Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Fasso : Imyiyerekano yo gushigikira abarundi yabaye
Burkina Fasso : Imyiyerekano yo gushigikira abarundi yabaye
jeudi 7 Rusama 2015
Abanyagihugu bo muri Burkina Fasso, bazindukiye mu myiyerekano yo gushigikira abarundi, mu kwyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Abo bitavye iyo myiyerekano, bakaba bahuye igihe c’isaha zibiri ku buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, baca batangura imyiyerekano. Abo banyagihugu, basaba abarundi kubandanya biyamiriza ico kiringo kidahuye n’amategeko, ko bazoshika ku vyo bipfuza. Abo banyagihugu bahurikiye mw’ishirahamwe Balai Citoyen, bakaba aribo bomoye Blaise Compaoré ku butegetsi mu gihugu ca Burkina Fasso ku wa 31 Gitugutu umwaka uheze, igihe nawe yashaka kwigumiza ku butegetsi.
Twobamenyesha ko imyiyerekano mu Burundi ibandanya, abantu nabo bagera kuri 15 baramaze kuhasiga ubuzima, batatu bakaba bitavye Imana, mu gatondo ko kuri uyu wa 7 Rusama, abandi benshi bakomeretse.


Aristide Nizigire
Messages
7 Rusama 2015, 14:19, par snake
Turabashimiye Cane kukuntu biboneka ko abanyagihugu bo muri Burkina Faso badushigikiye,kandi bumva amarira yacu!Nibakomere tuzobagendera umunsi umwe turiko twiginana intsinzi!mugihe tuzoba twomoye umuperezida agomba kutugira abaja.
7 Rusama 2015, 15:02, par Mareshal
Burya muburundi iyataba amacakubiri ya tumugaje,iyataba ugutinya gusubira mukahise kabi,abarundi isinzi baba bari mwibarabara biyamiriza iki kiringo ca 3.kandi inyuma y’imisi 2 gusa inyishu yarikuba yabonetse.None rero mercie pour les bourkinabais de nous encourager et de votre soutient innoubliable.Abarundi bizeweko vyinshi nitwe twabaye akarorero keza muri democratie n’ukubana neza muri kano karere,nitwahonyanga ibwirizwa shingiro,tuzoba duhaye inguvu n’ibindi bihugu duhana imbibe.
7 Rusama 2015, 15:10, par bebe
Mungu wetu ni muzima
7 Rusama 2015, 16:44, par JANVIER
NON PRESIDENT NTIYUMVA KO ISI YOSE IVUMA,IKINDI NACO MURI CNDD FDD NIWE MUSHINGANTAHE WENYENE KUBURYO BADASHOBORA KURONKA UWUNDI MUKANDIDA.NABO NYENE NTIBIYEMERA.NDABASHIMIYE ABA BURKINABAIS
7 Rusama 2015, 18:52, par Nuwera
Ngobasaba abarundi gukomeza kwiyamiriza icokiringo kidahuye namategeko? Bobabashatse kuvuga amategeko ya Bur Kina Faso kwariyo atubahirijwe mu Burundi!?.
7 Rusama 2015, 20:23, par sabimana.régis
EEE!!.NUKIRI.JEWE,MBONAKO,WOHEBA,KWITAZA.KUKO,ABANTU.BAHUNZE.ARIBENSHE.KOBAZOHUNGUKA.ARIBENSHE.IBINTU.BARABIGURISHIJE.NONE,TURIKO.TURAVAHE?.TUJAHE?
7 Rusama 2015, 20:24, par mugisha floribert
arik none batwipfurizik?ico bomenya akaryoshe ntigahora mwitama kand ako nakarorero kabi bariko bareka twebw les futures
7 Rusama 2015, 20:49, par MANISHIMWE Fabrice
Burya muri africa intwaro zose ni kimwe twari dukwiye kubona ko dukwiye gufatana munda kubera abakuru b’ibihugu vyo muri Africa umengo barabaroze. Umunyafrica agiz ingorane twese twari dukwiye kumufata mumugongo ukwo dushoboye. Merci bcp Balai Citoyen!!!
7 Rusama 2015, 22:04, par nuwirabura
nuwera wowe ushigikira cyane uzatwengwa cyane hari kera sha ubu ntibikunda wowe na petero muzumirwa ubushinwa n uburusiya ibihugu bitagira agateka ka zina muntu nibyo bibari inyuma huuu murahumba muranywa umuti
8 Rusama 2015, 09:03, par jeremie havyarimana
jewe icombona nuko abarundi bofatana mu nda
8 Rusama 2015, 10:39, par nayisi bizohinduka
ahubwo amakungu nafashe burkinafasso badutabarize kuko umunyagihugu muburundi adashigikiye imana nkurunziza agigwa nka daniel ahoyatabga mucobo c’intambge ariko nibamenye ko twese turi bene mugab’ umwe kandi ko atawusangira n’uwutabega uwutwara ko atwarira bose
9 Rusama 2015, 18:36, par MUHARE ZAZI
Ico twobona nukuri isi yose nihaguruk idukureko ikigirwamana nkurunziza gihamana n’abagomba kwiga.raba mfyondantahe cank ecofo,suspension de la bourse n’ubundi bwicanyi kubarundi,yemwe yemwe!!!!twomokere kwa obama dufatwe nimbonerakure!ahaaa
9 Rusama 2015, 20:00, par jonas barutwanayo
Imana Niyo Yonyene Yo Gutabara Uburundi Kuko Ntamunyakuri Ndahabona Kwigumiza Kubutegetsi Sinzi Inyungu Abantu Bariko Barapfa Uwutohunga Ntanumutima Yoba Agira
9 Rusama 2015, 20:02, par jonas barutwanayo
Imana Niyo Yonyene Yo Gutabara Uburundi Kuko Ntamunyakuri Ndahabona Kwigumiza Kubutegetsi Sinzi Inyungu Abantu Bariko Barapfa Uwutohunga Ntanumutima Yoba Agira
13 Rusama 2015, 20:15, par J.M
None Ko Ubwobutetsi Mwe Mubuharanira Buzotsindirande Petero Mbona Yogaruka Agatora Utwiwe
14 Rusama 2015, 13:59, par @ss
Mana None Ugira Waraduhevye!Tabara Uburundi Burageramiwe Petero Naw Amenyeko Atariwe Yize Muburundi Wenja Abarundi Botwara Igihugu Kandi B’umutima Ni Benshi Cane Ameny Ko Imana Izomubaza Kuva Atanguye Gutwara Ivyiza Yakoze N’ibibi Ndibaz Ivyiza Nivyo Bike!Imana Imufashe%