IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bujumbura : Inama yo kurabira hamwe ingene bokinga impanuka

Bujumbura : Inama yo kurabira hamwe ingene bokinga impanuka

mardi 25 Munyonyo 2014

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya impanuka mu Burundi, Général Edouard Nibigira yatunganije kuri uwu wa mbere inama yo guhanahana ivyiyumviro, yahuje abaporisi, n’abasirikare basanzwe bakora muri ico gisata.

Intumbero y’iyo nama ikaba kari akaryo ko guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ingingo bofata, mu ntumbero yo gukinga impanuka (les catastrophes), hamwe n’inyifato bogira mu gihe izo mpanuka zishitse.

Iyo nama ikaba yabaye mu gihe abanyagihugu basanzwe baba mu karere ka Gatunguru mu buraruko bw’ igisagara ca Bujumbura, basaba ko uruzi Gasenyi rwosubizwa ku murongo rukareka kuza rurata inzira yarwo, aho rwatumye haba imyuzurira yahitanye abantu n’ibintu, mu kwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka w’2014.

Abari muri iyo nama bakaba batanze intererano y’ivyokorwa vyokorwa abafata ingingo gushiraho ibikorwa vyo kurwanya impanuka yaba i Bujumbura canke ahandi.

Ibikorwa vyo guhimiriza bikaba bitegekanijwe ku banyagihugu kugira birinde kwubaka impande y’amakambi y’igisoda, kuko usanga atunze ibirwanisho bishobora guturika umwana uwo ariwo wose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.