nokuri DD uzosigara umaramara! Ndagusubiriremwo wewe ntukunda Rwasa ntanagashatsi yarabahinyuye ntimwihende ngomuzomusubira ubugirakandi mwabonye mwaramuhabuyebirakunda mucamwibaza ngonubundi muzobikora bikunde? Kugiranamwe abakomeshe azopfuma akorana na DD imyaka 5 hanyuma aba DD nibabona ukuntu babanyeneza bazobabafise kwihitiramwo FNL canke CNDD FDD kubandanya igihekirekire hazoza haratsinda CNDD FDD ikindigihe hatsinde FNDD guryoguryo abarundi bazogerigihe babimenyereko iyomigambwe ibiri ariyo izirakurakuranywa mugutwara igihugu, kandintuzotangare ahuzobonera FNL yatsinze amatora ugasanga CNDD FDD yabayiyambere mugukeza itsinzi ya FNL do you know what I mean Bifaranga?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.