IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Burundi : Abavyeyi bahimirizwa gutandukanya imvyaro

Burundi : Abavyeyi bahimirizwa gutandukanya imvyaro

lundi 1er Nyakanga 2014

Mu ntumbero yo guteza imbere umugambi wo kuvyara ku rugero, Reta y’Uburundi iritayeho guhimiriza abanyagihugu gutandukanya imvyaro.

Gutandukanya imvyaro bituma umuvyeyi ashobora gusubira kuronka inguvu zikwiye kugira ashobore kwitaho ico kibondo aba yibarutse, hamwe no gukora kugira ateze imbere umuryango wiwe, nk’uko bimenyeshwa na Juma Ndereye, umuyobozi mukuru ajejwe umugambi w’igihugu w’irondoka rijanye n’amagara meza, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe no kurwanya umugera wa Sida. Ku bwiwe, kudatandukanya imvyaro n’ikibazo gihanze Uburundi, kuko mu matohoza yakozwe mu Burundi mu mwaka w’2010, yerekanye ko abana bitaba Imana ari benshi cane, kuko ku bana 1000 bavuka, amajana atanu aribo bapfa. Kubwa Muganga Juma Ndereye, ni ikibazo gikomeye kuko ugereranije no mu bindi bihugu biteye imbere ibitigiri vy’abitaba Imana ni bike cane aho nko mu gihugu ca Finlande na Suède, abana batatu gusa nibo bitaba Imana ku bihumbi ijana bavuka bakomeye.

JPEG - 78.1 ko
Juma Ndereye, umuyobozi mukuru ajejwe umugambi w’igihugu w’irondoka rijanye n’amagara meza, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe no kurwanya umugera wa Sida

Mu ngorane zihari muri ico gisata kijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, iya mbere akaba hari abana batwara amada bakiri bato, bari munsi y’imyaka 18, abo nabo ugasanga bashobora guhura n’ingorane zishobora guhitana ubuzima bwabo. Iyindi ngorane, n’inda zivyarwa n’abapfasoni bakuze ugasanga bararenza imyaka 35. Iyigira gatatu, ni inda usanga zegeranye cane kandi hari ikiringo abahinga mu buganga bahanura abantu kugira baze baratandukanya imvyaro. Abahinga nabo mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza bakaba basaba gutandukanya imvyaro inyuma y’imyaka itatu n’imiburiburi, uwo mwanya ukaba ari mwiza cane ku muvyeyi kugira ashobora gutora inguvu hamwe n’uwo mwana aba yavutse, bigatuma aronka urukundo rukwiye. Ariko mu Burundi usanga abavyeyi bavyara badatandukanije imvyaro, bigatuma abo bana baba bibarutse bataronswa urukundo rukwiye.

Imbanyi usanga zegeranye ziratuma haba impfu nyinshi, ivyo rero bigaca bikurikirwa n’ifungura nabi ritagira uko rivugwa, bigatuma abana bahura n’indwara nyinshi, mbere hakaba n’izibahitana bakahasiga ubuzima. Mu Burundi, hari abavyeyi bagira imvyaro nyinshi kandi abahinga bavuga ko inyuma y’imbanyi igira gatanu, umuvyeyi aba ashobora guhura n’ingorane.

Ivyo vyose rero ni ivyerekana isano riri hagati yo gutandukanya imvyaro hamwe n’ibitigiri vy’abana n’abapafsoni bitaba Imana, ari naco gituma hari umugambi wo gushira inguvu mu kuraba ingene botorera inyishu y’ivyotuma mu Burundi amagara y’abavyeyi n’ibibondo yifata neza, nk’uko muganga Juma Ndereye abandanya abimenyesha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.