IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Ubucamanza bwafashe ubutunzi bwa Gen Gilbert Diendere

Burkina Faso: Ubucamanza bwafashe ubutunzi bwa Gen Gilbert Diendere

dimanche 27 Nyakanga 2015

Ubucamanza bw’igihugu ca Burkina Faso bwafashe ubutunzi bwa General Gilbert Diendere yari arongoye abasirikare batembagaje ubutegetsi kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015 muri ico gihugu.

Itangazo ry’ubucamanza rivuga kandi ko hafashwe bw’abandi bantu 13 bakekwa ko bagize uruhara muri iryo tembagazwa ry’ubutegetsi bw’imfatakibanza burongowe na Michel Kafando. Muri abo harimwo abarongozi b’imigambwe ine harimwo n’uwo uwahoze arongoye igihugu Blaise Compaore.

Kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2015, Reta irongowe n’abanyagihugu yitavye inama nshikiranganji,ica ifata ingingo yo gusambura igisirikare gishinzwe gucunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu.

Umurwi w’abasirikare bari muri abo bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu,nibo bari bafashe abashikiranganji babagira imbohe,mu gihe batembagaza ubutegetsi.

Abantu 10 nibo bapfuye, abashika 100 nabo barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nibamufate uwo mugesera adahimba ivyisi imyaka yaramaze atwara etat major ntiyabonako bwari ubutware?ndahanura nabandi bagifise agatima kama coup d’etat ko bohigira icirwa.

  • abo ninkabamwe biburundi bihisha inyuma yimyiyerekano kandi bashaka gusubira gutwara abantu babacuritse uburundi ntanyiyerekano babonye iyo kudeta ikunda iya sndd fdd yari guhagarika uburundi bwose kugeza tubakuye twari kubikora nihashimwe ingabo zumutima zavyanse abenegihugu turabakeje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.