IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Burundi : Hatowe integuro yitegeko rigiye kworohereza abagendana (...)

Burundi : Hatowe integuro yitegeko rigiye kworohereza abagendana ubumuga

vendredi 7 Ntwarante 2014

Abagendana ubumuga mu Burundi bagiye gutezurirwa haba mu mibereho yabo ya minsi yose, canke mu kuja mu nzego z’igihugu kubw’integuro y’itegeko yaraye itowe mu nama nshimateka rigiye kubagenga.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji wo gufatana mu nda no gukingira agateka ka zina muntu, Clotilde Niragira, integuro y’itegeko yaraye itowe ikaba ifise intumbero yo guteza imbere abagendana ubumuga, kubashigikira no gukingira agateka kabo. Clotilde Niragira akaba yabishikirije kuri uyu wa kane wa 6 Ntwarante 2014, igihe yariko arasigura iyo nteguguro y’itegeko yorohereza abagendana ubumuga imbere y’abashingamateka kugira ngo yemerwe.

Clotilde Niragira umushikiranganji wo gufatana munda

Kuri iyo nteguro y’itegeko yaraye yemejwe, Uburundi bukaba bwiteguriye gutora ingingo zose zijanye nayo, haba mu bijanye n’amategeko ngenderwako canke amategeko afasha gushira mu ngiro ivyumvikanyweko, hamwe n’ingingo zizohindura amategeko atahora yubahiriza canke yorohereza abagendana ubumuga mu Burundi.

Mu matohoza yakozwe mu Burundi mwaka w’i 2008, ku bantu baba mu Burundi n’imibereho yabo, ibice 4,8 kw’ijana vy’abarundi barenga imiriyoni umunani, bagendana ubumuga bugeze ku rwego rwo hejuru. Ku bwa Clodilde Niragira, umushikiranganji wo gufatana mu nda, hakwiye kugirwa icirwa kizokwerekana neza imice y’abagenda ubumuga bose, hamwe n’ivyo bakeneye kugira Reta igire icikoze kuri bo. Akavuga kandi ko ivyo ari vya nkenerwa, kuko hakiri abavyeyi bakinyegeza mu mihana abana babo bagendana ubumuga.

Ku bijanye n’ikumirwa rikorerwa cane abagendana ubumuga, umushikiranganji Niragira yamenyesheje ko ibwirizwa nshingiro rivuga ko “ ata muntu n’umwe agenewe gukumirwa ngo ni uko afise ubumuga bwo ku mubiri, canke bwo mu mutwe” ariko riribagira no gushiramwo abagendana ubumuga bwo kutumva, kutabona hamwe n’abanyamwema, mu bagendana nabo ubumuga mu bandi.

Bimwe mu bikorwa vy’ikumirwa vyashikirijwe bikunze kwigaraza kubagendana ubumuga, akaba ari ibijanye n’imigirwa aho usanga abagendana ubumuga bibagora kuronka abo bukana urwabo, abanyemwema bakicirukanwa mu miryango, abakoresha badashobora gutora abakozi mu bagendana ubumuga, kutakirwa neza mu kibano, abavyeyi badashobora kurungika abana babo mu mashure kubera ubumuga baba bafise, hagira abaja mu mashure naho, abigisha ntibabafate co kimwe n’abandi bakomeye.

Mwomenya ko mu bikorwa vyo gutora integuro y’itegeko rigiye kugenga abagendana ubumuga mu Burundi, umushikiranganji yashikirije ibijanye n’ubuzima abagendana ubumuga babayemwo, ivyankenerwa kuri bo n’ivyokorwa, kugira nabo baze bashobore kuja mu matora nk’abandi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.